24/06/2025
Umugambwe CODEBU, witavye amatora yo kuwa 5 Ruheshi 2025 uciye murunani Burundi Bwa Bose, ugomba kumenyesha abarundi n'amakungu ibi bikurikira:
1. Umugambwe CODEBU urashimiye abarundi isinzi bahunze amajwi Urunani Burundi Bwa Bose nubwo ibiharuro vyatangajwe bidahuye n’ukuri kw'ivyavuye mu matora. Ubasaba kudacika intege no kubandanya urugamba gwa demokarasi.
2. Umugambwe CODEBU urakengurukiye abo bafatanije ibikorwa mu RUNANI BURUNDI BWA BOSE kuntererano y'umwe wese, baba ababisozereye hamwe nabo bitakunze ko tuguma dukorana kumvo zitabavuyeko.
3. Umugambwe CODEBU waraneguye wongera urababazwa n'ibinenge ndengera kamere vyaranze ayamatora, vyerekanyeko imico runtu iriko irasubira inyuma bimwe biteye ubwoba, bikaba vyatumye umugambwe uri k’ubutegetsi wiha intebe ijana kw'ijana munama nshingamateka.
4. Umugambwe CODEBU waratangajwe n'ingene imigambwe yabujijwe gushikiriza ibinenge vyaranze ano matora, bikerekana ko turiko turinjira mu butegetsi bwa ryogora duhure nkubwo twarimwo imbere yo kugaruka kw'imigambwe myinshi.
5. Umugambwe CODEBU uratewe impungenge nuko ingene amatora yagenze n'inzego zayavuyemwo bigiye gukenesha igihugu n'abanyagihugu gusumba uko vyahora. Abahora bafasha igihugu cacu bagiye gutakaza burundu icizere ku Burundi. Abitwa ko batowe nabo ntanyungu bazoba bafise zogukorera abanyagihugu kuko ataribo babatoye, mbere bashobora gutunganya ivy'igihugu munzira isa niyo bash*tsemwo ku butegetsi.
6. Kubera ivyo vyose duhejeje gushikiriza, umugambwe CODEBU wiyemeje ibi bikurikira :
a. Kubandanya uharanira intwaro ya demokarasi n'intwaro ibereye atagucika intege;
b. Gukomeza inzego z'umugambwe mugihugu cose;
c. Gutangura inyigisho z'uburenganzira bw'abanyagihugu nivyo bategerezwa gukora nk’uko bitegekanywa n'ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko;
d. Gushishikara dusaba ko haba ibiganiro bituma haba amatora adakumira, ateguwe mu mwidegemvyo, mu muco no mumahoro;
e. Kuzirikana ikibanza cambere twahaye Imana mugihugu cacu.
7. Umugambwe CODEBU usaba abarundi ibi bikurikira :
a. Kudacibwa intege n’ivyabaye mur’aya matora ahubwo bagwize inguvu zo guharanira gutwarwa nabo bitoreye koko, bashobora gukura igihugu mukaga kirimwo;
b. Kuzirikana nantaryo ko ubuzima bubi babayemwo buva ku butegetsi budatunganya ivy'igihugu neza bwavuye mumatora atarimwo umuco;
c. Kwibuka ko atawundi azoza gutorera umuti ibibazo tumazemwo imyaka vy'ubusuma bw'amatora hamwe n'inzego zititwaririka ibibazo bihanze abanyagihugu ziyavamwo;
d. Kwitanga batiziganya kugira dusubire muri demokarasi y'ukuri ibasubiza ijambo ryo kwitorera inzego zibakura mu bukene barimwo;
d. Kwigengesera mur’ibi bihe bitoroshe igihugu cinjiyemwo no gushishikara babumbatiye amahoro n'umutekano.
8. Umugambwe CODEBU uribukije abanyeporitike bose ko twashize Imana imbere. Ibikorwa vyose dukora mu matora n'inyuma y'amatora bishobora kugira ingaruka zikomeye bikwiranye.

26/12/2024
11/07/2024
11/07/2024
30/04/2024
25/04/2024