08/05/2026
🥳 Urwaruka 37 rwahoze mw'ibarabara, rurerewe mu bigo vy'ishirahamwe biri mu na narwo rwarasansumwe kugira murirwo hazobe guhitamwo uruzofashwa n'umugambi Paeej-Burundi.
Ico gikorwa kikaba cakozwe n'umurwi washizweho ngo ugitunganye, Hari kuri uyu wa gatanu, italiki 08/5/2026
👉 Urwo rwaruka rukaba rwiyongereye k'urundi 73, rurerewe mu kugira ca co mu narwo nyene ruheruka gusansumwa.
🤝 Umugambi PAEEJ ukazobafasha mukubaha imitahe yibanze canke inyigisho z'imyuga, bivanye nico umwe wese azoba yiyumvamwo.
✅ Umugambi wo kwegeranya urwo rwaruka ukaba ufise uhangiro ryuko narwo rufashanya n'urundi rwaruka rw'abarundi muri rusangi mugukora imigambi iruteza imbere ubwarwo, ikanateza imbere igihugu.
📌 Umugambi PAEEJ ukaba ufise intumbero ko urwaruka rwose rusanzwe rukwije imyaka isabwa kugira ushigikirwe, rwova mw'ibarabara rugakora ibiruteza imbere.
07/05/2026
👥 Urwaruka 73 kubarenga 200 basanzwe gushika ubu bari mu kigo ca kiri muri zone Mishiha, komine Gisagara intara ya (Cankuzo) gisanzwe cakira abana bahoze mw'ibarabara, bagiye kuzofashwa n'umugambi Paeej-Burundi.
📌 Urwo rwaruka rwatowe kuri uyu wa gatatu itariki 06/5/2026 n'umugwi uriko uragendera ibigo bitandukanye bisanzwe bireze abana bahoze mw'ibarabara kugira hatorwemwo urwaruka rukwije ibisanzwe bisabwa kugira ushigikirwe n'umugambi PAEEJ.
✅ Urwo rwaruka rero rukazofashwa kugira rushobore kuraba nimba hari aboja muvyo kwitunganiriza imigambi canke kuronswa inyigisho z'imyuga bivanye n'ico umwe wese yiyumvamwo.
📍Inyuma y'ikigo ca MUNZENZE, uwo murwi warungitswe na PAEEJ ukaba ugiye kugendera kandi ibigo vya , na Enfant Soleil biri mu gisagara ca Bujumbura ku magenekerezo ya 7 na 8/5/2026
25/04/2026
🥳 Ihiganwa ry'imigambi ihuza abanyeshure bo mu mashure shingiro ryasozerewe mu ntara ya Gitega.
✅ Iryo higanwa rikaba ryatunganijwe n'umugambiPaeej-Burundi ufadikanije n'ishirahamwe mpuzamakunguUNICEF Burundi mu mugambi "EJO HEZA".
📍Aho ryabereye, ku cicaro gikuru c'umugambi PAEEJ, abashoboye gutahana ubushimwe akaba ari aba bakurikira :
1. Nishimwe Aimée Lory Marie : Télé-consultation : Lycée Étoile des Montagnes d'Ijenda
2. Iratunezereje Gany Gloire : Fabrication des chaussures (Lycée Musinzira)
3. Dushime Sage Marie Ortel : Biochar Burundi (Lycée d'Excellence Musenyi)
4. Bwitonzi Betinna Docile : LIMONEX Burundi (Lycée d'Exellence Ngagara)
5. NKenshimana Don Bercy : Transformation du fumier (Lycée Rumonge)
6. Niyubahwe Astère : Transformation et Commercialisation des fromages (ETS Kiryama)
👉 Abash*tse mu gice ca nyuma c'ihiganwa bakaba bari 25 bose hamwe, ni kuvuga 5 kuri buri ntara.
✅ Abo batandatu bakazoca bigishwa uko bategura umugambi neza, baheze bahabwe imitahe yo gushira mu ngiro ivyiyumviro vyabo, banaherekezwe mu kuyirangura.
24/04/2026
📢 Umugambi Paeej-Burundi urahamagaje urwaruka rwipfuza kwiga imyuga itandukanye, kwiyandikisha kugira rutangure kuronswa inyigisho.
📍Abarabwa nizo nyigisho akaba arabo mu ma zone ya: Bururi, Matana, Nyanza, Mabanda, Makamba, Kayogoro, Rutana, Bukemba, Maramvya, Kabezi, Rumonge, Bugarama, Muhuta, Kayanza na Muruta
✍️ Abiyandikisha akaba ari urwaruka rufise hagati y'imyaka 16 na 40, ata kazi rufise, kandi ruba mu ma zone azoberamwo inyigisho.
🗒️ Itariki ntarengwa yo kwiyandisha: 28/4/2026,
Mukwiyandikisha bica k'urubuga ngurukanabumenyi 👉 https://paeej.bi/publication-des-avis/avis-d-appel-a-candidature-pour-les-formations-professionnelles-en-metiers/78/
canke ku biro vya PAEEJ mw'ikomine
🛠️ Imyuga bazokwigishwa akaba ari : gufotora, guteranya ivyuma, gukora ama motos, gukora ibitumbura n'imikate, gukora amasabuni, gukora ibirato, gukinjika, gukora ama téléphones yapfuye, gukora impuzu ukoresheje inyuzi.
18/04/2026
Paeej-Burundi ifadikanije n'ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF Burundi m'umugambi EJO HEZA, baratungaje ihiganwa ry'imigambi k'urwaruka rwo mu mashure yisumbuye.
🎯 Kur'uyu wa 17/4/2026, niho haba igice ca kabiri gishira icanyu (demi-finale) c'iryo higanwa.
📍 Mu ntara ya Gitega iryo higanwa ryabereye kuri lycée d'excellence Musinzira.
🥇Imigambi 5 yarushije iyindi :
1. DUSABE Josephat afise umugambi wo kubika neza inyama z'inka ( Viande bovine en conserve)
2.Iratunezereje Gany Gloire afise umugambi woguhingura ibirato vya yebo yebo
3.Ndayishimiye Arstide afise umugambi wo guhingura ifufu mu magi (œufs en poudre)
4. Irishura kelly Don Pasteur afise umugambi wo gugukora cuir mu mababi y'inanasi (cuir à base de feuilles d’ananas)
5.Habonimana Kévin afise umugambi wo guhingura amavuta mu bigori (huile à partir de graines de maïs)
📍Mu ntara ya Bujumbura naho, iryo higanwa ryabereye kuri lycée SOS.
🥇Imigambi 5 yarushije iyindi :
1. Sezerano Lamy Douce afise umugambi wo kubika neza ivyamwa n'imboga ( conservation des fruits et légumes)
2. Irankeje Lucia Samuella afise umugambi woguhingura no kubika ibigori ( transformation et conservation de maïs)
3. Nishimwe Aimée Lori Maria afise umugambi wo kwivuza biceye mubuhinga ngurukana bumenyi (Téléconsultation médicale )
4. Ishimwe Abigaelle Blessing afise umugambi wo gukora rerviettes hygiéniques
5. Bwitonzi Bettina Docilo : transformation de la citronnelle
🚀 Imigambi yatowe yose hamwe ni 25 mu gihugu cose, ni kuvuga imigambi 5 ku ntara, hagaca hiyongerako imigambi 4 yabagendana ubumuga.
Iyo migambi ikaba ariyo izohiganwa itariki 25/4/2026 mu gice ca nyuma (finale) kizobera i gitega.
15/04/2026
📢 Umugambi Paeej-Burundi urahamagaje urwaruka rwipfuza kwiga imyuga itandukanye, kwiyandikisha kugira rutangure kuronswa inyigisho.
📍Abarabwa nizo nyigisho akaba arabo mu ma komine ya Karusi, Ngozi, Tangara, Muyinga na Butihinda.
✍️ Abiyandikisha akaba ari urwaruka rufise hagati y'imyaka 16 na 40, ata kazi rufise, kandi ruba mu ma komine azoberamwo inyigisho.
🗒️ Kwiyandikisha bizosozerwa itariki 17/4/2026, bikaba bibera k'urubuga ngurukanabumenyi 👉 https://bit.ly/4vxVLPe canke ku biro vya PAEEJ muri ayo ma komine yavuzwe hejuru.
🛠️ Imyuga bazokwigishwa akaba ari : gufotora, guteranya ivyuma, gukora ama motos, gukora ibitumbura n'imikate, gukora amasabuni, gukora ibirato, gukinjika, gukora ama téléphones yapfuye, n'ibindi.
13/04/2026
📢 Umugambi Paeej-Burundi uramenyesha abari biyandikishije basaba akazi mu bisata bitandukanye, ko intonde za batowe ngo bazokore ikibazo co kwandika zabonetse.
📌 Ikibazo kizokorerwa ku cicaro gikuru ca PAEEJ i Gitega,
🗓️ Itariki 15/4/2026,
⏰ Isaha zitatu zo mu gatondo (9h)
🌐 Mu kuraba intonde za batowe muca kur'uru rubuga👉 https://paeej.bi/publication-des-resultats/publication-des-listes-des-candidats-admissibles-aux-preuves-crites/75/
Canke murabe kuri ayo mafoto👇