30/08/2024
Ku wa 15 Myandagaro 2024, ishirahamwe vision of God Burundi ryaronkeje impamyabushobozi Ku bakenyezi 94 bo muri quartier Nkenga Busoro. Izo mpamyabushobozi zikaba zaronkejwe abakenyezi bakurikiranye inyigisho z'umwuga wo kubarira .
Uyo musi mukuru wo gutanga impamyabushobozi kurabo bakenyezi ukaba wakoranije abantu batandukanye,harimwo uwurongoye umutumba wa nkenga Busoro Nkato Jonas n'icegera ciwe, Appotre Apollinaire HABONIMANA n’umukenyezi wiwe, umuvugabutumwa Alice Manisha, umuririmvyi B-Face On The’flo na Solange Iradukunda arongoye ishirahamwe vision of God.
Mu ntumbero yo gushigikira abo bakenyezi no kubatera intege,ishengero Shemeza worship temple irongowe na Apporte Appollinaire HABONIMANA ryatanze amamashini 10 yo kubarira kugira ngo bafashe bongere batere intege abo bakenyezi muvyo kwitezimbere biciye mumwuga wo kubarira.
Akeza.net
Medica Mondial
Search For Common Ground Burundi

30/08/2024