Parti Codebu Iragi rya Ndadaye

Parti Codebu Iragi rya Ndadaye

Share

AMAHORO-DEMOKARASI-UBUTUNGANE-ITERAMBERE RIRAMA publicité

Photos from Parti Codebu Iragi rya Ndadaye's post 08/02/2026

UMUGAMBWE CODEBU UBONAKO INTAMBARA ZIRI MURI KANO KARERE ZISHOBORA GUTOSEKAZA UBUMWE BW'ABARUNDI.

1. Akarere Uburundi burimwo kamazemw'intambara imyaka irenga 30, zirimwo akamoto k'amacakubiri y'amoko. Izo ntambara ziragira ingarukambi ku gihugu nk'Uburundi caciye mundyane z'amacakubiri umwanya muremure.

2. Biravugwa vugwa ko muri kano karere hoba hariho ibihugu birondera gukomeza ubutegetsi bwubakiye kubwoko kanaka ariko umugambwe CODEBU ntushobora kuvyemeza canke ngo ubihakane.

3. Nubwo bigaragara ko abarundi twateye intambwe ikomeye mukuvavanura n'amacakubiri y'amoko n'intara yari yaratuzingamitse, haracakenewe gukorwa ibitari bike kugira ntidusubire inyuma. Abarundi batari bake, bo mumoko yose, bagendana ibikomere vy'amabi bakorewe canke bakoze, batigeze baronka ikintu nakimwe (Ubutungane canke iyindi mécanisme) co kubivura. Imbarutso iyariyo yose ishobora gutuma ivyo bikomere bisubira kwuguruka.

4. Iciyumviro c'ubutegetsi bwubakiye kubwoko ubu canke buriya kigira ingaruka mbi nyinshi:

A. Abafise ubutegetsi barihenda cane bakibwira ko atawoshobora kububakurako, hakaba nabaryoherwa gusa no kumva ko bakumiye canke biganzuye abandi.

B. Ivyiyumviro n'inguvu vyose bihengamira kukurondera kuguma canke gushikira ubutegetsi k'umugwi uyu canke uriya, ivy'iterambere ry'igihugu bikibagirwa.

C. Ivyaha bijanye n'ubutunzi hamwe no guhonyora agateka kazina muntu birenzwako uruho gw'amazi. Usanga abasangiye umugwi bash*tse aho bagira urunani no mubibi (solidarité négative) gutyo igihugu kigatera gisubira inyuma.

D. Hama uruhagarara no kwikekana mubonse rimwe ruteba rukavyara intambara z'urutavanako zama zisambura ivyari bimaze kwubakwa vyose.

5. Uburundi nico gihugu conyene cari cashoboye kuva mundyane z'amoko atawunesheje uwundi, turumvikana ingene tubana neza n'ingene dushiraho inzego zikingira bose biciye mu masezerano. Birakenewe cane ko tuguma muriyo nzira akaba arinayo ntererano dutanga mundyane ziri muri kano karere.

6. Kugira Uburundi ntibusubire gukorokera mundyane z'amacakubiri hokorwa ibi bikurikira :

A. Abarundi twese dutegerezwa kuvavanura no kurondera kugira ubutegetsi bwubakiye k’ubwoko ubu canke buriya.

B. Gukomeza umubano mwiza hagati y'abonse rimwe(cohésion sociale) no gukuraho intambamyi zose zibuza impunzi gutaha mumwidegemvyo.

C. Twokwirinda inyigisho izarizo zose, ziciye munzira iyariyo yose, zibiba amacakubiri y'amoko.

D. Abarundi twese na cane cane abatwara igihugu, twokwirinda gukoreshwa n'ibikomere vya kahise twaciyemwo ariko tugakomeza ingendo y'ubumwe kugira dukinge benayo mabi ntazogaruke.

E. Harakenewe umugwi urimwo indorerenzi mva makungu wodufasha kubona kumwe amabi yakozwe muri kahise no gutora inzira yotuma abarundi bose bakira ibikomere vyo muri kahise. Turavye ibiriko birakorwa murico gisata, biragaragara ko bigoye kwimena igihute twenyene !

F. Abatwara igihugu bategerezwa kwitwaririka intwaro ibereye, ukubaho neza kw'abanyagihugu muvy'ubutunzi n'imibano no kwubahiriza agateka ka zina muntu kugira abarundi ntibahave baremerwa n'ubutegetsi, bakugururira uwariwe wese yoza kububakurako.

G. Ugushikira ubutegetsi bitegerezwa kuba mumatora y'ijwi k'umuntu abereye mumuco no m'umwidegemvyo kugira abarundi batwarwe nabo bitoreye. Uwugomba kurongora abandi wese agashira imbere ico yobamarira, ntashire imbere icari.

H. Inyigisho n'amajambo y'indongozi bishimikira k'ubumwe vyogwizwa. Ibimenyetso vy'ubumwe bw'abarundi nk'idarapo ry'ubumwe bw'abarundi n'ibindi bikwiye gusubira guhabwa agaciro n'ikibanza cavyo.

I. Harakwiye gutegekanywa Inyigisho mu mashure zigisha ubumwe bw'abarundi. Ubushikiranganji bw'intwaro yohagati mu gihugu bwotegekanya inyigisho z'ubumwe bw'abarundi kugwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye.

Ni harambe ubumwe bw'abarundi n'umubano mwiza mu bonse rimwe.

04/02/2026

UMUGAMBWE CODEBU URAFISE IMPUNGENGE KO GUSUBIZWA MU NTWARO Y'UMUGAMBWE UMWE KUGIKENYE BISHOBORA GUTOSEKAZA UBUMWE BW'ABARUNDI.

1. Twibukanye ko amasezerano y'ubumwe bw'abarundi ari kimwe muvyatumye habaho umuzo w'imigambwe myinshi kugira hashobore gushikirizwa ivyiyumviro bitandukanye vyokubaka igihugu.

2. Murico gihe, abarundi bose bakubitirwa kuba mu mugambwe umwe. Haririmbwa indirimbo ngo ''TWESE TURI BAMWE ! '' mugihe hari abakumirwa abandi bakicwa canke bakangazwa.

3. Muri kino gihe, iyo ngwara yo kubohera abarundi m'umugambwe umwe yarimaze iminsi, igeze ku ntambwe yanyuma. Haririmbwa ngo: " ABARUNDI BOSE BATOYE UMUGAMBI UMWE " mugihe abanyeporitike batavuga rumwe n'umugambwe uri k'ubutegetisi bakumiwe, abarundi bagatorerwa ku nguvu, ivyavuye mumatora ntibisomwe mumuco, hagasomwa ivyo abatwara bategetse.

4. Ikibabaje nuko abarundi baboherwa mu butegetsi bumaze imyaka 20 burangwa no kurya ibiturire no kunyuruza amatungo ya Reta. Ubutegetsi bwasubije inyuma ubutunzi bw'igihugu n'imiryango, bwasubije inyuma indero, amagara y'abantu inyubako rusangi n'ibindi. Ubutegetsi bushikanye igihugu aho umuntu yize kaminuza ata akazi ka Reta akaja mumahanga kuba umu yede (aide-maçon).

5. Hari n'abarundi bamwe bamwe bakiri inyuma cane bagomba kumvisha abandi ko abarundi b'ubwoko ubu canke buriya bategerezwa kuba m'umugambwe uyu canke uriya. Uwutari canke uwudashigikiye uwo mugambwe bakamubona nk'igihemu. Ntibikenewe ko Uburundi buguma muri poritike yubakiye ku moko gusa. Harageze aho dutera intambwe, imigambwe igahiganishwa ivyiyumviro vyokubaka igihugu n'ingene yobishira mungiro.

6. Ntitwihende ngo ubumwe butosekazwa n'amacakubiri y'amoko n'intara gusa. Igihe cose uriko uracinyiza abandi, ubakumira wongera ubatoteza kugira ubemeze ivyiyumviro vyawe ku nguvu, uba uriko uratosekaza ubumwe bw'abarundi kuko utuma habaho ba nyagupfa na banyagukira.

7. Umugambwe CODEBU usaba abatwara igihugu gusubira kwemera kugurura urubuga gwa poritike, bareke amatora atunganywe mu muco no mu mw'idegemvyo kugira twubakire igihugu m'ubumwe bwukuri bufatiye kubudasa bw'ivyiyumviro vya poritike.

8. Umugambwe CODEBU usababa ubutegetsi guhagarika vuba na bwango ingendo yo kurya ibiturire no kunyuruza hamwe no gusesagura amatungo ya Reta kuko biriko birashira abarundi mumigwi ibiri:

- Akagwi gato k'abatunze cane n'umugwi munini w'abakenye cane. Ivyo bikazoshobora gutera uruhagarara mumisi irimbere.

9. Umugambwe CODEBU usaba abarundi bose kuguma bafatanye munda, biyamirize inyigisho zose z'amacakubiri zifatiye ku bwoko no kuvyiyumviro vya poritike.

10. Umugambwe CODEBU usaba abarundi bose bipfuza impinduka, kudacika intege. Bashishikare baharanira intwaro rusangi, intwaro ibereye n'iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu, bisunze amategeko y'igihugu n'amategeko mpuza makungu Uburundi bwashizeko umukono.

Murakoze.

29/01/2026

Mes publications ont obtenu plus de 6 000 réactions la semaine dernière. Merci à tout le monde pour votre soutien ! 🎉

Photos from Parti Codebu Iragi rya Ndadaye's post 07/01/2026

Umugambwe CODEBU urahagaritswe umutima n'itituka ry'imigenderanire hagati y'igihugu cacu c'Uburundi n'igihugu kibanyi c'Urwanda.

1. Umugambwe CODEBU ubona ko uwo mubano mubi ufise imizi mukahise k'ibi bihugu vyacu kagizwe n'indyane n'intambara zifatiye ku macakubiri ya moko.

2. Umugambwe CODEBU ubona ko ubutegetsi bwa kimwe bwama bwicura ko ubutegetsi bw'ikindi burondera kubuhungabanya bufatiye kuri kahise bwaciyemwo ;

3. Umugambwe CODEBU ufata ko ibintu vyunyutse Kuva mumwaka wa 2015, aho ivyo bihugu vyatanguye kwagirizanya kumugaragaro ko kimwe gifasha imigwi igomba guhungabanya ikindi;

4. Umugambwe CODEBU ubona ko imigenderanire y'igihugu cacu c'Uburundi n'igihugu c’Urwanda yagiye kunyugwa n'intambara yo mugihugu ca Congo;

5. Igihugu c'Uburundi cagiye muriyo ntambara gushigikira igihugu ca Congo no kuzibira imigwi ivuga ko igomba kugwanya Uburundi iri muri RDC. Uburundi bwagiriza Urwanda ko gwarungitse mumuhari M23 abarundi b'impunzi bari murico gihugu kugira bimenyereze bazoce baza gutera Uburundi.
Ama rapports y'abahinga ba ONU bavugako igihugu c'Urwanda gishigikiye umuhari M23. Urwanda rurabihakana ariko rukemanga ko gwashizeho ingo z'ubwirinzi. Urwanda gwagiriza kandi Uburundi ko bukorana n'umuhari FDLR ugwanya ubutegetsi murico gihugu;

6. Umugambwe CODEBU ubona ko igihugu cacu c'Uburundi n'igihugu c'Urwanda bisa nibiriko biragwanira muri RDC kandi ko vyagirizanya gushigikira canke gukorana n'imigigwi igomba kubitera ; ivyo bikadutera amakenga ko iyo ntambara ishobora gutandukira bino bihugu vyacu ;

7. Umugambwe CODEBU uributsa ko iyo ntambara yo mugihugu ca Congo imaze kugira ingaruka zikomeye kugihugu cacu zigizwe n'iyugarwa y'imipaka Uburundi buhana n'igihugu ca Congo hamwe no kwakira impunzi z'umurengera zivuye muri RDC;

8. Umugambwe CODEBU ufatiye aho iyo ntambara yo mugihugu ca Congo igeze, ufatiye ko irimwo amacakubiri y'amoko asanzwe yaramugaje bino bihugu vyacu, ubona y'uko igihugu c'Uburundi n'igihugu c'Urwanda bifise inyungu nyinshi mugufata inzira y'ibiganiro mukwirinda ko haba intambara muri kimwe murivyo iturutse kurubwo bushamirane. Umugambwe CODEBU ukagira amakenga ko intambara yoshobora kuvyura ivyaha bidaharirwa bikabije.

9. Umugambwe CODEBU ubona yuko ubutegetsi bw'Uburundi n'ubutegetsi bw'Urwanda bukwiye gushiraho ingingo z'ukwizerana no kubana neza mubutandukane bwabwo ;

10. Umugambwe CODEBU ubona ko ubutegetsi bw' igihugu c'Uburundi nubw'igihugu c'Urwanda bukwiye kuvugana ukuri, ata buryarya, kukibazo cerekeye gushigikira imigwi yipfuza guhangabanya ubutegetsi bw'ivyo bihugu. Ubutegetsi bumwe bwose bukiyemeza kudahungabanya canke kudakorana nabagomba guhungabanya ubundi. Hakwiye no gushigwaho umugwi woza urasuzuma ko ivyo biyemeje biriko birakurikizwa;

11. Umugambwe CODEBU ufatiye kuri kahise k'igihugu cacu, ukaraba uko ibintu vyifashe mugihugu no muntambara yo muri Congo, ubona ko igihugu cacu c'Uburundi gifise inyungu nyinshi mubiganiro gusumba muntambara ;

12. Umugambwe CODEBU usaba ubutegetsi bw'Uburundi kudasamazwa n'ivyizigiro wokura aha canke hariya ariko bushire imbere gukomeza umubano mw'iza hagati y'abonse rimwe biciye mubiganiro kugira nabiyumvira gukoresha igikenye bikunde basubize inkota mu rwubati;

13. Umugambwe CODEBU arasubiriye gusaba ubutegetsi bw'Uburundi guheza amatati yo muri 2015 biciye mubiganiro. Umugambwe CODEBU uremezanya na Reta ko abagomvye gutembagaza ubutegetsi muri 2015 baciye kubiri n'amategeko y'igihugu ariko uributsa ko Sentare ya EAC yemeje ko ikiringo ca 3 ca nyakwigendera umukuru w'igihugu Petero NKURUNZIZA, abo bagomba gutembagaza ubutegetsi bariko baragwanya, kitari cubahirije ibwirizwa nshingiro ry'Ubundi n'amasezerano ya Arusha. Ivyo bituma atawukwiye guhana uwundi, ahubwo hakwiye ibiganiro ;

14. Umugambwe CODEBU urasubiriye gusaba ubutegetsi bw'Uburundi guhagarika ingendo yo gukumira no gucinyiza abatavuga rumwe n'umugambwe uri kubutegetsi nkuko vyibonekeje cane cane mumatora atandukanye, kugira ntihagire abohava bihebura, bakiyumvira gukoresha igikenye kugira bashikirize ivyiyumviro vyabo;

15. Umugambwe CODEBU usaba abarundi bose na cane cane abatavuga rumwe n'umugambwe uri kubutegetsi, kwigengesera, ntibajane nyabahururu muribi bihe turimwo, kugira ntibagwe mumitego yaba n'abariya ;

16. Umugambwe CODEBU usaba kandi abarundi bose kwirinda inyigisho zibiba urwanko gw'amacakubiri ayariyo yose, bagume bafatanye munda kugire birinde kuba bokorokera muvyaha ndengera butungane mubihe ibi canke biriya;

17. Mukurangiza, umugambwe CODEBU usaba abajejwe umutekano gukoresha ubwitonzi ntangere mugikorwa cabo co gukingira igihugu kugira ntihagire abazira umwikeko canke akadenderezo.

Murakoze.

01/01/2026

Umwaka mushasha mwiza w’i 2026 kuri mwese !

Photos from Parti Codebu Iragi rya Ndadaye's post 13/12/2025

1. Pour une paix durable, le renforcement de la cohésion sociale par le dialogue est un indispensable. Et surtout, vider le contentieux de 2015 pour permettre à tous les réfugiés de rentrer librement. Un dialogue véritable avec tous les pays voisins est aussi une urgence !

2. Le parti CODEBU exhorte également à l'abandon de la doctrine du parti unique. Elle est indigne, immature et ne conduit qu'à la perdition de la nation. Il faut un dialogue urgent et inclusif pour définir ensemble, les modalités de gouvernance de notre pays en pleine tempête !

3. Rappelons en fin que l'ouverture et la considération d'autrui n'est pas une faiblesse ni une humiliation, c'est plutôt la véritable force d'un homme politique. Que l'histoire ne retienne d'une époque qui a conduit au pire. Choisissons le bon chemin avant qu'il soit trop tard!

Photos from Parti Codebu Iragi rya Ndadaye's post 24/06/2025

Umugambwe CODEBU, witavye amatora yo kuwa 5 Ruheshi 2025 uciye m’URUNANI BURUNDI BWA BOSE, ugomba kumenyesha abarundi n'amakungu ibi bikurikira:

1. Umugambwe CODEBU urashimiye abarundi isinzi bahunze amajwi Urunani Burundi Bwa Bose nubwo ibiharuro vyatangajwe bidahuye n’ukuri kw'ivyavuye mu matora. Ubasaba kudacika intege no kubandanya urugamba gwa demokarasi.

2. Umugambwe CODEBU urakengurukiye abo bafatanije ibikorwa mu RUNANI BURUNDI BWA BOSE kuntererano y'umwe wese, baba ababisozereye hamwe nabo bitakunze ko tuguma dukorana kumvo zitabavuyeko.

3. Umugambwe CODEBU waraneguye wongera urababazwa n'ibinenge ndengera kamere vyaranze ayamatora, vyerekanyeko imico runtu iriko irasubira inyuma bimwe biteye ubwoba, bikaba vyatumye umugambwe uri k’ubutegetsi wiha intebe ijana kw'ijana munama nshingamateka.

4. Umugambwe CODEBU waratangajwe n'ingene imigambwe yabujijwe gushikiriza ibinenge vyaranze ano matora, bikerekana ko turiko turinjira mu butegetsi bwa ryogora duhure nkubwo twarimwo imbere yo kugaruka kw'imigambwe myinshi.

5. Umugambwe CODEBU uratewe impungenge nuko ingene amatora yagenze n'inzego zayavuyemwo bigiye gukenesha igihugu n'abanyagihugu gusumba uko vyahora. Abahora bafasha igihugu cacu bagiye gutakaza burundu icizere ku Burundi. Abitwa ko batowe nabo ntanyungu bazoba bafise zogukorera abanyagihugu kuko ataribo babatoye, mbere bashobora gutunganya ivy'igihugu munzira isa niyo bash*tsemwo ku butegetsi.

6. Kubera ivyo vyose duhejeje gushikiriza, umugambwe CODEBU wiyemeje ibi bikurikira :

a. Kubandanya uharanira intwaro ya demokarasi n'intwaro ibereye atagucika intege;
b. Gukomeza inzego z'umugambwe mugihugu cose;
c. Gutangura inyigisho z'uburenganzira bw'abanyagihugu nivyo bategerezwa gukora nk’uko bitegekanywa n'ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko;
d. Gushishikara dusaba ko haba ibiganiro bituma haba amatora adakumira, ateguwe mu mwidegemvyo, mu muco no mumahoro;
e. Kuzirikana ikibanza cambere twahaye Imana mugihugu cacu.

7. Umugambwe CODEBU usaba abarundi ibi bikurikira :

a. Kudacibwa intege n’ivyabaye mur’aya matora ahubwo bagwize inguvu zo guharanira gutwarwa nabo bitoreye koko, bashobora gukura igihugu mukaga kirimwo;
b. Kuzirikana nantaryo ko ubuzima bubi babayemwo buva ku butegetsi budatunganya ivy'igihugu neza bwavuye mumatora atarimwo umuco;
c. Kwibuka ko atawundi azoza gutorera umuti ibibazo tumazemwo imyaka vy'ubusuma bw'amatora hamwe n'inzego zititwaririka ibibazo bihanze abanyagihugu ziyavamwo;
d. Kwitanga batiziganya kugira dusubire muri demokarasi y'ukuri ibasubiza ijambo ryo kwitorera inzego zibakura mu bukene barimwo;
d. Kwigengesera mur’ibi bihe bitoroshe igihugu cinjiyemwo no gushishikara babumbatiye amahoro n'umutekano.

8. Umugambwe CODEBU uribukije abanyeporitike bose ko twashize Imana imbere. Ibikorwa vyose dukora mu matora n'inyuma y'amatora bishobora kugira ingaruka zikomeye bikwiranye.

Photos from Parti Codebu Iragi rya Ndadaye's post 19/05/2025

IMYIYAMAMAZO !
Kur’uyu wa Mungu igenekerezo rya 18 Rusama 2025, URUNANI BURUNDI BWA BOSE rwakoreye imyiyamamazo yarwo muri Komine Ntahangwa y’intara ya Bujumbura. Kabaye n’akaryo ntangere ko gushira ku mugaragaro imigabo n’imigambi rwateguriye Uburundi n’abarundi (kazi) cane cane muri bino bihe bidasanzwe vy’umuzimagiza w’ikene ry’ivyankenerwa igihugu kibuze be no kwerekana aba kandida bizewe bashirwa ku ntonde z’abashingamateka.

Ivyo birori bikaba vyatewe iteka ridasanzwe n’inararibonye zaharaniye Demokarasi zongera ziramutswa Igihugu c’uburundi mu bihe bitoroshe:

- S.E Sylvestre NTIBANTUNGANYA
- Hon Mr Léonce NGENDAKUMANA.

Abo bose bakaba bahamagariye zina murundi wese guhunda amajwi URUNANI BURUNDI BWA BOSE ku civugo : “ TWUBAKE UBURUNDI BWA BOSE, UBURUNDI BW’ITEKA, UBURUNDI BUSHASHA "

TORA URUNANI BURUNDI BWA BOSE ✅

16/05/2025

UKABA URI MU BIPFUZA IMPINDUKA RY’IMIBEREHO MIBI ABARUNDI ISINZI TUBAYEMWO, KUR’UYU W’IMANA ITALIKE 18 RUSAMA 2025 NTUTANGWE HARIYA MURI ZONE KINAMA KU KIBUGA C’UMUPIRA ISAHA 13H00.

NIHO MUZOKWUMVIRA ICESE IMIGABO N’IMIGAMBI IDASANZWE URUNANI 🇧🇮 BWA BOSE RWASHIZE IMBERE HISUNZWE IVYABANYAGIHUGU BAKENERA.

Bwira mugenzawe nawe abwire uwiwe ati: “ AKAZUBA KARATSE, DUHINDURE IBINTU ! "

TORA URUNANI BURUNDI BWA BOSE ✅

Photos from Parti Codebu Iragi rya Ndadaye's post 15/05/2025

URUNANI BURUNDI BWA BOSE TSINDA !

Kur’uyu munsi wa kane mu kigo c’ihoteli yitiriwe isôko rya Nili (HOTEL SOURCE DU NIL) niho hashirwa ku mugaragaro imigabo n’imigambi " URUNANI BURUNDI BWA BOSE " gwateguriye Uburundi n’abarundi (Kazi) hisunzwe ivy’abanyagihugu bakenera cane cane mur’iki gihe uburundi buri m’umwijima w’ikena ry’ivyankenerwa vyinshi bibafasha kubaho neza. Ku civugo kivuga giti: “ TWUBAKE UBURUNDI BWA BOSE, UBURUNDI BW’ITEKA, UBURUNDI BUSHASHA. "

Tunabamenyesha ko k’uruyu w’ Imana italike 18 RUSAMA 2025, URUNANI BURUNDI BWA BOSE ruzokorera imyiyamamazo muri Zone Kinama ku kibuga c’umupira w’amaguru, ido n’ido ry’iyo migambi idasanzwe muzoyumvira ngaho mu buryo buramvuye.

KAZE MURI BENSHI, TUBOGORE UBURUNDI 💪🏻

12/05/2025

IKIGANIRO CUGURURIWE BOSE !

Banywanyi namwe bakunzi b’ URUNANI BURUNDI BWA BOSE, Murahawe ikaze ridasanzwe k’uruyu wa kane italike 15 Rusama 2025 isaha umunani z’umuhingamo (14h00) mu kigo c’ihoteli SOURCE DU NIL; Mwiyumvire akabirya k’imigambi idasanzwe URUNANI BURUNDI BWA BOSE gwateguriye Uburundi n’abarundi (kazi) mu gusubiza itoto, iteka n’itekane ibisata nka vyose bigize ubuzima bw’igihugu bisa n’ivyataye akaranga n’akanovera muri kino gihe 🇧🇮 burimwo.


URUNANI BURUNDI BWA BOSE👍

Want your business to be the top-listed Government Service in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Website

Address


Bujumbura