Upd-zigamibanga
UPD-ZIGAMIBANGA
UBUMWE-AMAHORO-ITERAMBERE. PRESIDENT:KASSIM ABDOUL
UMUNYWANYI:UMUZIGAMIBANGA
22/05/2025
Mu ncamake,hamwe mwohunda amajwi umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA,
Tuzoharanira ko abageze mu za bukuru bavugwa neza banaronke uburyo bubafasha mu buzima baba barimwo igihe bakukurutse.
Uburimyi n’ubworozi buzotezwa imbere, habeho igabanywa ry'ibiciro vy’ibifungurwa, no kurwiza umwimbu.
Abadandaza bazokoroherezwa mu bikorwa vyabo, gukuraho hakurwe n'inzitizi zibangamira gukora uyo mwuga vyoroshe mu Burundi.
Guhangana n’ubushomeri, no gufasha urwaruka kuboronka akazi.
Abigisha: Tuzogerageza dukore ku buryo abigisha baronka amafaranga akwiye abafasha kubaho no gukomeza indero y'akanovera.
Abantu banyonga ama taxis motos: Gufasha abiyunguruza mu buryo bwo gukora bagashika mu bibanza vyose, no kubaha inyigisho zijanye n'amategeko y’ibarabara.
Abaganga: Gukora ku buryo abaganga baronswa ibikoresho n’impembo ibereye mu bikorwa vyabo.
Abacamanza: Gukomeza ubwigenge bw’ubutungane no kurwanya ruswa mu nzego z'ubutungane.
4. MU GISATA C’AMAGARA MEZA KURI BOSE :
NI MWATORA UMUGAMBWE UPD-ZIGAMIBANGA,TUZOHARANIRA KO HABAHO:
• Gushiraho uburyo bwihuse bwo gukarihiriza ubwenge abaganga mu buvuzi bw’buhinga muvy’amagara y’abantu ;
• Gushinga ibwirizwa ritegeka abarongozi bo mu nzego z’igihugu zose, igisirikare n’igipolisi kwivuriza mu mavuriro n’ibitaro vya Reta ;
• Gutahukana abaganga b’abarundi bagiye gukorera mu bindi bihugu mu kubaronsa umushahara ubashimisha ;
• Guhinyanyura neza umugambi wo kuvura ku buntu abakenyezi bibungenze n’abana bari munsi y’imyaka itanu ;
• Kwubaka vyihuta uruganda ruhingura imiti;
• Gushinga ibwirizwa rikingira abagendana indwara zidakira
• Kuvura neza ku buntu abagendana indwara zitandukira nk’izo mu mutwe;
• Guha uburenganzira ishirahamwe Mutuelle de la Fonction
Publique bwo kugurira imiti y’abanywanyi bayo hanze;
• Kugwiza na kabiri amafaranga agenerwa ikigo cinjiza imiti ca CAMEBU;
• Kubuza abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi kushinga amavuriro yigenga co kimwe n’ubudandarizo bw’imiti;
• Guha akazi abaganga n’abaforoma bakwiye mu mavuriro n’ibitaro; • Kwongereza uburyo bwo kugura imiti n’ibikoresho vyo mu buvuzi;
• Guha buri bitaro vya komine za rusehabaniha zibiri • Gusubiramwo ibwirizwa rigenga abaganga n’umwuga wo kuvura ;
5. MU GISATA CO GUFUNGURA NEZA KURI
BOSE :
NI MWATORA UMUGAMBWE UPD-ZIGAMIBANGA,TUZOHARANIRA KO HABAHO:
• Kugabanura ibiciro vy’ibifungurwa vyose ku masoko yose mu gihugu;
• Gukura amakori n’amatagisi kubifungurwa vyinjira biva hanze nk’ibiharage n’umuceri mu kiringo c’imyaka 2;
• Gusubizaho amashirahamwe y’uburere yo guteza imbere uburimyi n’ubworozi;
• Gushiraho ibigo bigezweho vy’uburimyi n’ubworozi kuri buri komine ;
• Guhagarika itangwa ry’amatongo yo kwubakamwo mu biyaya kugira hakorerwe uburimyi;
• Gukoresha tingatinga no kwagura uburimyi bwo mu biyaya no mu myonga ;
• Kuvomera ibiterwa mu biyaya no ku mitumba igihe c’ici ;
• Guca imikobeko ku mitumba ihanamye ;
• Gukwiragiza kugaburira abanyeshure mu mashure yose nshingiro ;
• Guhingura imicafu yo mu ngo mu mwavu w’ibiterwa ;
• Kugwiza ibitara vy’ibiti ku misozi yose no ku nkengera z’inzuzi n’amabarabara mu ntumbero yo gukingira ibidukikije ;
• Guteza ibiti vy’ivyamwa mirongo itatu kuri buri muryango buri umwaka ;
• Gutunganya uburovyi ku buhinga bwa none mu biyaga vyose ;
• Guhimiriza ubworozi bw’ibitungwa bitobito nk’impene n’inkoko kuri buri muryango;
• Kurimisha imeteri z’ibijumbu n’imyumbati kuri buri muryango ku mitumba yose.
3. MU GISATA C’UBUTUNGANE KURI BOSE :
NI MWATORA UMUGAMBWE UPD-ZIGAMIBANGA,TUZOHARANIRA KO HABAHO :
• Gukura mu gisata c’ubutungane itunganywa rifatiye ku biharuro vy’amoko ;
• Gushinga umurwi w’abashingwamanza kuri buri ntara bajejwe gukurikirana imanza z’ababuranyi kuva mu nyamiramabi gushika mu ma sentare ;
• Gushinga umurwi w’igihugu w’abagenduzi ujejwe kugenzura inyifato n’akarangamutima k’abacamanza
n’abashikirizamanza ;
• Gutunganya ingendo z’abashingamateka mu mabohero n’ubusho bwose rimwe ku mezi atatu ;
•Kugabanya ikiringo c'ugupfungwa ivyagateganyo ntikirenze amezi atatu umuntu atararenguka muri sentare ;
•Kugabanya amasango y’imanza ntarenge kuri 2 ;
•Kwihutira gushira mu ngiro imanza zose zaciwe nama
Sentare ;
•Gutunganya bushasha igisata c’amashirahamwe yo gukinga impanuka ;
•Gupfungurura vy'agateganyo abantu bose bamaze ikiringo kirenga umwaka mwibohero batararenguka imbere y’intahe ;
2. MU GISATA CO KUGWIZA AKAZI :
NI MWATORA UMUGAMBWE UPD-ZIGAMIBANGA, HAZOHARANIRWA KO HABAHO:
•Gushinga itegeko ryorohereza barya bandandaza batobato batembereza ibintu ku mutwe,
•Kwinjiza no kwongereza abapolisi bajejwe umutekano ku mabarabara yose hagati mu gihugu no mubisagara kugira ngo abenegihugu bashobore gukora ijoro n’umutaga ;
•Kwinjiza ku bwinshi no kwongereza ubuhinga n’ubushobozi abasirikare kugira imbibe z’igihugu cacu ntizihungabane; • Kuronsa abanyamyuga n’abaririmvyi uburyo bungana na miriyaridi 5 ku mwaka
•Gusubiramwo itunganywa ry’igisata c’ingenzi ;
•Kwubaka amahinguriro y’ubutare hafi y’aho bucukurwa ; • Kwubaka amahinguriro y’ibiribwa mvaburimyi muri buri ntara ;
•Kugabanya ibisabwa mu kumenyesha ibindandazwa bisohoka n’ivyinjira ;
•Gusubiramwo irimwa n’idandazwa ry’igiterwa c’ikawa n’icayi ;
•Kwinjiza mu kazi abakozi hisunzwe ubuhinga n’ubushobozi hatarabwe umugambwe;
•Gushigikira utwigoro two kwitunganiriza akazi ;
•Kunagura amahinguriro ya Reta yahomvye canke yagurishijwe;
•Kugira urutonde buri mwaka rw’urwaruka rutagira akazi;
•Kwagura no kwongereza amabarabara mu bisagara kugira ngo abanyonga ama taxis motos bakore bidegemvya; • Gutunganya ibituro vyama bus n’ama taxis motos;
• Gutunganya ibisata vyose vy’igihugu ku buhinga bwa none
(Digitalisation et interconnexion
Barundi, Barundikazi, ,
Muri aya matora buca y'abitoza mu nama Nshingamateka n'amanama mpanuzwajambo z'amakomine ategekanijwe kuwa 5 Ruhenshi 2025, UPD-ZIGAMIBANGA washize imbere icivugo gikurikira'' TORA UMUGAMBWE UPD-ZIGAMIBANGA, TWUBAKE UBURUNDI BUZIRA AKARENGANYO, IKINYOMA N’IGITURIRE''
Umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA usanzwe ushira imbere mu civugo cawo ''UBUNTU-UBUTUNGANE NA DEMOCRATIE.
Hamwe hotorwa abashingamateka b'Umugambwe UPD'ZIGAMIBANGA,bazoharanira ibi bikurikira;
1. MU GISATA C’INDERO N’INYIGISHO VY’AKANOVERA
•Tuzoharanira ko habaho itegeko ko abavyeyi bashinzwe amabanga ya poritike n’abategetsi bashinzwe amabanga y’igihugu, intwazangabo mu gisirikare n’igipolisi eka n’abakozi ba Reta bose bandikisha abana babo mu mashure ya Reta;
Tuzoharanira kandi ko ururimi rw’igiswahili mu mashure kugira Abarundi bazoshobore gukora borohewe mu bihugu vyo mu karere duhana imbibe;
•Tuzoharanira kandi ko umushahara w’abigisha ku bice 30% kandi ko ata kirasi corenza abana 40 kugira bige neza.
• Gusubizaho uburaro bw’abanyeshure bose guhera ku mwaka w’indwi ;
• Gusubizaho uburaro muri Kaminuza y’Uburundi, gufungurirwa no kuronsa abanyeshure agafashanyo ata deni(Bourse);
• Gutanga ubushigikizi bw’imiliyaridi cumi ku mwaka mu kigega co gufatana mu nda c’abakozi bo mu gisata c’indero (Fond de Solidarité des Travailleurs de l’enseignement : FSTE) no mu kigega c’uburaro bw’abigisha (Fond de logement des Enseignants:FLE) kugira baronswe ingurane ku nyungu zitavuna ;
• Kwinjiza abigisha amajana abiri na mirongo itanu (250) buri umwaka muri bur’ikomine;
• Guha buri komine intebe z’abanyeshure ibihumbi cumi na bitanu (15000) buri mwaka;
• Kwubaka uburaro bw’abigisha hafi y’amashure bakorerako;
• Tuzoharanira ko ikigo kijejwe kugwiza ibikoresho vy’indero (Régie de production pédagogique:RPP) gihabwa uburyo bw’amafaranga bungana n’imiriyari cumi na zitanu (15 milliards) ku mwaka;
•Ikurwaho uburyo bwo kwiga inguga zibiri ;
•Guha buri ishure mudasobwa mirongo itanu (50 ordinateurs)buri mwaka ;
•Ishingwa ry'ikigo ca kaminuza kijejwe ubushakashatsi mu vyubuhinga n’ubumenyi ;
•Gutunganya indinganizo y’abanyeshure baheza muri buri gisata ku mwaka kugira hashobore gutunganywa ingene baronka akazi;
22/12/2024
Ubushikiranganji butatu bwaratanguje, kuri uyu wa gatatu, ico bwise urugamba rwo kurwanya abantu badatanga amakori n’amatagisi. Ubwo bushikiranganji ni ubw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, ubw’ubutungane n’ubw’ikigega ca reta. Mu nama yabuhuje, Martin Niteretse, arongoye ubushikiranganji bujejwe iterambere rusangi, yavuze ko batazokwemerera aboba baragize umugambi wo kwimbira ikinogo Uburundi.
Umushikiranganji w’ubutungane, we yamenyesheje ko abo bantu badatanga amakori basuzugura inzego zijejwe intwaro, ubutungane n’umutekano kuko babikora zirorera. Domine Banyankimbona abona ko hageze ko bakorera hamwe kugira bikunde batuze abo bantu yibaza ko bamaze kumenyera ko ataco bobagira. Nestor Ntahontuye, umushikiranganji w’ikigega ca reta, yashikirije ko bariko baritunganya kugira bakore n’ishaka rinini ibibega.
Mu mugambwe UPD Zigama ibanga bo basanga mu gihe hakiri abategetsi bakuru muri reta, mu giporisi canke mu gisirikare bakora urudandazwa hazokwama haboneka abadatanga amakori n’amatagisi. Abdul Kassim awurongoye asigura ko nk’umukozi wa OBR atokwigera ahangara ibintu vy’abo bategetsi kuko n’akazi yoshobora guca agakurwamwo. Yongerako ko hari n’abategerezwa kuyatanga ariko ugasanga barahawe uburusho bwo kutariha amakori.
13/10/2024
Mu nama yahuje abagenderakaranga ba - irongowe n'uwubaserukira umugenderakaranga afadikanije n'umunyamabanga Mukuru n'umugambwe kuwa Gatandatu igenekerezo 12 Gitugutu 2024 barabiye hamwe uko bogira uruhara ngo umugambwe uzotsinde amatora bongera barabira hamwe ICO bokora mu ntumbero yo kwitoza imbere.
Kassim Abdoul Radio-Télévision Isanganiro RTI Ncuti Innocent Dady Nibigira Radio Nderagakura Bonesha Amakuru Kazoza FM Radio Indundi Culture Upd-zigamibanga
11/09/2024
Click here to claim your Sponsored Listing.
Location
Category
Contact the business
Telephone
Website
Address
Bujumbura
