04/10/2026
Kw’igenekerezo rya 04 Gitugutu 2026, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Nyakwubahwa Clotilde KAMPIMBARE, yaganutse avuye mu rugendo rwadushikanye i Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, ahoyari yitavye inama igira 21 yahuje abarongoye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zo mu bihugu bigize Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, ikaba yari yatumweko n’Uwurongoye Inama Nshingamateka y’ibihugu bigize uwo Muryango. Iyo nama ikaba yabaye kw’igenekerezo rya 02 Gitugutu uyu mwaka.
Iyo nama ikaba yari ifise ihangiro ryo gushiraho amategeko agenga Urwego rw’abarongoye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zo mu bihugu bigize uwo Muryango hamwe no gushiraho amategeko agenga Ikigo kijejwe gukarihiriza ubwenge Abashingamateka, Abakenguzamateka n’abakozi b’urwo Rwego (EAPI) nk’uko bitegekanijwe n’amategeko agenga Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.
Nyakwubahwa Clotilde KAMPIMBARE yaciye ashikiriza ko ayo mategeko yemejwe kandi ko ishirwaho ry’izo ngingo ari intambwe ihambaye mu buzima bw’uwo Muryango kuko zizokwisungwa mu gutsimbataza imigenderanire, ubwiyunge, guhanahana ubumenyi no gutsimbataza iyinjira muri uwo Muryango, bitume abenebihugu biyumva gusumba, ndetse babibonemwo akarusho.
Ikindi baganiriye muri iyo nama ni ibijanye n’itunganywa ry’inkino zihuza Abashingamateka n’Abakenguzamateka bo mu bihugu bigize Umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, aho bagarutse ku kamaro k’izo nkino.
Yaciye amenyesha ko bivanye n’uko uyu mwaka ata gihugu cashoboye kuzakira ku mvo zitandukanye, bumvikanye ko zotunganywa n’Inama Nshingamateka y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, zikazobera Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, ibihugu bigize uwo Muryango bigaca bishira hamwe uburyo bwo kuzitunganya nk’uko vyari vyumvikanyweko mu nama idasanzwe yabaye mu kwezi kwa Ruheshi uno mwaka.
Zikazoba zitunganijwe ku civugo kigira giti: ‘‘Umoja wetu, Utajili wetu’’ (Ubumwe bwacu ni ryo tunga ryacu). Izo nkino zikazoba kuva kw’igenekerezo rya 05 gushika ku rya 15 Kigarama 2026.