06/10/2026
INSS yatunganije amasengesho adasanzwe.
Kuri uyu wa 02 Gitugutu 2026, Ishirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza abakozi INSS ryaratunganije amasengesho adasanzwe, akaba yitabiriwe n’abakozi ba INSS, umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gutegekaniriza kazoza abakozi Gabriel NIZIGAMA, umuvugabutumwa Dr. Rev. Pasteur Denise Nkurunziza, azwi nka Maman Buntu, abayobazi bakuru n’abandi bakozi bo mwubwo bushikiranganji n’abandi.
Mu ijambo ry’ikaze, umuyobozi mukuru wa INSS, Général-Major Emmanuel Miburo, yibukije ko amasengesho muri INSS yatanguye ku wa 8 Rusama 2023, inyuma y’impanuro zatanzwe n’Umukuru w’Igihugu, Evariste Ndayishimiye, ku wa 7 Ntwarante 2023, asaba ko abakozi boza batangurira akazi ku gisabisho nukuvuga kuva 7h30 gushika 8h00. Kubwiwe yabonako igisabisho mu kazi cofasha kugira inyifato ibereye (ethiques) be no kurwanya igiturire.
Yavuze ko n’ubwo gutangura vyari bigoye kubera ko abakozi bava mu madini atandukanye, ubu uwo mwanya waramaze kumenyerwa no gukundwa cane muri INSS. Buri kwezi kandi harashikirizwa ijambo ry’urufatiro rijanye n’intumbero ya INSS igira iti: « Inzira ya gakiza n’iterambere » (chemin du salut et de la prospérité).
Mu nyigisho ziwe, Maman Buntu yashimiye INSS kubona yaramutumiye murayo masengesho adasanzwe yongera ashimira uburongozi bwayo buba bwarakiriye impanuro z’umukuru w’igihugu, agasaba n’abandi kubigirako akarorero.
Yishimikije kw’ijambo ry’urufatiro ry’uwo musi ryavuye mu b'i Kolosayi 3:23: « Ivyo mukora vyose mubikore bivuye mu mitima nk’abakorera Shobuja mukuru. » Yibukije ko akazi umuntu afise yagahawe n’Imana, gutyo ko umuntu akwiye kugakora neza no kwibuka iyo Mana yakamuhaye.
Lieutenant Général de Police Gabriel Nizigama Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gutegekaniriza kazoza ( Abakozi n'akazi TV) nawe yagarutse ku kamaro ko kuguma hafi y’Imana mu bikorwa vya misi yose, yishimikije ijambo ry’Imana riva muri Zaburi 23:1 rigira riti: « Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena. » Yasavye ko INSS ibera akarorero ibindi bisata vyo mwubwo bushikiranganji, mu kumenya ko aho umuntu ari hose ashobora gusenga kandi akumvirwa n’Imana.
Pierre Nshimirimana
Pasteur Denise Nkurunziza
Abakozi n'akazi TV