27/04/2025
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26/04/2025,umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri komine , yarifadikanije n'abafundi bariko barubaka ikiraro co kuruzi kizohuza zone na zone .
Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine yagiriyeko ashimira cane imvukira zama komine ya kera ya Bisoro mbere na komine Kayokwe kuri ico gikorwa c'iteka bariko barakora kizotera iteka komine nshasha ya Mwaro mu migenderanire yayo mu mazone mbere no mu guhanahana ibidandazwa hamwe no kwunguruza abagwayi.
Cndd Fdd Gitega
26/04/2025
Abagize ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd muri komine batunganije inama ku bizigirwa, abagize ubuserukizi bw'umugambwe muma zone agize komine MWARO hamwe n'abagize komite ijejwe kwiyamamaza mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no kwitegurira neza amatora yimirije muri RUHESHI umwaka wa 2025.Ivyo bikaba vyabaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27/4/2025 mu ngoro y'umugambwe y'i Mwaro.
Cndd Fdd Gitega
22/04/2025
Ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd muri komine bwazindutse kuri uyu wa 22 Ndamukiza 2025 bugendera indongozi mu mugambwe,abakozi ba Reta n'abarondezi b'akazi (chΓ΄meurs) bo amazone yose ukwo ari 10 agize iyo komine.
Abo bagize ubuserukizi bw'umugambwe muri komine Mwaro batunganije izo ngendo mu ntumbero yo kwishikira kukivi no kubandanya bitegurira neza gutahukana intsinzi itagabanije mu mazone yose mu matora yose yimirije.
Ivyo bikorwa vyatewe iteka n'umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD , aho bibukije abitavye ivyo bikorwa inyifato ibereye yobaranga mw'ibi bihe vy'amatora.
CNDD-FDDMwaro
Cndd Fdd Gitega
19/04/2025
Umunyamabanga mu ntara ya GITEGA ajejwe iterambere mu mugambwe Cndd-Fdd, arashima kw'abagumyabanga hamwe n'abenegihugu muri rusangi bitabiriye akamo batewe na Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu c'Uburundi ko kwijukira uburimyi n'ubworozi bw'ibitungwa bitobito bisahiriza mu miryango yabo.
Ivyo yabishikije kuri uyu wa 18 Ndamukiza 2025 aho yari aramutse yirimbura kwihangiro yihaye mu kazi kiwe ka misi yose k'ubuyobozi bw'ishure hamwe n'ibindi bikorwa vy'iterambere( uburimyi n'ubworozi).
Augustin Ndikumasabo arashimira kandi abijukiye kurima no kurwiza ibitegwa njabukamazi (ikawa,icayi, amavoka) hamwe no kwambika imisozi ibitegwa mbumbarugo,
ariko akibutsa indongozi kubera akarorero keza abo baserukira mu gufata iyambere mu gushira mu ngiro imigambi y'iterambere kuko umwera uva i bukuru ugakwira hose.
Umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD asozera asaba abagumyabanga kubera akarorero keza abandi muri vyose na cane cane mu kwitegurira kwitorera indongozi mu matora yimirije zizobashikana kw'iterambere rirama,bakirinda gusesagura umwimbu maze bame bibuka kwirimbura baraba ko ihangiro bihaye barish*tseko naho vyabagoreye.
Cndd Fdd Gitega
15/04/2025
Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd mu ntara ya , Umushingamateka aherekejwe n'umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD yagendeye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2025 abagumyabanga bo muri zone kugira barabire hamwe ingene bokwitegurira gutsinda ku majwi ashimishije mu matora yimirije.
Mw'ijambo ry'ikaze, umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD muri komine yashikirije uko ubuzima bw'umugambwe muri iyo komine butunganije na cane cane mu kwitegurira gutahukana intsinzi itagabanije mu matora yimirije.
Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara Umushingamateka , kugira iyo zone izoronke amajwi ashimishije mu matora, yasavye abagumyabanga canke abakunzi b'umugambwe CNDD-FDD kwirinda guhemuka kubera akamanyu k'umutsima. Yahamagariye indongozi mu mugambwe canke mu ntwaro kugira inyifato nziza imbere y'abo barongoye mu kubabera abasuku beza no mu kwirinda kubanunuza kuko ngo ivyo arivyo biheza bikaba ingaruka mbi iyo hegeze amatora maze bigatuma indongozi itsindwa ku mutumba ivukako kuko baba bayikuyeko icizere,
Umunyamabanga w'umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Gitega yagutse yahamagariye imvukira basanzwe bakorera imirimo yabo mu bundi burere, yabahamagariye kwitabira cane inama zo mu bucimbiri kuko ari yo ngendo nziza yo kwegera abagumyabanga no gukomeza umugambwe n'iterambere ry'aho bavuka.
Cndd Fdd Gitega
14/04/2025
Aherekejwe n'uwurongoye umuhari w'imbonerakure muri komine, Umunyamabanga w'umugambwe Cndd-Fdd muri Komine Nshasha ya yifadikanije n'abagumyabanga bo muri zone mu nama yo kw'irimbura yo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14/4/2025.
Mu mpanuro yatanze akaba yahamagariye abarongoye abandi gukora cane mw'ino misi yegereje amatora haba mu kwigisha ikarata y'amatora canke gusuzuma ko yigishijwe neza.
Cndd Fdd Gitega
14/04/2025
Ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd muri komine bwarash*tse ku mutumba zone kuri uyu wa 13/4/2025 kwifatanya n'ubuserukizi bw'iyo zone mu birori
vyo kwinjira ingoro y'umugambwe CNDD-FDD kuri uyo mutumba.
Ivyo birori bikaba vyari vyatewe iteka kandi n'umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD .
Umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere yasavye abagumyabanga bo muri zone Gatwe gukomeza ibikorwa vy'iterambere na cane cane kwijukira ibitegwa njabukamazi.
Yasozereye ubibutsa kwitegurira neza igikorwa gihambaye kijanye n'amatora yimirije kugira bazotsinde ku majwi ashimishije.
Ibirori vyaragiye binjiza abanywanyi bashasha bangana 18 nkuko icivugo cuwo mutumba kivuga kiti : .
Cndd Fdd Gitega
13/04/2025
Icegera c'Umunyamabanga w'Umugambwe Cndd-Fdd muri komine Mwaro yifatanije kuri uyu wa 13 Ndamukiza 2025 n'ubuserukizi bw'umugambwe CNDD-FDD muri zone mu nama yatunganijwe ku ndongozi z'amanama shingiro yo mu mitumba n'ama (Quartier) bigize iyo zone mu ntumbero yo kwitegurira neza amatora yimirije.
Icegera c'Umunyamabanga w'Umugambwe CNDD-FDD muri komine yasavye izo ndongozi kubera akarorero keza abo baserukira mu gukomeza bijukira ibikorwa vy'iterambere,kwirinda ibihuha na cane cane kwitegurira kutsinda ku majwi ashimishije mu matora yimirije.
Cndd Fdd Gitega
07/04/2025
Ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd muri komine bwifadikanije n'indongozi mu ntwaro hamwe n'abenegihugu,mu birori vyo kwibuka imyaka 31 irangire uwahoze arongoye Uburundi agandaguwe.
Ibirori vyaranzwe n'inkuka ya misa hamwe no gushira ingori z'amashurwe ku cibutso citiriwe imyaka 50 Uburundi bwikukiye.
Ivyo birori vyatewe iteka n'umunyamabanga mu ntara ajejwe iterambere mu mugambwe CNDD-FDD .
Cndd Fdd Gitega