Bibiriya Umutsima W' Ubugingo

Bibiriya Umutsima W' Ubugingo

Share

Ibinoboye Birimwo Amaganya Birutwa Nikivube Cuzuye Amahoro

10/05/2022

IGICE CA 5: UKURI

Pasteur Romoild KARORERO
E-mail:[email protected]
Gmail:romoildka@gmail
B.P 7442 Bujumbura
==========================
«UKURI KW’IJAMBO RY’IMANA»
*****************************************
Thème : UKURI Yohana 18 : 37-38
(….kand’iki ni co canzanye mw’isi,n’ukugira ngo nshingire intahe ukuri.Uw’
ukuri wese yumva ijwi ryanje.Pilato aramubaza ati ukuri niki?

IGICE CA GATANU
***********************

-Kaze kandi munyigisho zacu z’ukuri kw’ijambo ry’Imana,mugihe gishize twarize
kucirwa c’UKURI aho twabonye
*Ukuri icarico
*Uko ukuri kumeze
*Ukuri guhari
-Aho twabonye ko ukuri ari
-Imana
-Yesu kristo
-Mpwemu yera
-Umuntu
*-Ubu naho tubandanye, aho tugiye kuvuga kuribi bikurikira:
----------------------------------------------------------------------------

*Aho ukuri kuba,nukuvuga ikibanza c'ukuri.

III. NONE UKURI KUBA HEHE ?

1. Kugira ngo utore neza ikibanza caho ukuri kuba n’uko ubanza kumenya uwo mwanya w’UKURI kw’ico urondera. (Mbega ndondera ukuri kw’iki ? Kw’Imana canke kw’abantu, canke kw’ibintu.) Uko nako dufise kugusanga.
a. Mu Mana
b. Muri Kristo Yesu
c. Muri Mpwemu Yera
d. Mu bantu
e. Mu bintu

N.B : K’uruhande rw’umuntu n’ikibanza bizwi neza ko kibamwo
UKURI ; ariko uko kuri si kenshi gutangwa mu gihe gukenewe kumvo yuko uwo muntu azi neza ko niyatanga uko kuri hari ibica bihinduka ! bigaca bituma hanyaruka IKINYOMA. Ukuri kukabikwa kukanyegezwa ikinyoma kikaganza.

IV. AHO UKURI KUGARAGARIRA.
1. Ego ukuri kurafise aho kuba ariko kandi kurafise naho kugaragarira naho naha :

a. MUBIKORWA (1 Abikorinto 4 : 2)
Ex : Hezekiya (2 Ingoma 31 : 20 ; Ezekiyeri 18 : 9).

b. MUMAJAMBO (Abanyefeso 4 : 25, Imigani 12 : 17, 19)
Ex : Yosefu na bene Se. (Itanguriro 42 : 16-17)
Ex : Dawidi (Zaburi 15 : 2)
Ex : Bwenge (Imigani 8 : 7)
Ex : Paul (Ivyakozwe n’Intumwa 26 : 25)
Ex : Yobu (Yobu 36 : 4)

c. MUNYIFATO
Ex : Umugore yakoze ku mpuzu ya Yesu Kristo (Mariko 5 : 33).
d. MUBUPFINDO
Ex : Sawuli na Yonatani (1 Samweli 14 : 42-44)
Ex : Yona (Yona 1 : 7)

e. UKO UMUNTU ARI
- Uko umuntu ari canke avuka ari niko KURI kugaragarira k’umuntu. Abavyeyi babiri barashobora kudahuriza kugikorwa cabaye mu muryango co GUSAMA INDA. Impari zikaba impari z’uwutemera uyo mwana ari mu mbanyi ayo mezi agahera ari uruhagarara rukomeye. Ariko umwana amaze kuvuka ugaca usanga haje UKURI kwemeza uwahakana kwivyabaye atabizi, eka mbere ata n’uruhara abifisemwo. UKO URI NIKO KURI KW’ICO URI, NICO IMANA YAGOMVYE.
Ibisigaye n’ibihindurwa
• N’Imana mugushigikira uko kuri
• N’ibihe mugushigikira uko kuri
• N’ibifungurwa n’ibinyobwa mugushigikira uko kuri

N.B : Ariko kandi tutibagiye ko

• Umwansi
• Umuntu
• Ibihe
• Ibintu

Biri navyo mubizana ihinduka ribi ritari iriza gushigikira uko kuri ; ariko riza kukurwanya. Ivyo navyo sivyiza kuko bica bitanga ishusho y’uko uwo muntu ari URWANYA IMANA.

f. INZIRA (Zaburi 25 : 10)
- Ukuri kurafise kugaragarira mu nzira, n’ukuvuga uburyo umuntu yakoresheje.
• Mugushika ku kintu
• Mugutora ico kintu

N’ukuvuga ibigaragara bigashigikirwa n’ukuri kw’iyo waciye mugushika kuco babona.

N.B : - Kubaho kwawe kwaciye mu nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Gukura kwawe kwaciye nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Kwiga kwawe kwaciye nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Gutsinda amashure kwawe kwaciye nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Gukora akazi kwawe kwaciye kwaciye nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Kubaka urwawe kwawe kwaciye kwaciye kwaciye nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Gutunga kwawe kwaciye kwaciye nzira iyihe ? Y’UKURI ?
- Eka kuba warash*tse kuri ico cose, ubifitiye insiguro
iyihe hamwe woyisabwa ? Kandi ishobora
gukenerwa ubu canke muri kazoza imbere y’Imana.

N.B:Nahawe kuvyibazako hakiri kare !

Tuzoshishikara…………………………..

22/12/2021
01/02/2021

Humura Wewe Urushe Uremerewe Birarangiye Witinya Ibikugose Iyakuremye IrabishHumura Wewe Urushe Uremerewe Birarangiye Witinya Ibikugose Iyakuremye Irabishoboye

31/01/2021

Data Arakora: Yarabivuze Ko Ataco Azokora Atabanje Kwibira Akabanga Abavugishwa.Uragahezagirwa Kuko Ugenda Ufobora IbifobetData Arakora: Yarabivuze Ko Ataco Azokora Atabanje Kwibira Akabanga Abavugishwa.Uragahezagirwa Kuko Ugenda Ufobora Ibifobetse.

29/12/2019

yeremiya 33:3 Mpamagara nanje ndakwitaba nkwereke ibihambaye nivyikinze nivyo utari bwamenye

Want your business to be the top-listed Government Service in Buyenzi?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Telephone

Website

Address


Buyenzi

Opening Hours

Monday 09:00 - 17:00
Tuesday 09:00 - 17:00
Wednesday 09:00 - 17:00
Thursday 09:00 - 17:00
Friday 09:00 - 17:00
Saturday 09:00 - 17:00
Sunday 09:00 - 17:00