Parti fnb

Parti fnb

Share

Parti FNB(Forum National du Burundi) a une vision instaurer la liberte totale sur le territoire du B

11/12/2019

"Uwo wese yaka umwidegemvyo mugenziwe aba yigize imbohe; imbohe y'urwanko, imbohe y'ukwinubana, imbohe y'ubugugu".

Nelson Mandela niwe yavumereye ayo majambo y'agaciro kanini. Ubuzima bwiwe bwose yabuhariye kugwanira agateka k'abirabure muri Afrika y'epfo be no kwubaka igihugu amoko yose abamwo mu mwidegemvyo. Urwo rugamba ntirwamworoheye kuko rwanamutumye apfungwa imyaka 27. Amaze kuba Umukuru w'igihugu yatangaje benshi mukutihora abazungu bamupfunze iyo myaka yose. Abamubajije ico kibazo yabishuye ko " atawushobora kubaho mu mw'idegemvyo mu gihe yatse umwidegemvyo mugenziwe". We yabona ko kwihora abazungu kwoba ari kwiyinjiza mu rindi bohero ry'urwanko.

Aya majambo ya Nelson Mandela arahambaye cane kuko ni kenshi abibohoye bibaza ko intsinzi yabo ihagaze mu gusubiriza mu ndumane abahoze babacinyiza. Uko ni ukwihenda bikomeye cane kuko kwihora vyongereza akarenganyo n'urwanko, bigatuma ibihugu vyama mu ruhugarara atan'umwe arwungukamwo. Uwundi nawe yagize ati : "inzigo igirira nabi beneyo kurusha abo bayigirira". Kwibohora nyakwo ni ukuzanira igihugu cawe umwidegemvyo abanyagihugu bose, eka mbere abantu bose. Uwibohoye agashira imbere kwihora aba mubi kurusha abo yahoze agwanya.

Nelson Mandela uyu musi akwije imyaka 101 avutse.

15/10/2019

Le 15/10/2019
La reunion du parti FNB
Delais 2heures
Lieu de la reunion bujumbura
Les activites
1.Question concernant FNB
2.Rapport du Parti FNB
3 .Question diverses
Les participants
Les hauts cadres du parti FNB
1.Président du parti FNB
2.Sécretaire du parti FNB
3.vice président du Parti FNB
4.Quatre commisaires du parti FNB
1.Chargé du propagande
2.chargé du télecom
3.chargé de la santé
4.chargé de récrite

1.pr

14/10/2019

, 13/10/2019

NTAWURAMBIRWA ARAMBITSWEKO URUSYO!

Kw'igenekerezo rya 13/Gitugutu uko umwaka utashe,abarundi bibuka incungu y'intahe y'ukwikukira kw'Uburundi ,umuganwa atari umugani ,akaba yagandaguwe kuri iri genekerezo inyuma y'aho umugambwe wiwe wari uhejeje gutsinda amatora, amatora yasubiza ijambo abarundi mu gihugu cabibarutse ryatswe abanyamahanga bari bararyihagiye mu mugambi w'ubukoroni!

Ibisikanya ry'amabendera ,iry'Uburundi riduzwa irya kavamahanga rimanurwa, ntaryo yabonye kuko abarundi benewabo bamuhemukiye agandagurwa imbere y'uko uwo musi ushika,kuko inkozi z'ikibi ziterekwa umuco ahubwo zishima umwijima w'agahumbezi!

Uretse ko RWAGASORE yari umwana w'Umwami(umuganwa) yari umurundi nkatwe twese,ariko aharanira ineza nyamwinshi atitayeho ko habamwo n'ikiguzi c'ubuzima ,
Hagandaguwe RWAGASORE umwana w'umwami,ariko ba RWAGASORE b'abarundi baracariho,kandi bazokwamaho,
N'ikimenyamenya harabonetse mu Burundi uwundi RWAGASORE yiguze demokarasi ariwe ,atahungabanyijwe n'igandagurwa rya RWAGASORE ahiga intahe y'ukwikukira,nawe(Ndadaye) ashira ubuzima bwiwe ku buryi ahagarara imbere mu guharanira demokarasi,atako arayizira!

Izi ncungu 2 zeretse abarundi ko uwushaka umubira abira akuya n'aho coba ari icuya c'amaraso,
Ukwikukira twaronse mu Burundi kwabaye ukwivana mu biganza vy'abanyamahanga ariko dusanga twaguye mu vyara vy'abarundi benewacu,badukandamiza ijoro n'umurango kurusha na babanyamahanga kuko ubu turibwa n'uwutuzi,
Ubu abarundi turi mu rugendo ,mu kayira twaciriwe n'izo ncungu 2,tugana kw'ishingwa ry'intahe y'ukwikukira nyakwo kw'abarundi,guherekwejwe na demokarasi nyakuri,bidushikana kw'iyubakwa ry'Uburundi bwa Nyaburunga bushinze imizi mu maraso y'abarundi bose batanze ikimazi c'ubuzima bwabo kubwo ukubaho kw'Uburundi bubogaboga amahoro n'amahonda!

Tugiye kwikukira nyavyo,dukwikira umwampi mu mwansi,
Dutuze uwo mwansi ,tuvyagize demokarasi!

Ukaba ushimishwa n'amakuru tugushikiriza,fyonda na ,uyasabikanye n'abandi!

Photos from Ntaconzoba's post 13/10/2019
06/10/2019

Integuro yurwandiko
Umugambwe FNB:Forum National du Burundi(Urunani Rwimvuka gihugu zu Burundi)
Nyakubahwa president wa Republika turiniteka ryokubandikira mucubahiro canyu kumvo nyamukuru zitanu nigisabo muburyo bukwirikira.
Imvo
1.Nyakubahwa igihugu cacu murakizi kandi mwagifashije vyinshi bihambaye.
2.Nyakubahwa wagize utwigoro twinshi nk'imboneza y'Afrika kugira umugabane wa Afrika ugire ubwigenge nyakuri .
3.Nyakubahwa wabaye icitegererezo cababayeho nabazokwaruka kuri uno mugabana kubwiyunge no gushiraho umurongo igihugu canke Afrika muri rusangi vyogirako.
4.Nyakubahwa watubereye icitegererezo mukuba indongozi y'ubumwe bw'Afrika inyuma yibinjana igihugu canyu atawaraziko coshikira iryoteka.
5.Nyakubahwa watubereye urumuri mugutuma igihugu kigira iterambere rirama mukanya gato.
Nyakubahwa twihweje uwo izomvo zitanu nk'umugambwe FNB:Forum National du Burundi niho twamuye imbono (vision) umugambwe ugirako nayo iyombono dukesha ubutwari bwawe nubunararibonye akaba ari"UBWIGENGE NYAKURI".
Ibisabwa
Nyakubahwa president wa Republika umugambwe FNB uragukeje wongera uguha icubahiro kuko arimwe nkomoko yintumbero uwo mugambwe wubakiyeko nayo akaba ari "UBWIGENGE NYAKURI"
Nyakubahwa president wa Republika umugambwe FNB ugusaba ishimika ko wokwanama wokunga abanyafrika bakaba umwe mubutandukane bwabo nkuko wabikoze mugihugu cawe .
Nyakubahwa president wa Republika Umugambwe FNB ushimye ivyukora mumirimo yakuranze kandi ukakwipfuriza imirimo yanyu myiza kug

Want your business to be the top-listed Government Service in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address


Bujumbura