Umunywanyi wa INSS iyo yagize impanuka y'akazi canke akarwara indwara iturutse ku kazi akora aravuzwa ijana kw'ijana mu bitaro vya Reta ndetse bibaye ngombwa akavuzwa no mu mahanga. Vyose ni mubikurikirane muriki kiyago ca Muganga wa INSS Christine.
Inama nshingamateka
Pierre Nshimirimana
INSS Burundi
Institut National de Sécurité Sociale
28/05/2026
Le Conseil National de la Communication (CNC), en collaboration avec la Maison de la Presse et l’Association des Femmes Journalistes du Burundi (AFJO), a procédé, ce mardi 26 mai 2026, à la remise du Prix Médias 2026.
Chaque institution avait retenu un thème spécifique.
Le CNC a organisé son concours sous le thème : « Médias et salubrité pour un Burundi émergent en 2040 et développé en 2060 ». L’AFJO a choisi le thème : « Action féminine dans la promotion et la défense de la justice et des droits des femmes et des filles ». Quant à la Maison de la Presse, le concours était placé sous le thème : « Gouvernance inclusive et résilience climatique pour une paix durable au Burundi ».
Au total, 11 journalistes ont été primés, dont 6 femmes et 5 hommes. Les prix variaient entre un million et deux millions de francs burundais, ainsi que des ordinateurs portables d’une valeur de 5 000 000 de francs burundais chacun, selon les catégories de compétition.
Dans son discours, la représentante du CNC ambassadeur Espérance Ndayizeye a souligné que l’organisation annuelle du Prix Médias est devenue une tradition, traduisant la volonté commune de promouvoir le professionnalisme dans les médias et d’encourager les journalistes à diversifier leurs centres d’intérêt au bénéfice des consommateurs de l’information.
Rappelons que ce concours s’inscrit dans le cadre de la poursuite des activités marquant la célébration de la Journée internationale de la liberté de la presse.
Conseil National de la Communication - CNCBurundi
Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
Ininahazwe Olivier Animateur
24/05/2026
Jeudi 21 mai 2026, l’équipe de basketball de l’Institut National de Sécurité Sociale (INSS) a affronté celle de l’Assemblée Nationale du Burundi lors d’un match amical disputé sur le terrain de l’École Normale Supérieure.
Lancée par la Deuxième Vice-Présidente de l' nshingamateka, Bussessia Nkezimana, cette rencontre visait à renforcer les relations entre les élus et les électeurs.
Le match s’est soldé par la victoire de l’équipe de l’Assemblée Nationale sur celle de l’INSS, sur le score de 41 points à 38.
Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
fans
22/05/2026
Ku munsi ugira gatatu w’ihuriro ry’abahurikiye mu mwuga w’uguhanahana amakuru n’abahinga mu migenderanire mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, babandanije guhanahana ubumenyi ku ruhara rwo guhanahana amakuru n’imigenderanire mu nzego z’ibigo n’amashirahamwe atandukanye.
Haciye haba n’akaryo kabaserukiye amashirahamwe y’abafatanyabikorwa b’iryo huriro, kumenyekanisha ivyo bakora. INSS ibicishije kuwurongoye igisata co kumenyeshamakuru Pierre Nshimirimana, yamenyesheje ko iryo shirahamwe ryongereje inguvu mu kumenyekanisha ibikorwa vyaryo biciye mu masezerano bagiraniye n’ibimenyeshamakuru biciye mu kigo CNC.
Conseil National de la Communication - CNCBurundi
East African Community
21/05/2026
Umunsi wa kabiri w’ihuriro ry’abahurikiye mu mwuga w’uguhanahana amakuru n’abahinga mu migenderanire bo mu karere ka wahaye akaryo abayitabiriye guhanahana ubumenyi n’ivyiyumviro ku bijanye n’ugutanga amakuru mu nzego za Leta n’ukuntu bovyifatamwo mu gihe c’ibibazo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.
Ivyigwa vyatanzwe vyashimikiye ku kamaro ko gukoresha neza kandi mu buryo bubereye ubwenge mva ruganda (Intelligence Artificielle), hamwe n’inyifato ibereye y’uwutanga amakuru mu bigo n’amashirahamwe atandukanye.
Uwo muntu ategerezwa kuba yiyumvira imbere yo kuvuga, akitegurira neza ibibazo abazwa, akamenya indimi zitandukanye, akirinda kuvugaguzwa, kandi agakorana neza n’ibimenyeshamakuru hamwe n’abarongozi bo mu kibano kugira ngo ubutumwa bushike ku bantu benshi.
Pierre Nshimirimana
20/05/2026
Uburundi bwakiriye ku ncuro ya mbere ihuriro ry’abahurikiye mu mwuga w’uguhanahana amakuru n’abahinga mu migenderanire bo mu karere ka y’ubuseruko kuri uno wa 20 Rusama umwaka w’2026.
Iryo huriro rikaba ryuguruwe ku mugaragaro n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo kumenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru Miburo.
Intumbero y’iryo huriro ni uguhanahana ubumenyi n’ivyiyumviro hagati y’abakora umwuga w’uguhanahana amakuru n’imigenderanire, hamwe no gushiraho ishirahamwe rihuriyemwo abavugizi b’inzego n’ibigo bitandukanye mu , nk’uko bisanzwe biri no mu bindi bihugu bigize akarere ka y’ubuseruko.
Abitavye iryo huriro bavuga ko imigenderanire myiza n’abanyagihugu hamwe no gutanga amakuru neza bifise uruhara runini mu kwubaka, kubungabunga no guteza imbere ishusho nziza y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.
Ni co gituma uwo mwuga ukwiye guhabwa ikibanza gikomeye, cane cane mu bigo n’amashirahamwe vyakira abantu benshi, aho kwakira neza ababitura no gutanga amakuru meza ku gihe bifatwa nk’inzira nziza yo gutsimbataza imigenderanire hagati y’ivyo bigo n’ababitura.
Muri iryo huriro nyene hazoba n’akaryo ko kurata ivyiza vy’uburundi mu kwereka abamenyeshamakuru bitavye iryo huriro, ivyiza igihugu c'uburundi gifise kugira nabo babimenyekanishe mu karere ka
Pierre Nshimirimana
Africa Mashariki
Ishirahamwe INSS yatanze inyigisho ku bakozi bakorera mu bitaro vya Village Health Works biri muri komine Bururi, intara ya Burunga, kuri uno wa 7 Rusama 2026.
Intumbero y’izo nyigisho kwari ukumenyesha abo bakozi ivyo amategeko abarekurira kubijanye no gutegekaniriza kazoza.
Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
13/05/2026
INSS yaratunganije ibiganiro bidasanzwe ku magenekerezo ya 6 na 7 Rusama 2026, ku nsamirizi zikorera mu ntara ya kugira imenyeshe abanyagihugu ibikorwa vyayo n’akamaro ko gutegekaniriza kazoza abakozi.
Ivyo biganiro vyabereye kuri Eagle Sport FM iri i no kuri Izere FM iri mu , birongowe na Pierre Nshimirimana ajejwe igisata co kumenyeshamakuru muri INSS afadikanije n’abajejwe amashami ya INSS muri ako karere.
Muri ivyo biganiro, basiguye ko INSS ari ikigo ca Reta cashinzwe mu 1962 gifise inshingano yo gutegekaniriza kazoza abakozi biciye mu gutanga amapansiyo no gukinga impanuka canke indwara zituruka ku kazi. Bavuze ko umukoresha wese afise umukozi ahembwa, naho yoba umwe gusa, ategerezwa kumwandikisha muri INSS no gutangirwa intererano ziwe mu minsi itarenga umunani ibikorwa bitanguye.
Basiguye kandi ko amategeko araba abantu bose bafise ibikorwa basizemwo abakozi nk’amahoteli, amaresitora, ububare, salons de coiffure n’ibindi. Bavuze kandi ko abakoresha batubahiriza amategeko bashobora guhanishwa ihadabu, amande canke gufungwa, kandi bagasabwa kuriha ibirarane vyose vy’intererano.
INSS yamenyesheje ko ifise abakozi mu makomine yose ya Burunga kugira ibikorwa vyegere abanyagihugu. Mu ma komine nka , , na , abakoresha benshi bamaze gutangura kwiyandikisha no gutanga intererano ku gihe ugereranije n'izindi komine zo mwako karere.
Abakozi ba INSS basavye abakozi bose gusaba inomero zabo za INSS, kuzigumana naho bohindura umukoresha no gusuzuma neza ko intererano zabo zitangwa.
Mu bibazo vyabajijwe n'abanywanyi bizo nsamirizi, barabajije ryari uwatangiwe intererano yoronkerako pansiyo yiwe ahevye akazi canke akazi gaheze.
INSS yasiguye ko pansiyo itangwa ku myaka 60 ku bakozi basanzwe no ku myaka 45 ku bari mu nzego z’umutekano, iyo akazi gaheze bisabwako urindira iyo myaka itegekanijwe n'amategeko ko igera.
Intererano zitangwa ni ibice 6 kw'ijana (6%) vy’umukoresha n'ibice 4 kw'ijana (4%) vy’umukozi. Uwategekanirijwe bimugirira akamaro kanini cane nko kuronka pansiyo, ukuvuzwa 100% kandi ntariha n'ikori.
Mu gusozera, INSS yahamagariye abakoresha kwubahiriza amategeko no kutica kazoza k’abakozi babo, nayo abakozi ibasaba kuguma bakurikirana intererano zabo kugira ntibazobure uburenganzira bwabo bageze mu zabukuru.
fans
Pierre Nshimirimana
Inama nshingamateka
Radio Eagle sport FM
radio izere fm
11/05/2026
Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama 2026, abakozi b'ishirahamwe INSS baratanze inyigisho ku bitaro Village health works vyo mu kigutu muri komine Bururi intara ya Burunga.
Intumbero yizo nyigisho nukugira abakozi n'abakoresha bamenyeshwe amategeko abagenga mu bijanye no gutegekaniriza kazoza abakozi.
Abari bitavye izo nyigisho barashimye cane baca basabako INSS yogerageza kuza iratanga inyigisho nyishi no kubandi ngo kuko abakozi n'abakoresha beshi ntibazi ivyo gutegekaniriza/zwa kazoza.
Inama nshingamateka
Pierre Nshimirimana
01/05/2026
Bonne fête du Travail à tous les travailleurs !
Inama nshingamateka
Click here to claim your Sponsored Listing.
Location
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Bujumbura
Opening Hours
| Monday | 07:30 - 15:30 |
| Tuesday | 07:30 - 15:30 |
| Wednesday | 07:30 - 15:30 |
| Thursday | 07:30 - 15:30 |
| Friday | 07:30 - 13:00 |
