18/06/2024
https://www.map-burundi.org/map-prend-position
Barundi, Barundikazi,
Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE warafashe
umwanya wo kwihweza ingorane zihanze Uburundi, uraca hirya no hino,
urihweza ibihe bitoroshe Abarundi bose barimwo birangwa n’amarira,
amaganya, inzara n’ubukene buzura inzara. Ariko Varisito Ndayishimiye,
Jelazi Ndabirabe na Reveriyano Ndikuriyo ntibasibe gushinyagurira Abarundi
ko bahiriwe, batunze, babayeho neza ibitari bwaboneke kuva Uburundi
bubaho.
Muri uyo mwihwezo Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu wagize, wasanze inzu
yitwa Uburundi yaraturiwe n’akagwi gatoya kadometse umuriro buke buke
Abarundi turorera, bamwe mbere bakoma amashi. Muruyo mw’ihwezo
twasanze umuriro wahumaganye, washikiriye agasongero k’inzu yitwa
Uburundi, uyo muriro utazimijwe vuba na vuba, agasongero kagiye gukoroka,
inganda zitikire, nta Murundi azorokoka: kaba ako kagwi kawudometse, canke
abo bose badasiba kwongereza umucanwa mu buryo butandukanye, ako
gasongero gakorotse ntikazobasiga, kazobahitana.
Ikindi Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu wash*tseko muri uyo mwihwezo ni
uko Uburundi bwatewe n’akagwi kaboheye Abarundi amaboko i mugongo.
Uburundi buri mu ngwano yamaze inganda, iyo ngwano nayo n’akaranda
kagizwe n’imigera myinshi itema igatongora ariyo ituma amagorwa Abarundi
babayemwo aguma yongerekana. Iyo migera nayo n’iyi: ubuhimbiri, ubusuma,
ubwambuzi, ibiturire, kunyonora itunga ry’igihugu, ubutungane bwa
ngondagonde, umutekano muke mu gihugu, inyuruzwa izuba riva ry’Abarundi
ataco bazira, iyicwa bunyamaswa ry’Abarundi, gushurashuza no gufata ku
nguvu abigeme n’abakenyezi, guta mu munyororo Abarundi atakosa
bagirizwa, gutoteza abanyagihugu mu buryo butandukanye, ubuntu
n’ubushingantahe butakirangwa mu bategetsi, n’ikibazo gikomeye ca
kigizigenza (leadership), indero yatitutse mu mashure nka yose mu Burundi,
aka mwama wa mama mugutanga akazi canke mugahabwa amabanga yo
kurungora ibisata bitandukanye (incompetence), …
Ikibazo Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu wibajije n’iki: uyo muriro Abarundi
twowuzimya gute agasongero katarakoroka? Iyo migera yamaze inganda mu
Burundi yovurwa n’iki? Mu ncamake Uburundi twobushayura gute?
Inyishu twash*tseko ni kurandurana n’imizi intwaro ya Varisito Ndayishimiye,
igasubirirwa n’iyindi igizwe n’abashingantahe n’abapfasoni bijunja n’ijambo,
bakunda Uburundi n’Abarundi, bafise imigambi n’imigabo irashe yo kugwanya
ubukene, yo guteza imbere imiryango, yo guha akanovera inyigisho mu
mashure, yo kwitaho ineza y’Abarundi bose, yo kugwanya ubusuma, igiturire
no gusesagura itunga ry’igihugu. Imigambi n’imigabo yubahiriza agateka ka
zina muntu biciye mu mahoro n’umutekano kuri bose, imigambi n’imigabo yo
kunywanisha Abarundi bonse rimwe, kurandurana n’imizi amacakubiri
ahagaze ku bwoko, intara, imigambwe canke amadini. Imigambi n’imigabo yo
kwubaka Uburundi bugatera imbere. Tutibagiye imibano myiza n’ibihugu
bibanyi. Ivyo vyose bikorwe hisunzwe amasezerano y’ubumwe bw’abarundi,
n’amasezerano y’i Arusha y’amahoro no kwonywanisha Abarundi.
Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE, urateye akamo
gakomeye abarundi bose, bo mu ntara zose, mu moko yose, mu migambwe
yose, amadini yose, eka mu butandukane bwose, tuje hamwe tugire urunani
rw’intamenwa, dushire ubwoba, dukanure tubone kumwe uno munsi kuko ejo
ni kera, twanke twese kubandanya duhambwa n’ubutegetsi bwa Varisito
Ndayishimiye n’abafasha biwe.
Umuhari w’Ibikorwa Nkundagihugu, MAP-BURUNDI BUHIRE, urateye akamo
indongozi z’umugambwe CNDD-FDD zifise umutima w’ikigongwe n’ubuntu....[....]
SOMA UBUTUMWA BWOSE: https://www.map-burundi.org/map-prend-position