Map-Burundi.org

Map-Burundi.org

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Map-Burundi.org, Political organisation, Bujumbura.

Paix-Justice-Prospérité
MAP est déterminé à mettre en œuvre une vision socio-politique qui établit une vision et une stratégie de long terme, impliquant dans sa conception et sa mise en œuvre l'ensemble des secteurs économiques, sociaux, étatiques, civils

03/12/2025

Barundi, Barundikazi, Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE urabamenyesheje ko uzotunganya ikiganiro ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 6 z’ukwezi kwa Kigarama 2025 kuva isaha 18h gushika isaha 2 (20h) z’ijoro, amasaha yi Burundi.

Ico kiganiro kizoremeshwa n'Umushingantahe Emery Pacifique IGIRANEZA arongoye MAP-BURUNDI BUHIRE. Azobayagira ku buzima bw'igihugu cacu yongere yishure ku bibazo vyabazoba bitavye ico kiganiro.

Ikiganiro kizoremesherezwa kurubuga hwaniro ZOOM mu rurimi rw'Ikirundi, kikazoba gihagarariwe na:

Umushingantahe Alexandre NIYUNGEKO yunganiwe n’Umwarimu wa kaminuza Jean-Gabin NTEBUTSE.

Abipfuza gukwirikirana ico kiganiro basabwe kwiyandikisha ku rubuga

https://www.map-burundi.org/evenements-conferences

Kubw'Umugwi woguhana amakuru wa MAP-BURUNDI BUHIRE

Umupfasoni Armella INAMAHORO

18/06/2024

https://www.map-burundi.org/map-prend-position
Barundi, Barundikazi,
Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE warafashe
umwanya wo kwihweza ingorane zihanze Uburundi, uraca hirya no hino,
urihweza ibihe bitoroshe Abarundi bose barimwo birangwa n’amarira,
amaganya, inzara n’ubukene buzura inzara. Ariko Varisito Ndayishimiye,
Jelazi Ndabirabe na Reveriyano Ndikuriyo ntibasibe gushinyagurira Abarundi
ko bahiriwe, batunze, babayeho neza ibitari bwaboneke kuva Uburundi
bubaho.
Muri uyo mwihwezo Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu wagize, wasanze inzu
yitwa Uburundi yaraturiwe n’akagwi gatoya kadometse umuriro buke buke
Abarundi turorera, bamwe mbere bakoma amashi. Muruyo mw’ihwezo
twasanze umuriro wahumaganye, washikiriye agasongero k’inzu yitwa
Uburundi, uyo muriro utazimijwe vuba na vuba, agasongero kagiye gukoroka,
inganda zitikire, nta Murundi azorokoka: kaba ako kagwi kawudometse, canke
abo bose badasiba kwongereza umucanwa mu buryo butandukanye, ako
gasongero gakorotse ntikazobasiga, kazobahitana.
Ikindi Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu wash*tseko muri uyo mwihwezo ni
uko Uburundi bwatewe n’akagwi kaboheye Abarundi amaboko i mugongo.
Uburundi buri mu ngwano yamaze inganda, iyo ngwano nayo n’akaranda
kagizwe n’imigera myinshi itema igatongora ariyo ituma amagorwa Abarundi
babayemwo aguma yongerekana. Iyo migera nayo n’iyi: ubuhimbiri, ubusuma,
ubwambuzi, ibiturire, kunyonora itunga ry’igihugu, ubutungane bwa
ngondagonde, umutekano muke mu gihugu, inyuruzwa izuba riva ry’Abarundi
ataco bazira, iyicwa bunyamaswa ry’Abarundi, gushurashuza no gufata ku
nguvu abigeme n’abakenyezi, guta mu munyororo Abarundi atakosa
bagirizwa, gutoteza abanyagihugu mu buryo butandukanye, ubuntu
n’ubushingantahe butakirangwa mu bategetsi, n’ikibazo gikomeye ca
kigizigenza (leadership), indero yatitutse mu mashure nka yose mu Burundi,
aka mwama wa mama mugutanga akazi canke mugahabwa amabanga yo
kurungora ibisata bitandukanye (incompetence), …
Ikibazo Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu wibajije n’iki: uyo muriro Abarundi
twowuzimya gute agasongero katarakoroka? Iyo migera yamaze inganda mu
Burundi yovurwa n’iki? Mu ncamake Uburundi twobushayura gute?
Inyishu twash*tseko ni kurandurana n’imizi intwaro ya Varisito Ndayishimiye,
igasubirirwa n’iyindi igizwe n’abashingantahe n’abapfasoni bijunja n’ijambo,
bakunda Uburundi n’Abarundi, bafise imigambi n’imigabo irashe yo kugwanya
ubukene, yo guteza imbere imiryango, yo guha akanovera inyigisho mu
mashure, yo kwitaho ineza y’Abarundi bose, yo kugwanya ubusuma, igiturire
no gusesagura itunga ry’igihugu. Imigambi n’imigabo yubahiriza agateka ka
zina muntu biciye mu mahoro n’umutekano kuri bose, imigambi n’imigabo yo
kunywanisha Abarundi bonse rimwe, kurandurana n’imizi amacakubiri
ahagaze ku bwoko, intara, imigambwe canke amadini. Imigambi n’imigabo yo
kwubaka Uburundi bugatera imbere. Tutibagiye imibano myiza n’ibihugu
bibanyi. Ivyo vyose bikorwe hisunzwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi,
n’amasezerano y’i Arusha y’amahoro no kwonywanisha Abarundi.
Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE, urateye akamo
gakomeye abarundi bose, bo mu ntara zose, mu moko yose, mu migambwe
yose, amadini yose, eka mu butandukane bwose, tuje hamwe tugire urunani
rw’intamenwa, dushire ubwoba, dukanure tubone kumwe uno munsi kuko ejo
ni kera, twanke twese kubandanya duhambwa n’ubutegetsi bwa Varisito
Ndayishimiye n’abafasha biwe.
Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE, urateye akamo
indongozi z’umugambwe CNDD-FDD zifise umutima w’ikigongwe n’ubuntu....[....]

SOMA UBUTUMWA BWOSE: https://www.map-burundi.org/map-prend-position

Photos from Map-Burundi.org's post 21/04/2024

Appel du Mouvement d'Actions Patriotiques, MAP-BURUNDI BUHIRE à la solidarité nationale et internationale pour l'aide des sinistrés à la suite des catastrophes naturelles qui ont impacté dramatiquement la vie des centaines de milliers de nos compatriotes. À la suite de la corruption endémique qui mine les structures étatiques du Burundi, la gestion et la distribution de l'aide de toutes les aides collectes doivent être confiées aux organisations caritatives tant nationales qu'internationales dont l'éthique et le professionnalisme sont sans faille.

Pour l'équipe de communication, Libérat Ntibashirakandi, porte-parole de MAP-BURUNDI BUHIRE

12/04/2024

Umuhari w'Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE uzotunganya ikiganiro ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Ndamukiza mur'uyu mwaka w’2024, kuva isaha cumi na zibiri y'umuhingamo (18h) gushika isaha zibiri ku mugoroba (20h), amasaha y'i Bujumbura. Abatumire bazotuyagira kuvyerekeye urwego rw'ubushingantahe mu Burundi.

Wifuza gukurikirana iki kiganiro, wiyandikishe kurubuga rwa MAP Burundi Buhire: https://www.map-burundi.org/evenements-conferences

Photos from Map-Burundi.org's post 07/04/2024

30 years since the start of the 1994 Genocide against the Tutsi in , a period of unspeakable inhumanity; I wrote to HE president On behalf of to express our support and in appreciation of his leadership.

Kigali Today

Evenements & Debats | Map Burundi Buhire 15/03/2024

Evenements & Debats | Map Burundi Buhire Umuhari w'Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE uzotunganya ikiganiro ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante mur'uyu mwaka w’2024, kuva isaha cumi n'imwe y'umuhingamo (17h)  gushika isaha imwe ku mugoroba (19h), amasaha y'i Bujumbura.

Evenements & Debats | Map Burundi Buhire 15/03/2024

Umuhari w'Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE uzotunganya ikiganiro ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante mur'uyu mwaka w’2024, kuva isaha cumi n'imwe y'umuhingamo (17h) gushika isaha imwe ku mugoroba (19h), amasaha y'i Bujumbura.

Wifuza gukurikirana iki kiganiro, wiyandikishe kurubuga rwa MAP Burundi Buhire:

Evenements & Debats | Map Burundi Buhire Umuhari w'Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE uzotunganya ikiganiro ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante mur'uyu mwaka w’2024, kuva isaha cumi n'imwe y'umuhingamo (17h)  gushika isaha imwe ku mugoroba (19h), amasaha y'i Bujumbura.

Photos from Map-Burundi.org's post 29/10/2022

Déclaration de Map-Burundi.org sur le déploiement des militaires Burundais en République Démocratique du Congo

Photos from Map-Burundi.org's post 12/10/2022

Map-Burundi.org se prononce sur les récentes mesures de re-libéralisation du régime de change par la banque de la république du Burundi

06/07/2022
Want your business to be the top-listed Government Service in Bujumbura?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Address


Bujumbura

Opening Hours

Monday 09:00 - 17:00
Tuesday 09:00 - 17:00
Wednesday 09:00 - 17:00
Thursday 09:00 - 17:00
Friday 09:00 - 17:00
Saturday 10:00 - 14:00
Sunday 09:00 - 14:00