Imbonakazoza TV
Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Imbonakazoza TV, GITEGA, .
16/01/2026
๐๐๐พ๐ผโ๐ป๐ผโ๐ธ ๐ธ๐น๐ผโ๐ผ๐พ๐โ๐๐พ๐
Kur'uwu wa gatanu igenekerezo rya 16 Nzero 2026 Musitanteri wa komine #๐๐โ๐ธ๐๐๐๐ธ yabandanirije igikorwa co kugendera abenegihugu mu mazone yose agize Komine MURAMVYA aho yari aramutse agendera abenegihugu bo muri Zone ya #๐น๐๐๐ผ๐๐ผ mu ntumbero yo kuganira nabo, kugira amenye iryo abenegihugu bagona.
Uwurongoye zone BUKEYE yamenyesheje ko zone BUKEYE yifashe neza muri rusangi naho hacibonekeza abenegihugu amatati y'amatongo, abantu bamwebame batitabira ibikorwa vy'iterambere rusangi, abatwara inda z'indaro n'ingeso mbi yo guharika canke kurenga ibigo.
Mw'ijambo ryiwe, Musitanteri wa komine yasiguriye abenegihugu ko abafitaniye amatati y'amatongo imanza zabo ziri mu masentare, imbere yuko bitura abajejwe intwaro bobanza kurindira ubutungane bugakora akazi kabwo.
Ku bijanye n'abantu batitaba ibikorwa rusangi, yasavye abajejwe intwaro kubandanya bahimiriza abenegihugu bose maze ababandanya bagira ubugaba bagahanwa hisunzwe amategeko. Yasavye abenegihugu kubandanya kwitwararika ibikorwa vy' isuku n'isukura aho babaye naho barangurira imirimo yabo ya minsi yose aho yaciye ahamagarira abantu bafise amazu kw'ibarabara rikuru RN1 kuhasasa amabuye (les pavรฉs) kugira hase neza.
Yasozereye atanga impanuro k'ubenegihugu zijanye no guhindura ingendo bongereze umwete mu bikorwa bizobashikana ku mbonakazoza. Aha yabahamagariye kurwanya amarigara, ubunebwe, akaborerwe n'izindi ngeso mbi. Abenegihugu barashima cane ingene indongozi za komine na canecane Musitanteri bitwararika kumenya no gutorera umuti ibibazo bihanze abenegihugu.
.
10/01/2026
๐ฃ๏ธ Ndongozi mube akarorero , birya duhimiriza abandi tubikore nk'indongozi kugira ngo tubere akarorero abandi!
Ako ni akamo Musitanteri wa Komine , atera abarongoye abandi muri komine gushika mu bucimbiri. Ivyo yabishikirije kur'uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Nzero 2026 aho yari aramutse ateragira amavoka mu murima wiwe munini uri ku mutumba wa asanzwe avukako.
Nk'uko abishikiriza , ngo indongozi yose itegerezwa gutanga akarorero kugira bahimirize abo barongoye kandi na bone bihereyeko mu kwerekana ibikorwa vy'akarorero
07/01/2026
Kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 NZERO 2026, Abenegihugu bo mu mitumba yose igize zone #๐น๐๐พ๐ธโ๐ธ๐๐ธ uko ari 4; bazindukiye mu gikorwa co kwikorera ibiti vyo gutarura ikiraro kiri mw'ibararabara rihuza umutumba wa #๐๐๐น๐๐พ๐๐๐ผ n'umutumba wa #๐น๐๐๐๐๐น๐ธ.
Inyuma y'ibikogwa rusangi vyo guterura ibiti, uwurongoye zone #๐น๐๐พ๐ธโ๐ธ๐๐ธ yashimiye abitavye ibikorwa kuko bitavye kurugero rushimishije aca abahamagarira kuzosidukana n'iyonka ku munsi wa gatandatu kugira ivyo bikorwa vyo gutunganya iryo barabara bihere maze uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu rworohe.
.
07/01/2026
Mu rukurikirane rw'ingendo ariko aragira ku mashure atandukanye ari muri Komine #๐๐ฆ๐ฃ๐๐๐ง๐ช๐ kwirabira ingene ibikorwa vy'igice ca kabiri biriko biragenda hamwe no kuraba ko ingingo yo kwambara ibirato bifuka amano n'amashesheti hamwe n'umwambaro wa (uniforme) vyakurikijwe; mu gitondo co kur'uyu wa gatatu igenekerezo rya 07 NZERO 2026, Musitanteri wa Komine yagendeye amashure ya ๐๐๐ข๐๐ข ๐๐จ๐๐๐ฌ๐ ๐ na ๐.๐๐ข ๐๐จ๐๐๐ฌ๐ yo muri zone #๐น๐๐๐ผ๐๐ผ.
Kur'ayo mashure yagendeye yasanze ibikorwa biriko bigenda neza naho hibonekeza abanyeshure bacererwa kuko gushika isaha zibiri zo mu gatondo bari bakiriko baraza kw'ishure. Yasanze kandi ingingo yafashwe yo kwambara ibirato bipfuka amano n'amashesheti hamwe na niforome biriko birakurikizwa.
Aho yaciye hose akaba yagiye aratanga impanuro ku barezi hamwe n'abanyeshure aho abahamagarira gukorana umwete kugira umwimbu wiyongere.
.
07/01/2026
Kur'uyu wa kabiri igenekerezo, uwurongoye ZONE #๐น๐๐๐ผ๐๐ผ yagirishishije inama abatozakori hamwe n'abarongoye imitumba igize iyo zone mu ntumbero yo kubahamagarira kuduza umwimbu mu vyerekeye amatagisi hamwe n'inyifato umutozakori yo kwerekana imbere yabo ariko aratoza itagisi( ubwenge n'ubwitonzi)
Yamenyesheje ko umutozakori ategerezwa gusuzuma yuko ikintu cose catangiwe itagisi caba ikivuye muri Zone Bukeye canke kivuye mu yandi mazone bagasuzuma yuko nuw'ufise ama ticket yoba yarishe ayabereye.
Abatozakori nabo basavye yuko Intwaro yobaba hafi kugira umurimo bajejwe bawurangure neza.
06/01/2026
Mu gitondo co kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 6 Nzero 2026, Uwurongoye Igisata c'Indero muri Komine yazindukiye kuri no kuri mu ntumbero yo kwirabira uko akazi kariko karakorwa ku musi ugira kabiri igice ca kabiri c'ishure gitanguye hamwe no kuraba ko ingingo yo kwambara ibirato bipfuka amano, amashesheti hamwe n'iniforome yubahirijwe.
Kur'ayo mashure yose, yasanze abanyeshure barubahrije iyo ngingo. Mur'urwo rugendo yagize kur'ayo mashure, yasanze kandi hari abigisha n'abanyeshure bacererwa aho yaciye agabisha abigisha bacererwa canke basiba ku kazi ko bazohanwa hisunzwe amategeko.
Yahamagariye abajejwe indero mu ma Zone gukurikirana neza abayobozi n'abigisha bacererwa ku kazi bongere baze baratanga raporo ku munsi ku munsi.
06/01/2026
Ku muhingamo wo kur'uyu musi wa mbere igenekerezo rya 05 Nzero 2026, Musitanteri wa Commune , aherekejwe n'Umuhanuzi wiwe ajejwe amategeko , bishikiye ku Mutumba wa #๐น๐๐พ๐ธโ๐ป๐ธ wo muri Zone ya mu ntumbero yo gutatura amatati afatiye ku ndyane z'amatongo hagati y'umuryango umwe. Bamaze kubatunganiriza, Musitanteri yaciye amenyesha abenegihugu bose bari ng'aho, ko nk'uko ahora abigenza no ku bandi benegihugu bahora bamwitura, ko ata ngingo n'imwe yerekeye amatati yigera afatira mu biro akoreramwo, ahubwo ko uwumwituye, uwari we wese, biba ngombwa ko yishikira mu kibanza nyezina ahabereye amatati, maze ingingo zibereye zigafatwa kandi ku mugaragaro impande zose zabanje kuronswa ijambo.
05/01/2026
#๐๐พ๐๐๐ธ๐๐ธ โ'๐โ๐ป๐ผโ๐
Mu gitondo co kur'uyu wa mbere, igenekerezo rya 05 Nzero 2025, Musitanteri wa Commune , yagendeye amashure ya ๐๐๐ข๐๐ข ๐ ๐จ๐ฅ๐๐ ๐ฉ๐ฌ๐ ๐ na ๐๐ฌ๐๐๐ ๐ ๐จ๐ฅ๐๐ ๐ฉ๐ฌ๐. Intumbero nyamukuru y'urwo rugendo, kukaba kwari:
1. Kuraba ko abarezi n'abarerwa batonze ku masaha ategekanijwe.
2. Kuraba ko abarerwa bitabiriye akamo batewe ko kwambara ibirato bipfuka amano hamwe n'amashesheti.
Mw'ijambo ryiwe, Musitanteri yatekereye impanuro zitari nke abarezi n'abanyeshure aho abahamagarira gukorana umwete kugira umwimbu wiyongere.
Ahamagarira kandi abarongoye abandi mu ntwaro no mu gisata c'indero muri komine hamwe no mu mazone kubandanya bagendera amashure baraba ko amasaha y'akazi yubahirizwa bongere barabe ko ingingo yo kwambara ibirato bifuka amano hamwe n'amashesheti yubahirijwe.
04/01/2026
๐๐ฎ๐ซ'๐ฎ๐ฒ๐ฎ ๐ฆ๐ฎ๐ง๐ฌ๐ข ๐ฐ'๐๐ฆ๐๐ง๐ ๐ข๐ ๐๐ง๐๐ค๐๐ซ๐๐ณ๐จ ๐ซ๐ฒ๐ 04/01/2026, ๐ข๐ฆ๐ฏ๐ฎ๐ค๐ข๐ซ๐ ๐ณ๐ ๐๐จ๐ฆ๐ข๐ง๐ ๐๐ฎ๐ซ๐๐ฆ๐ฏ๐ฒ๐ ๐๐๐ซ๐๐ค๐จ๐ซ๐๐ง๐ข๐ฒ๐ ๐ก๐๐ฆ๐ฐ๐ ๐ฆ๐ฎ ๐ง๐๐ฆ๐ ๐ฒ๐จ ๐ค๐ฎ๐ซ๐๐๐ข๐ซ๐ ๐ก๐๐ฆ๐ฐ๐ ๐ข๐ฏ๐ฒ๐๐ซ๐๐ง๐ ๐ฎ๐ฐ๐ ๐ก๐๐ฆ๐ฐ๐ ๐ง'๐ข๐ฆ๐ข๐ ๐๐ฆ๐๐ข ๐ข๐ ๐ข๐ฒ๐ ๐ค๐ฎ๐ซ๐๐ง๐ ๐ฎ๐ซ๐ฐ๐ ๐ค๐ฎ๐ ๐ข๐ซ๐ ๐ค๐จ๐ฆ๐ข๐ง๐ ๐๐๐๐๐๐๐๐ ๐ข๐ญ๐๐ซ๐ ๐ข๐ฆ๐๐๐ซ๐. ๐๐ฒ๐จ ๐ง๐๐ฆ๐ ๐ข๐ซ๐ข๐ค๐จ ๐ข๐๐๐ซ๐ ๐ฆ๐ฎ ๐ง๐ณ๐ฎ ๐ฒ'๐๐ฆ๐๐ง๐๐ฆ๐ ๐ฆ๐ฎ๐ซ๐ข ๐รด๐ญ๐๐ฅ ๐๐๐๐ณ๐ ๐๐จ๐๐ ๐ ๐ข๐ซ๐ข ๐ค๐ฎ ๐ฆ๐ฎ๐ซ๐ฐ๐ ๐ฆ๐ฎ๐ค๐ฎ๐ซ๐ฎ ๐ฐ๐ ๐ค๐จ๐ฆ๐ข๐ง๐.
30/12/2025
๐๐พ๐๐๐ธ๐๐ธ โ' #๐โ๐ป๐ผโ๐
Kur' uwu wa kabiri igenekerezo rya 30 Kigarama 2025, ishirahamwe ryashikiriza ishure Nshingiro rya ku mutumba Murambi, zone na Komine ingabire y'intebe 30 z'abanyeshure.
Ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n'uwurongoye Zone ya , ari kumwe n'abajejwe intwaro ku mutumba . Mw'ijambo ryiwe, uwaserukirukiye ishirahamwe TURAME, yamenyesheje ko iryo shirahamwe risanzwe rikorera mu bisata vy'uburimyi, ubudandaji hamwe no gutanga ingurane z'imice 3, ari zo mu :Ntegurira kazoza* ,*Nyunganira mu busaza* n'iyo bise *indwi 52*, ndetse agira ko amenyesha ko batanze izo ntebe mu ntumbero yogushigikira imbonokazoza y'Igihugu c'Uburundi cifashe muri 2040 kandi giteye imbere muri 2060, kuko indero n'inyigisho mu mashure ni wo mushinge w'iterambere ndetse niyo Mbonokazoza.
Uwurongoye Zone , yashimye iyo ngabire, ndetse agirako amenyesha ko iryo shure rigifise vyinshi vyogufashwa, nk'ibitabo bidakwiye, intebe zigikenewe, ibirasi bidakwiye narirya ari ryo shure gusa riri kur'uwo mutumba kandi hasanzwe haba abenegihugu benshi, ndetse n'Umuyobozi w'iryo Shure, hamwe n'uwurongoye Komite Nshingwashure, bose bakengurutse iyo ngabire.
๐ *Musomyi, mbega aho muherereye, ayandi mashirahamwe, yoba ariko arafasha mu bikorwa vy'iterambere nka TURAME*?
