Mairie Bujumbura

Mairie Bujumbura

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Mairie Bujumbura, Town Hall, Avenue de l'Université Numéro 1, Bujumbura.

18/02/2026
Photos from Mairie Bujumbura's post 26/10/2024

Ibikorwa vy'isuku n'isukura birabandanya mugisagara ca Bujumbura.
Kur'uyu wa gatandatu igenekerezo rya 26/10/2024 hasukuwe umufurege wo kw'ibarabra ryitiriwe Melchior Ndadaye n'umufurege wo kw'ibarabra ryitiriwe agriculture.

Umukuru w'igisagara ca Bujumbura Jimmy HATUNGIMANA yabanje guca mu bibanza bitandukanye nko kuri chanic,no ku mahuriro y'amabarabara aja kukibuga c'indege araba uko ibikorwa vy'isuku vyariko biragenda. Mu nyuma yaciye yifatanya n'ingabo z'igihugu zo muri Brigade de Maitenance des Engins et Equipements Militaires hamwe n'abakozi bihinguriro ry'ibikoresho vyo kwubaka "superbat" mu gusukura umufurege uri kw'ibarabara ryitiriwe agriculture aca agirako atera akamo abanyagisagara bose kugira isuku iryabo kuko isuku ariryo rituma tugira amagara meza.

Yarangije asaba abanyagisagara bose kwitabira igikorwa co kwiyandisha kugira baze bitabire amatora yimirije kuko ari iteka kwitorera indongozi zacu.

Photos from Mairie Bujumbura's post 14/10/2024

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14/10/2024, Uburundi bwari bwaramutse bwibuka Intwari Umuganwa Rudoviko Rwagasore incungu y’ukwikura kw’Uburundi aho amaze imyaka 63 agandaguwe.
Ivyo birori bikaba vyuguruwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi arikumwe n’Umutambukanyi wiwe aho bashize urugori rw’amashurwe ku ntatemwa y’umuhisi Rudoviko Rwagasore iri ku musozi Vugizo, Zone Rohero, Komine Mukaza mu Gisagara ca Bujumbura.

Hakaba haciye hakurikira inkuka ya misa yo gusabira umuhisi, yabereye kuri Cathédrale Régina Mundi aho yari yatewe iteka na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi n’Umutambukanyi wiwe baherekejwe n’izindi ndongozi zitandukanye z’igihugu.
Muri iyo nkuka ya misa, Patiri Mukuru wa Cathédrale Régina Mundi FUPI Félix yahamagariye indongozi kwisuzuma baheze bigaye ku bicumuro bakoze, yongera abahamagarira gukurikiza iragi rya Rwagasore.

Inyuma ya nkuka ya misa, indongozi zitandukanye z’igihugu harimwo abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu c’Uburundi n’abaserukira imigambwe itandukanye yemewe n’amategeko baciye baja gushira ingori z’amashurwe ku ntatemwa y’Umuhisi Rudoviko Rwagasore akaba ari naho ivyo birori vyasozerewe.

Photos from Mairie Bujumbura's post 21/08/2024

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Myandagaro 2024, kaminuza y'Uburundi yatunganije uruganda rw'imisi ibiri rwahuje abashakashatsi kukijanye n'ibidukikije ku civugo kigira kiti KUBUNGABUNGA IBIDUKIKIJE N'ITERAMBERE RIRAMA MU BURUNDI"

Urwo ruganda rwahuje abashakashatsi bo hano iwacu mu gihugu, abo mu gihugu kibanyi ca Congo, Bénin, m'ububiligi n'ahandi.
Mw'ijambo ry'ikaze, Umuyobozi mw'ishikira mu buryo vy'umukuru w'igisagara ca Bujumbura yashimiye cane abateguye iryo huriro anashikiriza umwizero afise yuko iri huriro rifise vyinshi rizofasha mw'ishirwamungiro ry'ihangiro ry'igihugu 2040 igihugu cifashe 2060 igihugu giteye imbere.

Uwaserukiye kaminuza y'Uburundi, Emery NUKURI, icegera c'uwurongoye kaminuza y'Uburundi, yamenyesheje yuko ibibanza 17 vyateguwe hano mu gihugu cacu kigira igisata c'ubushakashatsi kukijanye n'ibidukikije gitere imbere aca anasaba yuko abashakashatsi ba hano iwacu batoza baraguma muri y'amazu ajejwe c'ubushakashatsi gusa(laboratoire) yamara bosohoka kugirango bungurane ubwenge nabo mumashihamwe y'igenga ya hano mu gihugu ndetse nayo hanze y'Uburundi.

Mw'ijambo ry'umusi, Umunyamabanga ntayegayezwa mu biro vy'umushikiranganji w'inyigisho n'Ubushakshatsi, Dr Frédéric BANGIRINAMA, yashimye cane igikorwa ca kaminuza y'Uburundi amenyesha ubwo bushakashatsi ari nkenerwa mw'ishirwa mu ngiro ya mbonakazoza 2040 Uburundi bwifashe, buteye imbere muri 2060.
Yongeye amenyesha ko mu ngingo igira 19 yoyo mbonakazoza hategekanijwe ibijanye no gukingira ibidukikije no kurinda Ibiza biturutse kw'ihindagurika ry'ibihe.
Yarangije ijambo ryiwe asaba yuko buri ntara yoba ifise ikigo c'ubushakashatsi.

Photos from Mairie Bujumbura's post 25/07/2024

Meri irabandanya gutunganya ibikorwa vyo gukurikirana abanyeshule bari mu buruhuko kugira ngo ntibaje mu bibatakariza umwanya.
Kur'uwu wa gatatu
24/7/2024, muri Zone Kanyosha abana 288 bari bahuriye kw'ishule ECOFO Kanyosha ya 1 mu nyigisho hamwe no kwinonora imitsi.

√ Umukuru wa Zone Kanyosha Arthemon Mvuyekure arashima ko abana baza ari benshi, ahimiriza abavyeyi kurungika abana babo. Arashimira amashirahamwe A.FE.P. A, A.BU.S.E.D na Croix Rouge ku ntererano zabo mu bikorwa vyo gukurikirana abana, nubwo hari intambamyi zo gukena abigisha.

√ Eliane Munezero wo mw'ishirahamwe A.FE.P.A ritanga inyigisho murivyo bikorwa, amenyeshako ko anezerezwa no gutanga intererano yiwe kugirango urwaruka rwikingire kuja mu ngeso mbi nk'ubushurashuzi, kunywa ibiyayuramutwe no kuyerera mu mabarabara.

Photos from Mairie Bujumbura's post 23/07/2024

Muri zone Buyenzi,ibikorwa vy'abanyeshure bari mu buruhuko birabandanya
nkuko twabisanze kur'uyu wa kabiri igenekerezo rya 23 Mukakaro 2024 aho bakwirikiranye inyigisho zijanye n'ugukunda igihugu cabibarutse.
Umwe mu basanzwe bakurikirana abo banyeshure amenyesha ko mu kiringo c'indwi imwe batanguye, bamaze kwiga ibitari bike, nk'inyifato ibereye, inyigisho zo
gukinjika no gukunda igihugu. Abana bato gushika ku myaka 6 nabo barigishwa amazina y'amazone agize komine Mukaza, Amakaritiye, amabarabara, ibimenyetso vy'igihugu,n'ibindi.

Medissa IZIVYOSE asanzwe akurikirana izo nyigisho, avuga ko zibafasha kwungura ubumenyi zigatuma ata bana baguma biyerereza mu mabarabara kandi bakubaha abavyeyi narirya mu nyigisho baronswa harimwo zijanye nk'inyifato ibereye.

Uwurongoye zone ya Buyenzi NIYONKURU Sefu arashima intambwe izo nyigisho zigezeko akamenyesha ko abajejwe intwaro baguma bahimiriza abavyeyi kurungika abana babo muri izo nyigisho. Akagira ati bigishwa ibitari bike harimwo kahise k'igihugu cabibarutse, kugira isuku ku mubiri naho babaye, kugira inyifato ibereye , izo nyigisho ziratuma abana badaheba amashure kuko no muburuhuko baguma bibutswa ibijanye marirya muri iyo zone ngo hacibonekeza abigeme baheba ishure

Photos from Mairie Bujumbura's post 13/06/2024

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2024, kw'ishure rikuru ry'ubuhinga ryitiriwe nyakwigendera Petero NKURUNZIZA, riri k'umurwa mukuru wa politique wa Gitega, komine Bugendana, Umukuru w'igihugu c'Uburundi yatunganije ikiganiro c'inyabune ku barongoye intwaro, inyamiramabi, ukwivuna abansi, hamwe n'ubutungane, mu ntumbero yokwihweza uko ubuzima bw'igihugu butunganije mu ntara zose zigize igihugu.

💬 Umuyobozi mwishikira mu biro vya Buramatari w'intara ya Gitega, mw'ijambo yashikirije,yashimiye Umukuru w'Igihugu kuba yiyumviriye ko ico kiyago cobera mu ntara ya Gitega anasaba abari ngaho ko botega amatwi impanuro baza gutekererwa n'umuvyeyi arongoye igihugu.

🎤 Mw'ijambo ry'intangamarara, Nyenicubahiro Umukuru w'Igihugu c'Uburundi yakiriye indongozi zose zabaye muri ico kibanza, amenyesha ko intumbero yico kiganiro ari ukurabira hamwe uko intara zifashe hama umwe wese amenye uko yifata muntumbero yogushikira Uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060.

Photos from Mairie Bujumbura's post 13/05/2024
Photos from Mairie Bujumbura's post 13/05/2024

Kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 12/5/2024, Umushikiranganji wa mbere Ndirakobuca Gervais yaragirishije inama abarongoye abandi mu ntwaro no mu gipolisi mu gisagara ca kugira barabire hamwe icokorwa ngo umutekano utsimbatare.

❤️ Indongozi zasabwe gukora uko zishoboye kugira zikinge ikintu cose coza guhungabanya umutekano w'abo zirongoye, ngo bakomeze imigenderanire myiza bongere bahanahane amakuru, gukurikirana uruja n'uruza rw'abantu mu makaritiye, bamenye abahagendera n'ico bakora.
🔥Muri iyo ntumbero nyene abarongoye amakaritiye basabwa gusuzuma ko amakaye y'urugo akora ico yagenewe.

😎Abadandaza inzoga mu mabutike basabwa kudahindura butike zabo ububare ariko uwuguze inzoga aje kuyinwyera mu rugo iwe.

😎Abatwara abantu ku mapikipiki nabo basabwa kwubahiriza aho bahawe gukorera.

Photos from Mairie Bujumbura's post 07/05/2024

Kuri uyu wa 7 Rusama 2024, Ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu n'ugufashanya mw'iterambere bwatunganije ihuriro rigira 6 ry'imiryango yuguruye,mu gisagara ca Bujumbura kuri Donatus center ku civugo kigira kiti:" uruhara rw'abanyamahanga mw'iterambere mwishirwa mu ngiro ry'imbonakazoza y'uburundi bwifashe 2040, Uburundi buteye imbere 2060".

😋 Mw'ijambo ry'ikaze, umukuru w'igisagara ca Bujumbura Jimmy HATUNGIMANA yashimiye ubwo bukiranganji bwateguye uwo musi kugira ngo barabire hamwe intambwe tugezeko mugushigikira mu ngiro imbonakozoza y'Uburundi bwifashe 2040 Uburundi buteye imbere 2060.

🔥Mw'ijambo yashikirije uwaserukiye igisata c i'shirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe iterambere Mathieu CIOWELA, yashimye cane iyo mbonakazoza, anakengurukira Reta y'Uburundi uko iriko ikora haba mu gihugu ndetse nuko ikorana nabaje bava hanze y'igihugu, aca amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu PNUD ataco ritazokora muguherekeza no mugushikira mubikorwa vyerekeza kuri iriyo mbonakazoza.

❤️ Mw'ijambo ryo kwugurura uyo musi, Umushikiranganji Albert NSHINGIRO yamenyesheje ko ibi bikorwa vyatangujwe na nyene icubahiro umukuru w'igihugu adahengeshanya kwibutsa uruhara rw'umwumwe wese kugirango iyo mbonakazoza bazoshobore kuyishikako, anibutsa ko atanumwe yosigara inyuma muri urwo rugamba rwogushikira iyo mbonakazoza.

Photos from Mairie Bujumbura's post 11/04/2024

Amazi y'ikiyaga ca Tanganyika yabaye ndanse
----------------------------------------------------------------------------------
Muri iki gitondo cuwa kane igenekerezo rya 11 Ndamukiza, umukuru w'igisagara ca Bujumbura yakiriye, Nyakubahwa icegera c'umukuru w'igihugu Prosper BAZOMBANZA, aherekejwe n'abashikiranganji: uw'ubudandanji, kunguruza abantu n'ibintu, n'abakerarugendo Marie Chantal hamwe n'uwinyubako rusangi Dieudonné DUKUNDANE aho bishikiye kuraba iduga ry'amazi y'ikiyaga caTanganyika.

Urwo rugendo baruhereye ahari ibikoresho vya REGIDESO biduza amazi aho basanze amazi yaduze kurugero rudasanzwe ndetse bikaba biri mubituma haba ikena ry'amazi mu gisagara ca Bujumbura. Muri ico kibanza yasanze ibikorwa vyogusubiza ayo mazi inyuma biremvye.

Urwo rugendo rwabandanirije kukivuko ca Bujumbura aho iryo duga ry'amazi ryibonekeza na cane cane nkaho imodoka zije gutora imizigo zahagarara, n'ahandi, umuyobozi w'ikivuko ca Bujumbura arikumwe n'umuhinga yaserukiye OBUHA bashikirije aho ibikorwa bigeze yerekana ko Inzira z'amazi(regar) zahora zisohora amazi zugawe kuko arizo zari zisigaye zinjiza amazi murico kibanza. Yanamenyesheje yuko hari indinganizo yokubaka uruhome rutangira imikuba y'amazi yahora yisuka murico kivuko.

Mw'ijambo yashikirije Prosper BAZOMBANZA yamenyesheje yuko Reta igiye kongereza inguvu naho ikibazo kijanye n'ibitoro kikiriho kugirango igitoro gikoreshwa n'ama machini ariko afasha murico gikorwa kiboneke kuko k'umusi hakoreshwa amazutu agera ku ma litiro 2000 yasavye kandi ko hoboneka igitabu cerekana iyo tuja kugirango kwirinda ivyo biza vyorohe, anasaba yuko ubushikiranganji bujejwe inyubako bwoshiramwo inguvu nyinshi kugirango amategeko yokubaka yubahirizwe, anasaba abenegihugu bubaka uko bishakiye bakwiye kwikebuka bakubahiriza amategeko, yarangirije kumajambo yihumure avugako ibikorwa bisubiza amazi inyuma biriko birakorwa ariko na cane cane ko buri wese akwiye kubahiriza amategeko ubushikiranganji bw'inyubako bushikiriza kugirango ibi vyago ntivyongere konona ubuzima bw'abenegihugu.

20/01/2024

Ibikorwa rusangi vy'uno musi vyabereye muri karitiye Busoro iri muri zone Kanyosha, komine Muha.

Want your business to be the top-listed Government Service in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Telephone

Address


Avenue De L'Université Numéro 1
Bujumbura
117