Ishema rikomeye ku bafana ba mbere bashyashya banjye! Kondeboy Mc Mecha-love
Warubizi TV
CJS-DDN
Big shout-out to my newest top fans! Kondeboy Mc Mecha-love
16/05/2025
Muri Rusangi imyiyamamazo iriko igenda neza kumpande zose naho bitoroshe gukora nkuwigenga Haba hakenewe ibintu vyinshi Uburyo , inguvu, umwanya , abafatanya bikorwa, abahanu*i
Icusabwa ni like no gupartaga kubandi
Umushingamateka yigenga aserukiye intara ya Bujumbura. Tumutore ni numero 22 MURAKOZE ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ง๐ฎ๐ค๐ค๐ค๐ค
15/05/2025
Amahoro NCUTI zanje mfasha gupostinga uyu Murundi wumu Jeune akiri muto azoserukira intara ya BUJUMBURA. Mumatora yabashingamateka bigenga YA 2025 icusabwa nugushigikira indoto ziwe mukuzomutora nihagera nokumwamamaza gushira udufoto twiwe kuri status nimba ataco bitwaye kanatsinda ntaco bitwaye
MURAKOZE Ndabashimiye uko mugiye kubikora
09/05/2025
๐ uruvyiruko*
*โUruvyiruko ni ejo haza, ariko nโejo ni uyu munsi. Tora Minani Vital โAK V8โ, uharanira inyungu zโuruvyiruko nโiterambere rishingiye ku bumenyi. โ โ*
01/05/2025
Uyu ni umukozi w'Imana Chris Ndikumana, Imana yamuhagurukije mu gihe gikwiye kubw'igihugu c'Uburundi ariko kandi ariko arabera umugisha isi yose , benshi mu mu zi mu kiganiro gica kuri WhatsApp citwa Kanguka no mu bikorane bikomeye vyitabirwa n'abantu isinzi bava mu bihugu bitandukanye asanzwe ategura vy'impemburo no kubohoka ku bantu bo mu bihugu bitandukanye, Ivyivugo vya Kanguka: Kwemera ubugombe bw'Imana ,Inyishu y'ibibazo ni gusenga kandi mu gusenga kirazira kwidodomba.
Arangwa no guca bugufi no kugira indero yo gusenga no gutebana n'Imana (discipline of praying) akunda guhamagarira abantu kwemera ubugombe bw'Imana kuko aribwo bwiza ,tubwire nawe muri commentaires ikindi kintu usanzwe u*i canke wize ku mukozi w'Imana Chris Ndikumana
25/04/2025
โผ๏ธ๐ฐ๐ป๐จ๐ต๐ฎ๐จ๐๐ถ ๐น๐๐ถ ๐ฒ๐ผ๐ฉ๐ฌ๐บ๐ฏ๐ผ๐๐จ
Ubushikiranganji bw'Amazi meza, Amasoko Ntanganguvu, Ubutare n'Agataka bumenyesha ko bwabonye kuri uyu musi wa gatanu igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2025, abantu butazi ico bagamije gukora, bakwiragiza ku mbuga ngurukanabumenyi, ko ibiciro vy'ibitoro kw'ipompo vyoba vyadugijwe. Bubicishije mw'itangazo bwasohoye kuri uno wa 25/04/2025, ubwo bushikiranganji bwabeshuje ayo makuru, aho bumenyesha abenegihugu bose ko ibiciro vy'ibitoro biriko birakurikizwa ari ibiri mw'Itegeko nshikiranganji Nยฐ 760/CAB/590/2024 ryo kuwa 18 Ruhuhuma 2024 ryerekana ibiciro vy'ibitoro. Ubwo bushikiranganji burangiza buhumuriza abenegihugu bose ko ata biciro vy'igitoro vyadugijwe.
23/04/2025
Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 23 Ndamukiza ku kirimba c'umukuru w'igihugu i irongowe n'umukuru w'Igihugu .
Ibintu bitatu bikaba arivyo vyari ku rutonde rw'ivyigwa :
1. Integuro y'itegeko risubiramwo itegeko rigenga abantu n'imiryango
2. Ibikorwa bizorangurwa n'ubushikiranganji bw'ubutungane n'ishirwa mu ngiro ryavyo,
3. Integuro y'itegeko rishiraho umurwi w'abakurikirana ishirwa mu ngiro ry'umugambi w'igihugu ujanye n'ivyo gufashanya mw'iterambere hamwe n'utuntu n'utundi.
23/04/2025
Cishamwo usamare gato...
Ubuhinga bwa none bugeze ku rugero rutangaje cane.
Iyi foto yarahanahanywe cane ejo, inyuma y'urupfu rwa Papa Francisko. Rwerekana Papa Francisko yakiriwe n'abandi ba Papa batanu babayeho imbere yiwe. Uwutabizi yokwibaza ko ino foto yabayeho, arikoni ifoto itanashoboka.
Musomyi, gerageza turabe aba Papa ushobora kumenyamwo hano...
Waru*i ko muri bano ba Papa hariho babiri bigeze kuza mu Burundi ? Umwe yaje ari Papa, uwundi yaje akiri umwepiskopi mu Butaliyano.
20/04/2025
๐ ๐๐ช๐จ๐๐ฉ๐๐ฃ๐ฉ๐๐ง๐ ๐ฌ๐ ๐๐ค๐ข๐๐ฃ๐ ๐๐ช๐๐ช๐ฉ๐ ๐ฎ๐ค๐๐ ๐๐ ๐ค๐ง๐๐ง๐ ๐๐?
Indongozi za Komine zisabwe gusubira gukorera akazi kazo ku biro vya komine biri ku mugwa mukuru wa Komine , zigatunganiriza abenegihugu nk'uko bitegerezwa.
Kuri uwu wa gatandatu, igenekerezo rya 19/4/2025, Umunyamabanga ntayegayezwa mu Bushikiranganji bw'Intwaro yo hagati mu gihugu, interambere rusangi n'umutekano, Ndarufatiye Thรฉophile, yarishikiye muri Komine , mu ntara ya .
Imvo y'urwo rugendo, ngo yari agiye gusubiza ku kivi Musitanteri w'iyo Komine yari amaze igihe yidogerwa n'abenegihugu bo mw'iyo komine kuko atari agitonda ku mugwa mukuru w'iyo Komine .
Umunyamabanga ntayegayezwa yabanje kugiriranira inama n'indongozi zitandukanye zo mw'iyo komine, kuva ku mutumba gushika ku bahanu*i ba Musitanteri hamwe n'abaserukira ubu*i mw'iyo Komine, akaba yabahanuye kwitaho abenegihu kuko ari na co batorewe.
Mw'iyo nama nyene niho abenegihuhu bemeza ko Musitanteri atagitonda ku biro biri ku mugwa mukuru wa komine , ngo ahubwo wewe asigaye akorera ku bindi biro biri mu . Uravye urugendo umwenegihugu agira kugira yiture Musitanteri, ngo agasanga ibiro birugaye ngo ni ikintu kibabaje cane.
Ndarufayiye Thรฉophile yaciye ategeka Musitanteri w'iyo Komine ko abwirizwa kwama atonda ku biro vya komine biri i , amubwira ko amenyako ata biro biri mu , ko abwirizwa gutunganiriza abenegihugu afadikanije n'abahanu*i biwe bose.
Inyuma y'iyo nama, Umunyamabanga ntayegayezwa yaciye amusubiza mu biro, anamubwira ko adakurikije izo mpanuro izindi ngingo zizoca zifatwa.
19/04/2025
๐ข๐ด , : Basabwa gusidukana n'iyonka
๐ฃUmukuru w'igisagara ca Jimmy Hatungimana, yateye akamo abenegihugu bo mu makomine agize igisagara ca Bujumbura, gusidukana n'iyonka kuri uwu wa gatandatu uza igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2025, mu bikorwa rusangi bizokorerwa ku kibuga c'umupira w'amaguru kugira umusi mukuru wahariwe abakozi n'akazi uzobere ahantu hasukuye neza.
๐งนIvyo yabishikirije kuri uwu wa 19 Ndamukiza 2025, aho yari aramutse yifadikanya n'abenegihugu bo muri komine mu bikorwa rusangi vyabereye imbere y'ikibuga c'umupira w'amaguru citiriwe Intwari.
๐Mu ntumbero yo gusukura neza igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana yama yatanze intumbero ku makomine agize ico gisagara, ko basukura aho babaye. Muri Mukaza, Jimmy Hatungimana yasanze abenegihugu bavyitabiriye
โฝ๐ฅ
Tubibutse ko ikibuga c'umupira w'amaguru citiriwe intwari kiriko kiraherahezwa kugira ngo gitangure kwakira inkino.
Click here to claim your Sponsored Listing.
