08/10/2026
Amazone atanu yo muri komine yahawe imashini zo kwandika amakarata ndangamuntu, imashini nyabwonko zo mu biro icenda hamwe n'ibindi bikoresho ku mazone yose agize komine mu ntumbero yo kworosha ibikorwa n’itangwa ry’amakarata karangamuntu ku benegihugu no kuborohereza ingendo bagira baja ku cicaro ca komine.
Ivyo bikoresho vyashikirijwe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 06 Gitugutu 2026 na Musitanteri wa komine ari kumwe n’umunyamabanga nshingwabikorwa w'iyo komine hamwe n’icegera c’umukuru w’inama ya komine .
Nk’uko vyashikirijwe na Musitanteri wa komine ngo izo mashini zitanu zo kwandika amakarata ndangamuntu zaguzwe hakoreshejwe uburyo bwa komine, mu gihe imashini nyabwonko icenda nazo zaguzwe hakoreshejwe amafaranga yatanzwe n’ikigega c’igihugu co gushigikira imigambi ya komine, . yavuze ko iyo ntumbero yo gutanga ivyo bikoresho ijanye n'indinganizo y'igihugu yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu kugira ingendo bagira baja ku cicaro ca komine bagiye kurondera amakarata ndangamuntu canke izindi mpapuro zigabanuke hama baheze bakore ibikorwa vyo kwiteza imbere biganisha ku mbonakazoza.
Akaba yasavye abajejwe amazone gufata mu minwe ibikorwa bijanye no kwandika no gutegura amakarata ndangamuntu ku rwego rwa zone kugira ntihagire uwoyihabwa atabifitiye uburenganzira nk'abanyamahanga na rirya komine ihana urubibe n'ibindi bihugu. Yabasavye kandi kubungabunga neza ivyo bikoresho no kubikoresha mu bikorwa vyabigenewe kugira bibandanye bifasha mu gutanga serivisi nziza ku benegihugu. Yabasavye kandi kwakira neza ababitura, kwihutisha ibikorwa no kubahiriza amategeko n’amabwirizwa agenga itangwa ry’ikarata ndangamuntu.
Umukuru wa zone aserukira abandi yashimiye ubuyobozi bwa komine ku bikoresho bashikirije. Akavuga ko ivyo bikoresho bigiye kubafasha kworoherwa mu bikorwa vyabo vya minsi yose mu gutanga raporo y'ivyakozwe ku gihe no kuronsa ikarata ndangamuntu batarinze kuruha. akaba yemeje ko mu mazone biteguriye kubungabunga neza ivyo bikoresho no kubikoresha mu buryo bubereye, mu ntumbero yo gutanga serivisi nziza kandi yubahiriza amategeko.