Aminaki

Aminaki

Share

ASSOCIATION DES MILTAIRES NATIFS DANS LA PROVINCE DE KIRUNDO L’ASSOCIATION DES MILITAIRES NATIFS DE KIRUNDO (AMINAKI). Email : amina.kirundo2013@gmail

Want your business to be the top-listed Government Service in Kirundo?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Products

PAS DE PRODUIT MAIS
LA PAIX , LA SECURITE ET LA LUTTRE CONTRE LA FAIM ET LE CHAUMAUR C'EST NOTRE SOUCI

Telephone

Address


DU MARCHE
Kirundo

General information

IBIZOBA BIGIZE STATUS YA AMINAKI
Art II. 1 : harashinzwe ishirahamwe ry’abasoda b’imvukira z’intara ya kirundo bakorera mubasoda bo hasi, mu mazi, no mukirere.
Art II. 2 : umuntu aba umunywanyi wa AMINAKI mugihe we nyene yipfuje ko aba umunywanyi kandi akabisaba commite, akaba kandi akwije ibisabwa n’amategeko agenga ishirahamwe AMINAKI ari mungingo zikurikira.
Art II. 3 : amategeko ngenderwako ya AMINAKI yigirwa mu nama y’abagize commute ya AMINAKI agaca aja mu nama ya bose kugira yemezwe n’abagize association bose. Amategeko mfata kibanza ya AMINAKI ni:
umunywani ategerezwa gutanga intererano yiwe kukwezi ku kwezi kandi agakatwa k’umushahara uko ukwezi guheze.
Umunywanyi ategerazwa gusigura igituma amahera y’intererano yiwe atash*tse mu kigega ca AMINAKI bitarenze i tariki 18 za buri kwezi, mu nyandiko, kuri telephone, canke kubundi buryo bwose yobona bushoboka,
bitagenze uko inyuma y’ukwezi kundi gukurikira adatanze intererano afatwa nkuwutakiri muri association.
Umunywani kandi yiyemeza kwama na ntaryo aseruka mu nama ibera muri association uko umwaka utashe vyanse akarungika umwe mubamuserukira yitwaje icemeza c’uko yatumwe,
Arashobora kandi kubimenyesha abatwara ishirahamwe igituma adashobora kuhashika naho nyene akerekana igituma.
Umunywanyi kandi ategerezwa na ntaryo kwama yitaho iterambere ry’intara yacu cane cane habonetse umwanya akaja gufasha ibikorwa rusangi mu ntara yacu canke muma komine agize iyo ntara,
Mu ntumbero yo gutuza ubusuma bwohava buba mwishirahamwe, abagize commute batorwa kumwaka ku mwaka bava muma komine yose agize intara ya cu ya kirundo no mu ma catégories yose agize igisoda kubasanzwe bari muri AMINAKI.
Art II. 4. Umuntu aronka imfashanyo muri AMINAKI, mugihe :
- Yabuze umugabo 100000fbu
- Yabuze umugore 100000fbu
- Yabuze se wiwe 50000fbu
- Yabuze nyina wiwe 50000fbu
- Yabuze umwana wiwe bwite 50000fbu
- yubatse urwiwe muri état-civil 50000fbu
- Umunywani yirukanywe mugisoda 50000fbu(NA PENSION)
- Umunywanyi apfunzwe mugasho birenze amezi abiri 5000fbu buri kwezi
- Amaze amezi atandatu aterera muri AMINAKI.
Art III.1. Ibihano mfatakibanza vya AMINAKI :
Umuntu wese atazotanga intererano kandi vyitwa ko ari muri AMINAKI amezi atatu akurikirana azofatwa nk’uwikuye mw’ishirahamwe, kandi ntazosubizwa ayo azoba amaze guterera.
Umunywanyi agomvye kuva muri association, vyigirwa muri association, mu nama y’abagize association.
Umuntu wese azoronka intererano muri AMINAKI, azoyironka asinye urupapuro rwemeza ko aronse intererano kandi ko atazigera ava muri AMINAKI, ahagaritse gutanga intererano akazoca ariha ayo yaronse mu gihe yaronka imfashanyo, ayo azoba amaze guterera nayo ntazoyasubizwa.
Uwuzoramuka asavye imfashanyo abicishije muma kosha azohanishwa kwirukanwa muri association kandi n’ayo azoba yar’amaze guterera ntazoyasubizwa.
Mugihe uwuri mumubanga yo kurongora abandi muri association, yogoba kunyuruza itunga ryayo, ubwo nyene bikimenyekana hazoca haba inama ya bose imufatire ibihano hisunzwe kuvyo yagomba gusahura association.