28/05/2026
Uburundi bwaritavye inama ngarukamwaka y'Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD, kuva kuwa 26 Rusama 2026 i Brazzaville mu gihugu ca Congo
Muri izi nama, Uburundi bwaserukiwe n'Icegera c'Umukuru w'igihugu Prosper hamwe n'Umushikiranganji w'ikigega ca Reta, ubutunzi n'iterambere rishimikiye ku buhinga bwa none, Dr Alain .
Ku ruhande rw'Uburundi, izi nama zifatwa nk'izidasanzwe kubera ziri mu rukurikirane rw'umurindi wo gutororokanya uburyo nkenerwa bwo gushira mu ngiro ibikorwa vyihuta kurusha ibindi mu bisata bitandukanye vy'inyubako, amasoko ntanganguvu, iyinjira ry'Uburundi mu karere, ibiheza bigafasha gushira mu ngiro ya mbonokazoza ya 2040-2060.
13/05/2026
Umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, ubutunzi n'iterambere rishimikiye ku buhinga bwa none, Dr Alain Ndikumana, yashikirije Inama Nshingamateka integuro y'ibwirizwa ryemeza amafaranga Reta yakoresheje mu mwaka wa 2024 ushira uwa 2025.
Iki gikorwa cerekana ingene Reta yashize mu ngiro ibikorwa hisunzwe uburyo yahawe, amafaranga yashoboye kwegeranywa mu makori, ayo yakoresheje ndetse n'umusaruro wavuye mu bikorwa Reta yashizemwo amafaranga.
Umwaka w'amafaranga wa 2024-2025 warangutse mu gihe igihugu cariko kirasubira kwiyubaka mu vy'ubutunzi aho urugero rwari rugeze ku bice 4,1% mu mwaka w'2024. Ico gihe, iduga ry'ibiciro ryavuye ku bice 27,1% riramanuka rija ku 20,2%, igihengeri c'amafaranga naco kiragabanuka.
Amakori yari ategekanijwe gutozwa uyo mwaka, yaratojwe gushika ku bice 107,96%. Ibi vyashimangiye utwigoro Reta y'Uburundi yakoze mu gisata co kwegeranya amakori n'amatagisi hagati mu gihugu.
Hambavu y'ibi biharuro, iyo nteguro y'ibwirizwa ifasha gusuzuma ingene impinduka zazanywe mu gisata c'ubutunzi ziriko ziratera imbere, na cane cane mu bijanye na "budget-programme", gukoresha ubuhinga bwa none mu kwegeranya amakori 'e-KORI', gutunganya ubuhinga bwo gukurikirana ingene ubutunzi bwa Reta bukoreshwa SIGFP, hamwe no gukurikiranira hafi amakonti yayo.
Inyuma y'ibiganiro Umushikiranganji yagiranye n'abashingamateka, iyi nteguro y'ibwirizwa yahavuye yemezwa 100% n'abari bashashe.
12/05/2026
Integuro y'amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2026-2027 : ibikorwa bigeze muri "arbitrage"
Iki gikorwa ubwaco, ni Umushikiranganji w'ikigega ca Reta, ubutunzi n'iterambere rishimikiye ku buhinga bwa none agihagararira. Ni muri iyo ntumbero kuva kuri uyu wa 9 Rusama 2026, mu bushikiranganji bw'ikigega ca reta hahuriye abashikiranganji ndetse n'abarongoye izindi nzego za Reta, kugira barabire hamwe ibikorwa bashize imbere muri uyo mwaka w'amafaranga ugiye kuza ndetse n'uburyo butegekanijwe mu kigega.
Iki gikorwa, gifasha guhitamwo ibikorwa bikenewe kurusha ibindi kandi bifitiye akamaro umwenegihugu, bigaterera kuzoshika mu mbonokazoza.
"Arbitrage budgétaire", itunganywa inyuma y'ibiganiro biba vyahuje abahinga b'ubushikirangaji n'ibigo bitandukanye vya Reta n'abahinga b'ubushikiranganji bw'ikigega ca Reta. Kuri iyi ntambwe, niho hemezwa ivy’imfatakibanza ibikorwa bizoronswa uburyo na Reta mu mwaka w'amafaranga.
Umushikiranganji , atanguza ico gikorwa kuri uyu wa gatandatu yibukije bagenzi we ko "Arbitrage" itaza kugabanya uburyo baba barasavye kuzokoresha. Ngo nyabuna ifasha gutunganya neza uburyo bwa Reta mu bikorwa vyihutirwa, hisunzwe ibihe vy'ubutunzi igihugu kirimwo, uko cegeranya uburyo bwaco ndetse n'umusaruro uva mu bikorwa biba vyahawe amafaranga ya Reta.
Ibi bikorwa, bitunganijwe kandi mu gihe igihugu kiri mu ndinganizo nshasha aho ibikorwa bitegezwa kwisunga intunganyo yo kuva ku rwego rw'ama komine, intara gushika ku rwego rw’igihugu.
Iyi ntunganyo y'amafaranga y'umwaka wa 2026-2027, izoba igwiriyemwo ibikorwa vyisunga amahangiro igihugu cihaye, na cane cane Imbonokazoza 2040-2060.
08/05/2026
Ubushikiranganji bujejwe ubutunzi, ikigega ca Reta n'iterambere rishimikiye ku buhinga bwa none bwatanguye icese kuri uyu wa 8 Rusama 2026 umugambi PAGFPI, ufashwe mu mugongo n'Ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD
Mu majambo yose "Projet d’Appui à la Gouvernance Financière et à la Promotion des Investissements", uyu mugambi uzofasha gushiraho impinyanyuro zizotuma amafaranga ya Reta ashobora gukoreshwa neza, kugwiza ubuhinga buzofasha ikigo OBR gutoza amakori ndetse n'ivyo gutunganya neza amasoko ya Reta.
Atanguza icese uyu mugambi, Inarukundo Francine, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw'ikigega ca Reta yavuze ko uri mu rukurikirane rw'ibikorwa bishira mu ngiro Imbonokazoza y'igihugu ya 2040-2060.
Nk'uko yabandanije abishikiriza, uyu mugambi watanguye muri Nyakanga 2025 n'uburyo bugera ku miriyoni 14 z'amadorare y'abanyamerika. Inarukundo yibukije kandi ingene uzofasha biboneka muri rya hangiro ry'ibikorwa bihuza ibisata vya Reta n'abikorera utwabo - contrat PPP.
Ku ruhande rwiwe, Mouna Diawara aserukira Ibanki BAD mu Burundi yatomoye ingene uwo mugambi uri mu murongo umwe n'utwigoro Reta y'Uburundi yatanguje two gutunganya neza Ubutunzi kugira bugume ku murongo mwiza (Cadre de stabilisation macroéconomique 2025-2027).
Nyampundu Olga Gloria, umuhuzabikorwa wa PAGFPI yasavye abegwa bose n'uwo mugambi kuzokorana ishaka, abibutsa ko gukorera hamwe no gutunganya neza ibikorwa ku mwanya wavyo, arivyo bizotuma ushobora kuranguka neza, ndetse unagirire akamaro kanini igihugu.
08/05/2026
Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, ubutunzi n’iterambere rishimikiye ku buhinga bwa none, Dr Alain Ndikumana, yagize urugendo rw'akazi ku mupaka wa , aherekejwe n'izindi ndongozi mu gihugu zirimwo, Umuyobozi mukuru w'ikigo Office Burundais des Recettes, Buramatari w'intara ya , uwujejwe amagara y'abantu mu ntara ndetse n'abajejwe umutekano n’iperereza.
Ihangiro ry'urwo rugendo, kwari ugusuzuma uko ibisata bitandukanye bikorera kuri uwo mupaka bitunganije, intambamyi zibihanze ndetse n'ibikenewe kugira ngo zitorerwe umuti, gutyo amakori n’amatagisi bitorwa kuri uyo mupaka vyisununure ku rugero rushimishije, na rirya uwo mu paka ari wo mukuru mu yindi yose yinjira ku butaka bw’Uburundi.
Umushikiranganji , yibukije ko umupaka wa Kobero ari karahara mu ruganda ntibacure mu gutunganya ubutunzi bw'igihugu. Niko gusaba abaharangurira imirimo kwitwararika akazi kabo haba mu bijanye no gusuzuma ibisohoka n'ivyinjira, kugenzura ubuziranenge bw'ibidandazwa vyinjira no kwegeranya amakori ashoboka agenewe Reta.
Iki gikorwa kikaba kiri mu murongo w’ibindi bikorwa biriko birarangurwa na reta y’Uburundi mu ntumbero yo kunagura ibijanye n’ubutunzi bw’igihugu.
06/05/2026
Ibiganiro hagati ya Reta y'Uburundi n'ikigega mpuzamakungu FMI birabandanya
Ejo hahise itariki 5/05/2026, Umushikiranganji ajejwe ubutunzi, ikigega ca Reta n'iterambere rishimikiye k’ubuhinga bwa none, Dr Alain Ndikumana arikumwe n'Uwurongoye i Banki Nkuru y'igihugu - BRB, baraganiriye n'umugwi w'abahinga uri mu rugendo rw'akazi i Bujumbura ku bijanye n'aho bagejeje gushira mu ngiro umugambi wo gutunganya neza ubutunzi bw'igihugu kugira bugume ku murongo mwiza (Cadre de stabilisation macroéconomique 2025-2027).
Ibi biganiro, vyatanguye kuva mu ndwi iheze, bisanzwe vyisunga ingingo ya kane (Article IV) mu mategeko agenga .
Umushikiranganji Ndikumana, yarerekanye ibikorwa n'utwigoro Reta imaze gushira mu ngiro kuva muri Nyakanga 2025, mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi. Ibi ni nko guteza imbere biboneka igisata co kwegeranya amakori n'amatagisi, biciye mu gutanga utumachine dusohora inyemezabuguzi ikoresha ubuhinga bwa none, kunagura igisata co guhanahana amafaranga, kugwiza umwimbu w'amafaranga mvamakungu, kwitaho uburongozi bwiza ndetse no kugwiza umwimbu mu bisata bitandukanye.
Ibi biganiro nyene, vyaragarutse no ku murongo umugambi ubandanya wisunga, na cane cane ibijanye n'itunganywa ry'ibikorwa vya Reta na poritike y'amafaranga.
Ibi bikorwa vyisunga Imbonokazoza ya 2040-2060, isanzwe ishira imbere ubutunzi butunganije neza hamwe no kugwiza umwimbu.
30/04/2026
Imitumba 92 iri mu burere butandukanye bw'igihugu igiye gushwarwa na 'connexion' ya 4G
Biri mu masezerano yaraye ateweko umukono kuri uyu wa 29/04/2026 hagati y'ishirahamwe ONATEL n'umugambi PAFEN, ahagarariwe n'Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo iterambere rishimikiye k’ubuhinga bwa none.
Abarenga 370 000 muri iyo mitumba, nibo bazoshikirwa n'uburusho bw'ivyo bikorwa vyo kwagura imihora, mu kiringo c'amezi 18.
Umushikiranganji Dr Alain Ndikumana, ari nawe yari ahagarariye ico gikorwa co gutera umukono ku masezerano, yaragarutse ku karusho bizogira kw'iterambere ry'ubutunzi.
Ati : "Gushikana imihora mu mitumba 92, si gushikanayo gusa 4G. Ni ukubaha uburenganzira bwo gushikirwa n'amakuru, ama 'services' meza ndetse n'iterambere riva ku buhinga bwa none."
Uyu mugambi wo kwagura imihora mu misozi, uri mu rukurikirane rw'ibikorwa vyo kwegereza ubuhinga bwa none abenegihugu baherereye no mu turere tutari ibisagara.
Ibi bikorwa nyene, bihura neza n'Imbonokazoza igihugu cihaye ya 2040-2060, mu nkingi yayo ya kabiri ijanye no guteza imbere ubuhinga bwa none - TIC.
10/04/2026
Inyuma yo gushikiriza Inama Nkenguzamateka kuri uyu wa kane igitabu gitunganya ubutunzi Reta yipfuza gukorerako mu myaka itatu iri imbere, Umushikiranganji ajejwe ubutunzi, ikigega ca Reta n'iterambere rishimikiye k’ubuhinga bwa none, Dr Alain Ndikumana, yabandanije kuri uyu wa 10/04/2026 mu Kigobe i Bujumbura, kugishikiriza Inama Nshingamateka nayo.
Bwabaye ubwa mbere igitabu nk'ico gish*tse mu Inama Nshingamateka kuva Uburundi bubayeho.
Umushikiranganji Ndikumana yabwiye abashingamateka ko ico gitabu gikomoka kw'ibwirizwa rigenga ikigega ca Reta ryo kuwa 20 Ruheshi 2022, mu ngingo zaryo za 19, 34 na 37.
N'aho iki gitabu kidashinga uburyo ntabanduka bukenewe muri ico kiringo ca 2026-2029, cubakiye ahanini ku mafaranga Reta izokwinjiza, ayo izokoresha, ibijanye no kuzibira igihengeri ndetse no kuriha amadeni Reta ifise Ubutunzi budahungabanye.
Iki gitabu kandi kirerekana umurongo ngenderwako n'ibikorwa nyamukuru vyihuta Reta izokora muri kazoza, mu bisata bitandukanye.
Canditswe hisunzwe imigambi itandukanye y'igihugu irimwo, Imbonokazoza 2040-2060, PND 2018-2027 n'ayandi masezerano Uburundi bwateyeko umukono.
Abashingamateka batanze intererano zokwongerwa muri ico gitabu na cane cane ku bijanye n'inyubako, gushigikira biboneka igisata c'uburimyi cane ku biterwa njabukamazi nk'icayi, ikawa, amavoka no kwijukira ubuhinga bwa none buduza ubutunzi.
10/04/2026
Kuva ku wa 7 Ndamukiza 2026, Ubushikiranganji bw’ikigega ca reta, ubutunzi, n’iterambere rishimikiye ku buhinga bwa none, biciye mu mugambi PAFEN ufatwa mu mugongo n’ibanki y’isi (Banque mondiale ), bwaratunganije inyigisho zo gutegura ihinduka mu mikorere (gestion du changement), mu ntumbero yo gushira mu ngiro uburyo bushasha bwo gucungera amatungo ya Reta ( Système Intégré de Gestion des Finances Publiques).
Intumbero y’izo nyigisho akaba ari ugutegura inzego zitandukanye za Reta kwakira ubu buhinga ( système ) buzanye uburyo bushasha bwo gukora hamwe n’inzira nshasha zo gucungera amatungo ya Reta.
Ubwo buhinga buzotuma kandi haboneka amakuru yizewe mu vy’ubutunzi bwa Reta kandi akaboneka ku gihe. Ivyo bizoheza bifashe mu gutegura imigambi ya Reta, gukurikirana ingene amafaranga akoreshwa no gufata ingingo zishingiye ku makuru mashasha kandi y’ukuri.
Ishirwa mu ngiro ry’ubu buhinga rizojana n’igikorwa gikomeye co kubumenyesha abakozi ba Reta hamwe n’abenegihugu, bongere bafashwe mu kubukoresha neza maze vyorohe ishirwa mu ngiro mu nzego zose za Reta.
Izi mpinduka ziri mu ntumbero ya Reta yo kunagura no gukomeza uburyo bwo gucunga amafaranga ya Reta, rihuye n’imbonakazoza ya 2040–2060, na cane cane intumbero yayo ya 6 ijanye no kunagura no gutsimbataza ubutunzi bw’igihugu.