Province Gitega J.P.G

Province Gitega J.P.G

Share

Promotion: Nous accueillons vos Pub Reportage audio visuel sur les travaux de développement

Photos from Province Gitega J.P.G's post 31/05/2026

Abasirikare bacungera inzego z’igihugu ni bo batahukanye ikibanza ca mbere mw'ihiganwa ryateguwe n'urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi.

Ayo mahiganwa akaba yabereye muri centre Commando mw'ikambi ya gisirikare iri i 22ème Bataillon. Iryo higanwa rikaba ryasozera inyigisho n'imyimenyerezo ya gisirikare vy'umwaka wa 2025 ushira 2026.

Abasirikare bo mu karere ka kabiri ka gisirikare (2ème division d'infanterie) akaba aribo batahukanye ikibanza ca kabiri. Ikibanza ca gatatu naco catahukanywe n’abasirikare bo mw'ishure ry'ibisongerezi .

Iryo higanwa ryari rigizwe no gusiganwa baca ku mitego, kwiruka barondera ibinyegejwe bakoresheje ikarata ya gisirikare, kwiruka ibirometero 17 bafise ibikoresho vy'akazi, ndetse no kwiruka ibirometero 8 bafise ibikoresho vya gisirikare bagashika barasa.

Muri ivyo birori, Umukuru w'Urwego rwo kwivuna abansi rw'Uburundi Général , yamenyesheje ko amahiganwa bene ayo atuma igisirikare gikomeza akarangamutima ko kurangura neza umwuga wa gisirikare mu gukingira igihugu, akibutsa ko iryo higanwa ari igikorwa gitegurwa hisunzwe intumbero ya buri mwaka.

Akaba yateye akamo intwazangabo zirongoye abandi ko zotegura intwaramiheto zose, kuko umusirikare wese ategerezwa kuba yujuje inyigisho n’imyimenyerezo kugira ngo arangure neza umwuga wiwe. Kabaye n'akaryo keza kuri we ko gukeza abasirikare barushije abandi muri ayo mahiganwa, ko bobandanya batera imbere.

Général Brigade arongoye ingabo zijejwe gucungera inzego z’igihugu yarashimiye urwego rwo kwivuna abansi mu Burundi ku gikorwa co gutunganya ayo mahiganwa, ngo kuko atuma umugwi wose wa gisirikare umenya aho ugejeje ibikorwa biba vyarategekanijwe n'Urwego rwo kwivuna abansi buri mwaka.

Isoko: Agence Burundaise de Presse

31/05/2026

:Mukwezi kumwe yinjiza amafaranga arenga imiliyoni 15 kubera uburimyi bw'amabungo arima kuri 3,5 ha gusa

31/05/2026

:Mugukora nyabarega nta demokarasi ibamwo.Abantu bategerezwa kwijukira guhingura umvavu w'ikirundi wakanovera urimwo ivyunyunyu vyose.

Ivyo bishikirizwa n'Umuyobozi w'uburimyi n'ubworozi mu ntara ya Gitega mu ngendo aragira mu makomine atandukanye ahamagarira abenegihugu kwijukira za Nyabarenga.

31/05/2026

Amahoro cane 🙌🏼🤗

Turi n'akanyamuneza kenshi ko kubashikiriza iyi Ndirimbo IMANA YIGENGA y'umuririmvyi ClovisKing Famille des adorateurs

Ntugende utayiravye yose ngiyi kuru youtube 👉👇🏼 https://youtu.be/zfxdnHFgcKs?si=-8v3b1CTQvcTtZfK

Photos from Province Gitega J.P.G's post 30/05/2026

‎ : Mukwezi kumwe yinjiza amafaranga arenga imiliyoni 15 kubera uburimyi bw'amabungo atewe kuri 3'5 ha

‎Ku mutumba wa , muri zone Mbogora, komine , Sindayihebura Cyprien n'umurimyi-mworozi wa kijambere arima amabungo akaba aronka amafaranga arenga imiliyoni 15 z’amafaranga y’amarundi ku kwezi avuye muri ubwo burimyi bw’amatunda.Ubwo burimyi haciye imyaka itatu abutanguye kandi vyaramuhinduriye ubuzima ku rugero rudasanzwe.

‎Sindayihebura Cyprien avuga ko ikiro c’ayo mabungo kigurishwa hagati y’amafaranga 3.000 na 4.000 y’amarundi. Ashobora kuronka umwimbu urenga itoni kumusi yamuye kuko buri ndwi yamura kandi akaba ashobora kwimbura incuro zishika kuri zine mu kwezi, ayo matunda amwinjiriza amafaranga menshi kurusha ayo yahora aronka mu mwimbu w’ibigori n’imitoke asanzwe yahora akoreramwo.

‎Avuga ko Amabungo yabaye isoko ry’amafaranga yihuta kandi yunguka cane ugereranije n’ibindi biterwa yahora arima.

‎Sindayihebura Cyprien asigura ko yahisemwo gukora ku giti ciwe inyuma yo kubona ingorane zimwe zimwe ziri mu bakorera hamwe mu makoperative y'uburimyi. Kubera ubwira n’ugukoresha ubuhinga bwa kijambere, arashima kuba yarashoboye gukora igikorwa gitanga umwimbu mwinshi kandi kikanafasha mw’iterambere ryo mukibano no kubutunzi bw’igihugu.

‎Uretse guteza imbere umuryango rwiwe, Sindayihebura Cyprien aratanga akazi ku bakozi benshi bakorera mu mirima yiwe. Ivyo bituma abantu baronka uburyo bwo kwikenura no gutunga imiryango yabo.

‎Uwo murimyi kandi ngo ntagomba gutera imbere wenyene.Niyo mpavu amaze kwigisha abantu bagera kuri batanu uko bakora ubwo burimyi bw'amabungo, kandi ubu naho arafise abanyeshure cumi yahawe n'ishure yigisha imyuga muri ako karere ariko arigisha ivyo kurima no kworora kijambere . Abo banyeshure baraheza bakaronka n’impapuro ndangabumenyi inyuma y’inyigisho, kugira bashobore kubandanya gukwiragiza ubwo bumenyi mu bandi bakeneye kwiteza imbere.

‎Mu ntumbero yo kwongereza umwimbu no kubungabunga isi, Sindayihebura akoresha ifumbire yikorera ikomoka mu maganga y’inkwavu n’ingurube. Avuga ko iyo fumbire imaze kumufasha cane mu kurwiza umwimbu no kugabanya amafaranga yahora akoresha agura ifumbire y’ikizungu.

‎Asaba abajejwe igisata c’uburimyi n'ubworozi ko borushiriza gushigikira abarimyi bakaza barabajana mu ngendo zo kurahura ubumenyi mu tundi turere, kugira baronke ubuhinga bushasha bashobora gusangiza abandi. Avuga ko iterambere rirama rishoboka iyo abarimyi bahabwa inyigisho n’ubumenyi bugezweho.

Photos from Province Gitega J.P.G's post 29/05/2026

‎ : Abenegihugu ba komine bahamagarirwa kwijukira gutunganya nyabarega no kurima kijambere

‎Mungendo asanzwe arimwo,umuyobozi ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega Jean Severin Sinzobatohana arikumwe n'abo bafashanya ibikorwa , kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Rusama 2026, bagendeye komine Muramvya, zone , ku mutumba wa . Intumbero y’urwo rugendo yari iyo guhimiriza no kwigisha abenegihugu uburyo bwo gutunganya neza nyabarega kugira haboneke ifumbire k**a nziza ishobora gutuma umwimbu wiyongera.

‎Mw'ijambo ryiwe ry'ikaze ,uwurongoye zone Bukeye, Nduwimana Désiré, yavuze ko gutunganya nyabarega bizofasha abenegihugu kuronka ifumbire k**a ikwiye kandi yakanovera izoteza imbere uburimyi. Yamenyesheje ko bipfuza kubona ata muntu n’umwe wo muri iyo zone asigara inyuma muri ico gikorwa.

‎Ku ruhande rwiwe,Nijimbere Alphonsine, Umuyobozi ajejwe gufasha amashirahamwe n’abarimyi n’aborozi , yasavye abenegihugu bo ku mutumba wa Gahaga kugira ico gikorwa ca nyabarega icabo, cane cane abatari bwatangure kugikora, abasaba kubikora kugira baronke ifumbire k**a ibafasha kwongereza umwimbu.

‎Nayo Umuyobozi w'ibidukikije, uburimyi n'ubworozi,Jean Séverin Sinzobatohana yagarutse ku mpanuro amaze imisi atanga zihamagaririra abenegihugu bo muri komine kwijukira gutegura nyabarega bakoresheje ivyatsi n’ibindi bikoresho bitandukanye bituma haboneka ifumbire irimwo ivyunyunyu vyose bikenewe n’ibiterwa. Yaboneyeho kandi guhamagarira abenegihugu bo muri komine Muramvya kworora ibitungwa kugira bizosahirize kuronka amase azoza gusahiriza ayavuye muri nyabarega.Ikindi abasaba kugaburira neza ibitungwa bakoresheje ubwatsi bw’ubwoko butandukanye nyene.

‎Ikindi yahamagariye abantukwijukira gukoresha ishwagara kugira basubize isi akanovera,gukingira isi biciye mu guca imikobeko,gutera amavoka ya ruhere n'ibindi

‎Inyuma y’inyigisho zijanye na nyabarega, Umuyobozi nabo bagendanye bagendeye abarimyi n’aborozi bo muri komine Muramvya babaye akarorero keza mu bikorwa vy’uburimyi n’ubworozi bwa kijambere. Harimwo igipimo c’ikawa c’umugambwe Cndd-Fdd kiri ku mutumba wa muri zone rupima hegitari 2,5. Bagendeye kandi umurima w’icayi w’umushingamateka Victor Girukwishaka utewe ku buringanire bunini, hamwe n’umupfasoni Jisho Pascasie ariko yitanga mu bworozi bw’ingurube, intama n’inka.

‎Urwo rugendo rwabandanije ku murima w’intore wa Nduwimana Ernest ufise uburinganire burenga hegitari imwe n’inusu, no ku murima w’ibitunguru wa Akimana Emery uri ku mutumba wa Rwetete muri zone Bukeye, nawo upima hegitari imwe n’inusu. Basozereye urwo rugendo bagendera umurima w’igiterwa ca milet.

‎Abarimyi n’aborozi bagendewe bose bashikirije ibibazo vyugarije ibikorwa vyabo, harimwo ikibazo c’ifumbire, ikibazo c’amasoko y’umwimbu hamwe n’ikena ry’amazi muri ako karere, bavuga ko rituma kuvomera imirima bigorana cane, cane cane muri iki gihe c’ici.

‎Kuri ivyo bibazo vyose yaba Jean Severin Sinzobatohana canke Nijimbere Alphonsine, basavye abo abarimyi borozi gukorera hamwe mu makoperative yo kudandaza umwimbu, kugira biborohere kuronka amasoko no guteza imbere ubutunzi bwabo.

Photos from Province Gitega J.P.G's post 28/05/2026

Mu rukurikirane rw'ingendo arimwo , kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Rusama 2026, Umuyobozi ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega arikumwe n'abo bafashanya ibikorwa baramutse bagendera komine muri zone ku mutumba wa Bitare nyene, mu ntumbero yo guhimiriza no kwigisha abenegihugu uburyo bwo gutunganya neza nyabarega kugira haboneke umwavu k**a mwiza kandi w’akanovera.

‎Nijimbere Francine, ajejwe ibidukikije no kubungabunga isi, yasiguye ubuhinga bwo gukora nyabarega n’ibikenewe kugira nyabarega zishobore gutoka neza .Vyinshi muri ivyo bikoresho bikaba bigizwe n'ivyatsi bitandukanye vyaba ivyumye canke bibisi,amase abongeye,umunyota n'ibindi.Yabasiguriye kandi ko bakwiye kwirinda gushira mu nyabarega ikintu cose kitabora,amavuta,isabuni,amababi y'imikaratusi n'ibindi vyotuma amase atagira akanovera.

‎Uwaserukiye musitanteri wa komine Manirambona Emmanuel mw'ijambo ryiwe yamenyesheje ko ico gikorwa bagiye kubandanye bagikora kumitumba itandukanye igize komine kugira barwize umwavu w'ikirundi kugira isi ibandanye imera neza.Bipfuza ko imvura yotasura umwavu warwiriye muri iyo komine.

‎Jean Séverin Sinzobatohana, umuyobozi w’ibiro bijejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega, yakengurukiye abanyabugendana kuba bitavye ivyo bikorwa . Yabasiguriye abenegihugu igituma Leta yiyumviriye ico gikorwa co kwimba za nyabarega mu ngo zabo.

‎Imvo nyamukuru n'ukurwiza ifumbire y'ikirundi ikwiriye.Ivyo navyo bizokunda ari uko abantu bijukiye kworora bakongera bakagira nyabarega n'imiburiburi zitatu kurugo.

‎Yahamagariye abenegihugu bo muri iyo komine gufumbira isi kugira igire akanovera, ari co gituma bahamagarirwa gukoresha ishwagara ikwiye hamwe n’umwavu w’ikirundi kandi kurugero rwiza badasondeka.

‎Inyuma y' ico gikorwa, Umuyobozi ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi nabo bakorana baciye bagendera abarimyi borozi batandukanye uhereye kumutumba wa Rwingiri aho bagendeye umurwizambuto arima kuburinganira bwa hegitari zirenga 16 .Uwo nawe aka arima ibiharage,isoya,ibiraya n'ibindi ndetse aka yoroye inka ziteye igomwe n'ibindi bitungwa nk'inko n'ingurube.
‎Abandi bagendewe n'abakora uburimyi bwo kuvomera kumusozi aho barima itomate,intore, poivrons hamwe na pasteke.

‎Urugendo barurangirije mukigo gikora uburimyi n'ubworozi bwa kijambere bita Ferme Vyizigiro iri kumutumba Kugitega aho naho boroye ibitunwa bitandukanye,inka zirenga 30, inkoko 2050,ingurube,ikanga n'imbata.Hambavu y'ubworozi barakora n'uburimyi bw'iterwa bitandukanye kuburinganire burenga hegitari 7.

‎Murabo bagendewe bose bagarutse kukibazo c'infumbire mvaruganda Fomi basaba ko bokoroherezwa ntibaze kuja baratonda kuko bobo bakenera Ifumbire nyishi ariko ugasanga batahiye kuronka iyadashobora gukwira ibibanza bakoreramwo.

‎Aho hose yaciye Jean Severin Sinzobatohana yahamagariye abakurikirana ivyo bibanza kubandanya bagira ishaka anabemerera kobazibandanya babakurikirana bibaye ngombwa hagize ikibonka kijanye n'ifumbire bagikorereko.

‎Nkuko yagiye abikora nahandi, Jean Severin Sinzobatohana yibukije kandi Ibikorwa vy'uburimyi ko bikwiye gukorerwa kw'isi yaciweko imikobeko kugira inkukura ntiziotware uburyohe bw’isi mu mwonga. Yasavye abenegihugu bo muri ako karere ka Bugendana guca imikobeko no gutera ibiti bibana n’indimo hamwe n’ibishobora gufungurwa n’ibitungwa.

‎Ikindi yahamagariye abantu gutera amavoka ya ruhere, kuvyaza umusaruro ahantu hose hari amazi muri iri ci hamwe no gukurikirana amatuta yibiti bateguye mu kuyavomera kugira bazoronke ibiti vyiza vyo gutera igihe imvura izotasurira.

Photos from Province Gitega J.P.G's post 28/05/2026

‎ : Ubuyobozi n’ibisata vya Leta vyiyemeje gukomeza uguhuza ibikorwa vy’iterambere

‎Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Rusama 2026, mu ntara ya Gitega habereye inama yahuje ubuyobozi bujejwe iterambere rusangi mu ntara (Direction Provinciale du Développement Communautaire) hamwe n’abaserukira ibisata bitandukanye vy’ubushikiranganji bukorera muri iyo ntara. Iyo nama yari ifise intumbero gukomeza uguhuza ibikorwa hagati y’inzego za Leta kugira imigambi y’iterambere irangurwe neza kandi ishikire abenegihugu ku gihe.

‎Iyo nama yuguruwe n’umuhanuzi wa Buramatari ajejwe intwaro n’amategeko, Donatien Nimpagaritse, mw'ijambo ryiwe, yashimiye cane ubuyobozi bw’iterambere rusangi burongowe na Madame Dative Ntabonfise ku gikorwa co gukoraniriza hamwe ibisata bitandukanye vyerwa n'iterambere ry’intara. Yamenyesheje ko iterambere rirama rishoboka mu gihe inzego zose zifise intumbero imwe kandi zikorana mu zumvikana.

‎Mu vyigwa nyamukuru vyaranze iyo nama, Dative Ntabonfise yasiguye kubijanye no guhuza ibikorwa hagati y’ibisata vya Leta bikorera mu ntara. Abari muri iyo nama bahamagiriwe gukomeza gukorana kwa hafi kugira imigambi ya Leta ishobore gushikira abenegihugu neza kandi ku gihe.

‎Hihwejwe kandi ikibazo co gukurikirana imigambi y’iterambere iriko irashirwa mu ngiro n’inzego za Leta hamwe n’abafashanya na Leta. Yashimikiye ku gukomeza gukurikirana ibikorwa biri ku rubuga kugira birangurwe mu muco no mu buryo bubereye.

‎Ikindi cagarutsweko ni ugufashanya hagati y’ibisata vya Leta bikorera mu ntara. Abitavye iyo nama bumvikanye ko bazobandanya bahanahana amakuru no kwuzuzanya mu bikorwa kugira bashike ku ntumbero y’iterambere rirama kandi ritunganijwe neza ry’intara ya Gitega.

‎Abari muri iyo nama bashimikiye kandi ku k**aro ko kwumviriza ibibazo vy’abenegihugu no kubitorera inyishu ku gihe, kuko ari kimwe mu bituma ibikorwa vy’iterambere birushiriza gutanga umusaruro.

‎Mwomenya ko basozereye bafashe ingingo y’uko inama nk’izo zo guhanahana ivyiyumviro no gukurikirana ibikorwa zizobandanya kuba nimiburiburi rimwe mu kwezi, mu ntumbero yo gukomeza gutsimbataza ibikorwa vy’iterambere ry’intara ya Gitega.

28/05/2026

Ishure Coin des Enfant ry'i Gitega ribandanya kworohereza abavyeyi mu gufasha kurera

Photos from Province Gitega J.P.G's post 27/05/2026

‎ : Abenegihugu bahamagarirwa kuvyaza umusaruro amazi atemba no guteza imbere uburimyi bwa kijambere

‎Abenegihugu basabwa kuvyaza umusaruro amazi yose atemba mu mitumba muri iki gihe c’ici, kugira ngo umwimbu wiyongere .Ikindi n'uko ata wobura ico avomera mu kiringo c’iri ci. Basabwa kandi kwijukira uturima tw’igikoni, kurima imboga n’ivyamwa no kubigira infunguro ya minsi yose kugira baronke amagara meza.

‎Ivyo vyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Gitega, Jean Séverin Sinzobatohana, kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 rusama 2026, mugihe yari yagendeye komine , zone Mbogora, ku mutumba , ari kumwe n’abo bakorana murukurikirane rwo kugendera amakomine. Urwo rugando rwari rufise intumbero yo guhimiriza no kwigisha abenegihugu uburyo bwo gutunganya neza nyabarega kugira haboneke umwavu k**a mwiza kandi wakanovera .

‎Mw' ijambo ry’ikaze, Musitanteri wa komine Nyabihanga yasavye abenegihugu kwimba nyabarega zitatu nk’uko bisabwa na Leta, no gukurikirana neza uko zikorwa. Yasavye abajejwe uburimyi n'ubworozi mu ntara ko bobwira abafundi b'indimo ku mitumba gufasha abenegihugu gupima no gutunganya izo nyabarega, kuko zibafitiye ak**aro kanini mu guteza imbere umwimbu.

‎Jean Séverin Sinzobatohana nawe yashimangiye avuga ko ata gihugu gishobora gutera imbere kitadugije umwimbu w'uburimyi, ubworozi n’ibidukikije. Ni co gituma ahamagarira abenegihugu guca nyabarega no kworora ibitungwa kugira baronke ifumbire k**a ikwiye gutyo barime kijambere baronke umwimbu n'umusesekara.

‎Yasiguye kandi ko umuntu ashaka kurima neza ategerezwa kwitaho ibitungwa vyiwe, akabigaburira neza kandi akabisasira ivyatsi bitandukanye kugira ifumbire n’amata bibe bifise ivya ngombwa n'intungamubiri bikwiye.

‎Ku bijanye no gufumbiza isi ishwagara, uwo muyobozi yavuze ko hakiri ibimenyetso vyerekana ko isi igikeneye kunagurwa. Yasiguye ko gukoresha ishwagara bikorwa ku rugero rukwiye, iyo ihegitari imwe ishizwemwo itoni n'ibiro 250 vy’ishwagara ngo biraheza bikagabanya umururazi wo mw'isi. Yaburiye abenegihugu ko kuyishira mu murima nabi imijwa bishobora gutuma itakaza ubushobozi bwayo, asaba ko boyishira mu ndimo hasigaye ukwezi canke indwi zitatu imbere yo gutera.

‎Yibukije kandi ko ivyo bikorwa vyose bikwiye gukorerwa kw'isi yaciweko imikobeko kugira inkukura ntizitware uburyohe bw’isi mu mwonga. Ni muri iyo ntumbero yasavye abenegihugu bo muri Nyabihanga guca imikobeko no gutera ibiti bibana n’indimo hamwe n’ibishobora gufungurwa n’ibitungwa.

‎Ku bijanye no gutunganya nyabarega, Jean Séverin Sinzobatohana yibukije ko ibintu vyasesetseko amavuta, isosi, amababi y’imikaratusi hamwe n’amashe bidakwiye kujanwa muri nyabarega kuko bituma itabora neza.

‎Yahamagariye abantu gusasira no gutera amavoka ya ruhere, kuvomera ikawa mu hamwe no gukurikirana amatuta bayavomera kugira bazoronke ibiti vyiza vyo gutera igihe imvura izoba itasuye.

‎Inyuma y’ivyo bikorwa vyo guhimiriza abenegihugu guca nyabarega, abari muri urwo rugendo bagendeye abenegihugu batandukanye bo muri zone Mbogora boroye kandi barima kijambere, muntumbero yo gukomeza kubatera intenge kubandanya guteza imbere uburimyi n’ubworozi bwa kijambere aho harimwo n'abariko baragira uburimyi bwo kuvomera.

Want your business to be the top-listed Government Service in Gitega?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Telephone

Address


Gitega