28/05/2026
Nk’uko biri mu mugenzo mwiza w’Umugambwe Cndd-Fdd buri wa kane wa nyuma w’ukwezi, Abagumyabanga n’incuti z’Umugambwe bakoraniye hamwe mu ntara zose mu gisabisho mpuzamadini co gukengurukira Imana; ku civugo: “Ariko uwuzigama ijambo ryiwe, ni ivy’ukuri muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba urukundo rush*tse”.
Mu ntara ya Bujumbura, ico gisabisho cari gihagarariwe na Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu akongera akaba n’Umukuru w’Inama nkuru y’inararibonye; ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye.
Ijambo ry’ikaze ryashikirijwe n’Umukenguzamateka Cyriaque Nshimirimana, icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD.
Mu nyigisho zatanzwe na Hilgie Ngendakumana, yisunze ijambo ry’Imana ryo mw’ikete rya mbere ry’intumwa Yohani, yagarutse cane ku mabwirizwa aranga abakristu, asaba abagumyabanga kuyagenderamwo. Yasiguye ko uwuvuga ko azi Imana ategerezwa no kuzigama amabwirizwa yayo.
Mw’ijambo nyamukuru yashikirije yisunze ijambo ry’Imana, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Évariste yashimye ko Abarundi bariko barava mu muzimiza, uyu musi bikaba bigaragara ko umuco watamanzuye mu kuko mu gihugu ata ndyane zikiriho nk’izahora zibonekeza kera: “Umugambwe CNDD-FDD wubakiye ku bumwe bw’Abarundi, ni wo washize kw’iherezo amacakubiri y’amoko, y’amadini n’intara mu Burundi”
Yahamagariye indongozi zose gukomeza ubwo bumwe mu kubandanya gutunganiriza Abarundi bose ata nkunzi, yongera amenyesha ko Uburundi butazosubira inyuma kuko bwivyukiranije bukiyubaka, bukihesha iteka kuko bwigaba bukigaburira. Yasavye Abagumyabanga kugendera na ntaryo muri uwo muco bamurikire n’abandi Barundi.
14/05/2026
- : Gutsimbataza imigenderanire hagati y'imigambwe Cndd-Fdd na National Resistance Movement - NRM irongoye ivyo bihugu vyompi.
Ku butumire bwa mugenzi we, umunyamabanga Mukuru w'umugambwe CNDD-FDD, Nyeniteka Ndikuriyo Reveriyano, yaragendeye igihugu ca Uganda kuva kw'igenekerezo rya 10 Rusama umwaka w'2026 aho yashikiye mu gisagara ca Kampala. Intumbero y'urwo rugendo kwari ugukomeza ubucuti mu kwifatanya n’abanywanyi ba NRM mu rubanza rukomeye rwo kwimika Umukuru w'igihugu ca Uganda, Nyenicubahiro Yoweri Kaguta Museveni, aherutse gutorwa ngo asubire arongore igihugu ca Uganda.
Muri urwo rugendo, Nyeniteka Ndikuriyo Reveriyano yararonse akaryo ko kuganira na mugenziwe Umunyamabanga mukuru w'umugambwe NRM urongoye igihugu ca Uganda, Richard Todwong.
Muri ico kiganiro, abo bubahwa, uko ari babiri, baragarutse kuri kahise ku mugambwe CNDD-FDD n'umugambwe NRM. Iyo migambwe yompi ikaba yashikiye ubutegetsi yahoze ari imirwi irwana iharanira intwaro rusangi na démokarasi n'ubwigenge bw'abenegihugu.
Iyo migambwe isangiye kahise ifise n’intumbero imwe yo gutsimbataza akarangamutima ko gukundisha igihugu beneco, guharanira amahoro n'ubwigenge bw'igihugu hamwe no guteza imbere igihugu.
Nk'uko vyashikirijwe n'Umunyamabanga Mukuru w'umugambwe NRM, iyo migambwe yompi yipfuza gukomeza imigambi no guhanahana ubumenyi mu bisata bitandukanye, cane cane mu guha ubumenyi bushingiye ku mahoro n'umutekano imihari y'urwaruka n'abakenyezi bakomoka muri iyo migambwe. Kugira ngo abagize iyo mihari bareme urwaruka rushasha ruzobandanya rwubaka ivyo bihugu bisangiye kahise, eka mbere mu karere kose k'Afrika y'ubuseruko.
Intumwa z'umugambwe CNDD-FDD zari zirongowe c'Umunyamabanga Mukuru Nyeniteka Ndikuriyo Reveriyano, zarashimye ingene zakiriwe muri ico gihugu zongera zimenyesha ko umugambwe CNDD-FDD wipfuza kubandanya ukomeza imigenderanire myiza n'imigambwe migenzi yo muri ako karere ku nyungu z'abenegihugu.
Urwo rugendo rubaye inyuma y'indwi zibiri gusa Umunyamabanga mukuru w’Umugambwe NRM Richard Todwong agendeye Uburundi, aho yitabiriye ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry'umugambwe CNDD-FDD ryabereye i Gitega ku wa 26 ndamukiza 2026.
29/04/2026
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro, mu buryo bugaragara, imbonakazoza y’Uburundi igihugu cifashe mu mwaka w’2040 kandi giteye imbere mu mwaka w’2060, Inama ya Komite nkuru y’Umugambwe CNDD-FDD yabaye ku wa 24 na 25 ndamukiza 2026, yapfunditse ko hagiye gutunganywa ku rwego rw’umugambwe umugambi w’imyaka itanu (plan quinquennal), kugira ngo imigambi y’igihugu ntiherere mu nyandiko gusa kandi kugira ngo ikurikiranwa n’isuzuma ry’ishirwa mu ngiro ryayo vyorohe. (Ingingo ya 2.)
Ni muri iyo ntumbero nyene, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe Cndd-Fdd, Nyeniteka Révérien Ndikuriyo, kuri uyu wa 29 Ndamukiza 2026 yatanguje icese ibikorwa vy’umurwi w’abahinga mu bijanye n’ubutunzi n’iterambere, ujejwe gutegura uwo mugambi w’imyaka itanu.
Ihangiro: Guhindura imibereho y’abanyagihugu hisunzwe imbonakazoza. Uwo murwi uhamagariwe gutomora ibikorwa vyihutirwa, aho uburyo buzova n’ikirangamisi c’ishirwa mu ngiro. Uwo murwi kandi uzoheza unafashe mw’isuzuma ry’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi w’imyaka itanu (plan quinquennal).
Muri iyo nama, Nyeniteka Révérien Ndikuriyo yasavye abo bahinga kwihutisha ibikorwa vyabo, na rirya ubu icivuvo ngenderwako ari « amajambo make, ibikorwa vyinshi ». Yamenyesheje kandi ko bimwe mu vyo bazoshikako bazobisangiza urwego nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi kugira ngo bije mu nteguro y’ibikorwa vy’igihugu.
Ibikorwa bikaba bigiye kubandaniriza mu mirwi itandukanye, hisunzwe ubumenyi n’ubuhinga bw’umwe umwe muri abo bahinga, kugira ngo bashobore gutanga ivyiyumviro ata gisata na kimwe cibagiwe mu kiringo ca 2026 - 2031.
26/04/2026
Kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2026, Umugambwe Cndd-Fdd waratunganije, mu ntara ya Gitega, komine Gitega, zone Nyamugari, ku musozi Nyabututsi, ikoraniro kaminuza ridasanzwe ry’Abagumyabanga ku civugo « Bagumyabanga, tubone kumwe iyo tuja, dushigikize ibikorwa indongozi zacu». Ryitabwe n’Abagumyabanga isinzi, bagiwe imbere n’abagize Inama nkuru y’Inararibonye n’abagize Ubuserukizi bukuru bw’Umugambwe.
Ijambo ryo kugurura icese ivyo bikorwa ryashikirijwe na Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru; aho yahaye ikaze abitavye ikoraniro, aranabashimira ko bitavye ku bwinshi.
Yaciye yakira n’abandi batumire baje baserukiye imigambwe migenzi y’umugambwe CNDD-FDD yemewe n’amategeko mu Burundi, tutibagiye n’abaje bava mu bihugu bigenzi vy’Ubuganda, Nijeriya, Tanzaniya, Afrika y’Epfo, Tchad, n’ahandi.
Nyeniteka Umunyamabanga Mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yamenyesheje ko ikoraniro kaminuza ridasanzwe ribaye Abagumyabanga bamaze imisi imbere y’Imana, hamwe n’imisi ibiri mu bikorwa vyo kwirimbura mu nama ya Komite Nkuru Umugambwe CNDD-FDD.
Iryo koraniro kaminuza ridasanzwe rikaba ryatumiwe rero mu ntumbero yo kwemeza ingingo zapfunditswe n’iyo nama ya komite nkuru y’umugambwe yakoranye ku magenekerezo ya 24 na 25 Ndamukiza 2026 aho nyene mu ntara Gitega.
Mu ngingo nyamukuru zemejwe n’Ikoraniro kaminuza ridasanzwe hisunzwe ivyapfunditswe n’inama ya Komite nkuru mu bisata bitandukanye, harimwo:
ingingo zijanye no gushiraho « guichet unique d’exportation » kugira ngo borohereze abashora mu makungu; gutunganya ku rwego rw’umugambwe umugambi w’imyaka itanu (plan quinquennal) mu ntumbero yo gukurikiranira ku gihe ishirwa mu ngiro ry’Imbonakazoza; gushiraho ikigo cihariye kiraba ubukerarugendo (Office du tourisme); gusaba Reta ko yonagura urwego rw’igipolisi; guhana vy’akarorero abadindiza ibikorwa no gushiraho amategeko ntarengwa kugira ngo amatelefone ngendanwa ntasubire gukoreshwa mu biro vyose vya Reta, na cane cane ibitajanye n’akazi; nk’uko biri mu bindi bihugu biteye imbere.
Hejuru ya vyose, hamaze kuba umwihwezo ku ntambwe idasanzwe igihugu cateye mu bisata vyose kuva mu mwaka 2020, ku burongozi bwa Général Major Evariste Ndayishimiye, Abagumyabanga bose bagize Ikoraniro kaminuza ridasanzwe biyemeje kubandanya kuri urwo rugero rwiza, mu gutora Umugumyabanga Général Major Evariste Ndayishimiye ngo abe ariwe azoserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora y’Umukuru w’Igihugu yimirije.
Iyo nkuru nziza yaciye ishimangirwa na Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, umunyamabanga mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD.
Umwanya w’inkoramutima wabaye mu gihe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu akaba n’Umukuru w’Inama Nkuru y’Inararibonye, yaciye arahirira imbere y’Abagumyabanga bose n’abatumire bose bari bitavye ibikorwa, yemanga icese ko azokwama ashira imbere amategeko agenga umugambwe kandi ko azokwitanga atiziganya mu gukorera no gutunganiriza Abarundi bose, ata numwe avuyemwo.
26/04/2026
S.E Evariste Ndayishimiye a été élu par le Congrès national extraordinaire du Parti Cndd-Fdd comme Candidat du Parti CNDD-FDD, Inama y’Abanyagihugu, aux présidentielles de 2027.
25/04/2026
Ku magenekerezo ya 24 na 25 Ndamukiza 2026, mu ntara ya Gitega, Umugambwe Cndd-Fdd waratunganije inama ya Komite Nkuru y’Umugambwe ku civugo: « Bagumyabanga, twirimbure, turangure neza amabanga tujejwe, twongereze umuvuduko mu vyo dukora, ntitudindize urugamba rw’iterambere ».
Mw’ijambo ry’ikaze, Nyeniteka Reveriyano Ndikuriyo, Umunyamabanga Mukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, yaramenyesheje abagumyabanga ko iyo nama ije inyuma y’imyaka ibiri hariko harashirwa mu ngiro ingingo nyamukuru zapfunditswe n’Inama ya Komite Nkuru yabereye i Ngozi, ku wa 22 na 23 ndamukiza 2024.
Yamenyesheje ko ari igikorwa co kwisuzuma no kwirimbura ata gukikiriza, kugira ngo vy’ukuri nk’indongozi tumenye ico dukosora ku gahaze, kugira dushike kw’ihangiro bidatevye.
Mu gihe inama ibaye hasigaye umwaka umwe ngo habe amatora y’Umukuru w’Igihugu, Umunyamabanga Mukuru yarasavye abagumyabanga kugwiza umurindi mu bijanye no gushira mu ngiro imigambi yashizwe imbere aho umugambwe CNDD-FDD wiyamamaza mu matora ya 2020. Yagiriyeko ahimiriza abagumyabanga kwuzuzanya, guhinduka mu vyiyumviro mu gutsinda ubunebwe n’ingeso yo gukwega amaguru mu rugamba rw’iterambere.
Mw’ijambo ryiwe ryo gutanga intumbero, Nyenicubahiro Evariste NDAYISHIMIYE, Umukuru w’Igihugu akaba n’Umukuru w’Inama nkuru y’inararibonye, yakeje abagumyabanga kuko bigaragara ko bari ku murindi mwiza w’iterambere.
Yibukije abagumyabanga ko bokwama bazirikana ururirimbo ndangabuhizi rw’umugambwe, kugira ngo bame basuzuma ivyo biyemeje n’ivyo bamye baharanira. Yarashimye ko demokarasi yamaze gushinga imizi mu , kuko abenegihugu bishingiye uburongozi bubaharanira, bugengwa n’amategeko kandi bwitwararitse ineza ya bose.
Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yaboneyeho akaryo ko gukebura indongozi zimwe zimwe zidindiza urugendo, abasaba guhindura ingendo kuko ubu batazokwihanganirwa. Abagumyabanga basabwa kurema itunga, gusangira umutima n’inama, gukunda igihugu, kwiyubaka kugira bashobore kwubaka igihugu, kuko igihugu kigizwe n’abantu.
24/04/2026
Le Comité central du Parti Cndd-Fdd s’est réuni à Gitega, sous la direction de Son Excellence Évariste Ndayishimiye, Président de la République du et Président du Conseil des sages. Ces assises se déroulent sur deux jours, du vendredi 24 au samedi 25 avril 2026.
Cette session revêt une importance particulière, car elle vise à dresser un bilan approfondi des réalisations accomplies, à évaluer les actions en cours et à définir les priorités à venir dans le cadre de la mise en œuvre des orientations stratégiques du Parti. Elle intervient deux ans après la précédente réunion du Comité central tenue à Buye, dans la commune de Ngozi, les 22 et 23 avril 2024. Cette dernière avait abouti à des résolutions majeures dans tous les domaines de la vie nationale; notamment dans le secteur agricole, avec un accent sur l’augmentation de la production des cultures d’exportation telles que le café et le thé, ainsi que sur la promotion de nouvelles filières stratégiques comme l’avocat.
Dans cette dynamique, la réunion du Comité central constitue une étape charnière pour mesurer les progrès réalisés, identifier les défis persistants et ajuster les stratégies en vue d’atteindre les objectifs fixés.
Dans son allocution d’ouverture, le Chef de l’État a souligné que cette rencontre offre une opportunité essentielle pour apprécier le niveau de mise en œuvre des engagements pris. Il a rappelé le rôle central du CNDD-FDD, en tant que Parti au pouvoir, dans l’impulsion et l’orientation des politiques nationales de développement. Insistant sur la nécessité d’une synergie accrue entre les différents acteurs, il a également mis en avant l’importance de renforcer la mobilisation citoyenne afin que chaque Burundais participe activement à l’effort de développement national.
Le Président Evariste Ndayishimiye a réaffirmé la vision fondamentale du Parti : bâtir un où chaque citoyen accède à un bien-être durable, grâce à une croissance inclusive, portée par les Burundais eux-mêmes et bénéficiant directement à la population.
De son côté, le Secrétaire général du parti, Révérien Ndikuriyo, a appelé à une accélération significative de la mise en œuvre des projets adoptés. Il a insisté sur la nécessité d’un engagement total de la population et d’un dépassement des contraintes habituelles. Il a également souligné que les responsables à tous les niveaux doivent incarner cet élan, en donnant l’exemple par une implication concrète et soutenue dans les initiatives de développement.
Symbole de la volonté de réussir ce pari, les responsables de différentes institutions étatiques sont exceptionnellement invités
à ces séances d’échanges, d’évaluation et de réalignement.
18/04/2026
« Amasengesho yo kwirimbura no kwitura Imana »: Gitega, ku wa 23, 24, 25 ndamukiza 2026.