Province Butanyerera

Call Directions Contact the organization

Province Butanyerera La page officielle de la Province

Komine Tangara: Ukwitwararika amabanga y’akazi ni inkingi y’iterambereAbakozi ba Komine Tangara barasabwa gukorana umwet...
10/10/2026

Komine Tangara: Ukwitwararika amabanga y’akazi ni inkingi y’iterambere

Abakozi ba Komine Tangara barasabwa gukorana umwete, kwubahiriza umwanya w’akazi no gukoresha neza uburyo bahabwa kugira bateze imbere komine.

Kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 8 Gitugutu 2026, Musitanteri wa Komine Tangara, NDIKURYAYO Jean Pierre, yarakoranye inama y’akazi n’abakozi b’iyo komine mu ntumbero yo kubibutsa amabanga bashinzwe.

Yashimangiye ko abakozi benshi bamaze kuboneka, ata mvo yo kudashira inguvu mu kurangura ibikorwa. Yaranerekanye abaheruka gushirwaho kugira bakurikirane ikoreshwa ry’amafaranga ya komine (Cellule d’audit et de contrôle), hamwe n’abaserukira ikigega FONIC gifasha mw'iterambere ry’amakomine.

Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa komine, MISAGO Philbert, yashimiye abakozi bitwararika gutonda ku kazi ku mwanya no kwuzuza igitabu cerekana ko bash*tse. Yaragabishije abafata minenerwe amategeko bahabwa, abibutsa ko amategeko agenga umwanya w’akazi ategerezwa kwubahirizwa.

Musitanteri yasavye abarongoye ibisata gukoresha neza uburyo bahabwa kugira haboneke impinduka zifadika mw'iterambere rya komine. Yashimikiye ku gisata c’indero, aho umwimbu ukiri muke, asaba ko hashirwa inguvu mu kuwudza.

Mu gusozera, yahamagariye abakozi gukorera hamwe no kurangura amabanga bashinzwe babikunze, kugira Komine Tangara itere imbere.

Butanyerera: Abanyagihugu basabwa kwirinda no kurwanya urudandazwa rwa magenduMu rugendo rwo kwegera abanyagihugu no kwu...
09/10/2026

Butanyerera: Abanyagihugu basabwa kwirinda no kurwanya urudandazwa rwa magendu

Mu rugendo rwo kwegera abanyagihugu no kwumviriza ibibazo bibahanze, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8 Gitugutu 2026, Buramatari w’Intara ya Butanyerera, Gén Bde Pol Victor Segasago, yagendeye amazone ya Rukere, Jene na Mparamirundi muri Komine Kayanza.

Mu butumwa bwatanzwe n’Umukuru wa Zone Rukere, yashikirije ko muri iyo zone hibonekeza abantu bakora urudandazwa rwa magendu. Mu ntumbero yo kurwanya ico kibazo, hashinzwe umugwi ugizwe n’abantu 50, bafise uruhara rwo gufasha mu gukinga no gutangira amakuru ku bikorwa vy’urudandazwa rutemewe n’amategeko.

Buramatari Victor Segasago yasavye abanyagihugu n’indongozi gufashanya mu kurwanya urudandazwa rwa magendu, kuko ruca kubiri n’amategeko kandi rukagira ingaruka ku butunzi bw’igihugu. Yagabishije kandi umuntu wese akora urudandazwa rutemewe n’amategeko ko azafatwa agahanwa hakurikijwe amategeko.

Ku ruhande rw’umwenegihugu, ubutumwa ni ugukorana n’indongozi mu gutanga amakuru ku bikorwa vya magendu, kwirinda kubigirako uruhara no gukurikiza amategeko agenga urudandazwa. Ivyo bifasha gukingira ubutunzi bw’igihugu no guteza imbere urudandazwa rutunganijwe kandi rutanga akarusho ku gihugu no ku banyagihugu.

Mwomenya ko Izo ngendo zo gusanga indongozi ku kivi zegereye abanegihugu zibandanya, mu ntumbero yo kumenya ibibazo bibahanze, gukomeza imigenderanire hagati y’indongozi n’abanyagihugu no gufashanya mu kurondera inyishu zirama z'imyitwaririko yabo.

MUHANGA: Aberwa n’ikibazo c’indero bahamagarirwa gukorera hamwe kugira barwize umwimbuKuri uyu wa 9 Gitugutu 2026, ku rw...
09/10/2026

MUHANGA: Aberwa n’ikibazo c’indero bahamagarirwa gukorera hamwe kugira barwize umwimbu

Kuri uyu wa 9 Gitugutu 2026, ku rwego rwa komine Muhanga, huguruwe icese umwaka w’ishure w’2026-2027. Ibirori vyabereye kw’ishure shingiro rya Muhanga II, iryabaye irya mbere mu mwaka uheze mu kibazo ca Leta co mu mwaka w’icenda, ku rwego rwa komine.

BACIMANZA Ernest, aramutswa igisata c’indero muri komine Muhanga, yamenyesheje ko komine aramutswa yabaye iya gatanu mu ntara ya Butanyerera mu bibazo vya Leta, ku bice 87,37 kw’ijana (87,37%). Yamenyesheje kandi ko intumbero y’uyu mwaka w’ishure ari uko komine Muhanga iza mu bibanza bitatu vya mbere.

NIZIGIYIMANA Annonciate, Musitanteri wa komine Muhanga akaba n’umukuru w’inama y’indero ya komine, yahamagariye aberwa n’indero bose gukorera hamwe kugira barwize umwimbu, bashike ku ntumbero biyemeje. Yashimangiye ko gukorera hamwe bizotuma bashobora gushika ku kibanza ca mbere.

Ivyo birori vyabaye n’akaryo ko gushimira abanyeshure, abarezi hamwe n’abayobozi bitanze kugira haboneke umwimbu mwiza mu mwaka w’ishure uheze.

Mu butumwa bwashikirijwe abari bitavye ivyo birori, umusaserdoti yahereje inkuka ya Misa, umuyobozi w’indero muri komine hamwe na Musitanteri, bose bahamagariye abavyeyi, abarezi, abanyeshure n’abandi bose bafise uruhara mu ndero gushira inguvu hamwe mu ntumbero yo kuduza umwimbu.

Abanyeshure na bo basabwe gukorana umwete, kwumvira impanuro z’abavyeyi, iz’abigisha n’abarezi zibafasha gukura bafise indero runtu, kwitwararika amashure no kwirinda ingeso mbi.

Ugutanguza umwaka w’ishure w’2026-2027 ni akaryo keza ko gusubira kwiyemeza ubugira kandi gukorera hamwe kugira komine Muhanga irwize umwimbu mu ndero, ishike ku ntumbero yo kuza mu bibanza bitatu vya mbere ku rwego rw’intara ya Butanyerera.

 : Indongozi mu gisata c’indero no mu ntwaro zirimbuye ku vyaranze umwaka w’ishure wa 2025-2026Ubuyobozi bw’indero bufad...
09/10/2026

: Indongozi mu gisata c’indero no mu ntwaro zirimbuye ku vyaranze umwaka w’ishure wa 2025-2026

Ubuyobozi bw’indero bufadikanije n’intwaro muri Komine Matongo, bwatunganije inama yo kurimbura kuvyaranze umwaka w’ishure wa 2025-2026 no kurabira hamwe ingene umwaka mushasha wa 2026-2027 watanguye, intambamyi ziri mu gisata c’indero n’ingene zotorerwa umuti.

Iyo nama yabaye kuri uyu wa Gatanu, igenekerezo rya 9 Gitugutu 2026, yahuje ubuyobozi bw’indero, intwaro n’abayobozi b’amashure ku nzego zitandukanye.

Ashikiriza ingene umwaka uheze wagenze n’ingene mushasha watanguye, Félix HABIMANA, Umuyobozi w’igisata c’indero muri Komine Matongo, yamenyesheje ko umwaka w’ishure wa 2025-2026 wagenze neza muri rusangi. Ariko rero, ngo haracibonekeza intambamyi z’ubukene bw’abigisha, cane cane mu mashure y’intango (Ecofo), inyubako zimwe zimwe zidakwiye canke zikeneye gusanurwa, abana baheba ishure, ubukene bw’amazi n’umuyagankuba ku mashure amwe amwe, hamwe n’ubukene bw’imodoka ku mashure y’indaro.

Yashimiye abitavye inama ku mwete bakoranye, watumye Komine Matongo ironka ikibanza c’umunani ku rwego rw’igihugu n’ica mbere mu ma Komine agize Intara ya Butanyerera.

Mw’ijambo ryiwe, Janvière KANYANA, Musitanteri wa Komine Matongo, yashimye intambwe igisata c’indero kimaze gutera, yisunze ibibanza vyiza Komine iheruka kuronka mu kibazo c’umwaka w’icenda. Yahamagariye umwe wese kurangura neza amabanga ajejwe kugira igisata c’indero kibandanye gutera imbere. Ku ntambamyi zashikirijwe, yamenyesheje ko ubuyobozi buzofashanya n’ababijejwe mu kurondera umuti w’ibishoboka vyose.

Mu guhanahana ivyiyumviro, Benjamin NDAYIZEYE, Umunyamabanga w’umugambwe Cndd-Fdd muri Komine Matongo, yahimirije abitavye inama gukunda igihugu, gutunganya neza ivyigwa, kwirinda gucererwa no gusiba ku kazi, hamwe no gutsimbataza umubano mwiza hagati y’abakozi.

Inama yasozerewe no gushikiriza ubushimwe abakoze neza kurusha abandi, harimwo Umuyobozi w’indero muri Komine, umugenduzi w’indero n’abayobozi 10 b’amashure yasumbije abandi mu kibazo c’umwaka w’icenda giheruka (Concours national).

09/10/2026

Impanuro za Buramatari ku ndongozi zegereye abenegihugu

Buramatari w’Intara ya Butanyerera, Général de Brigade de Police Victor , ari mu ngendo z’akazi mu mazone atandukanye agize intara, ahereye ku mazone ahana urubibe n’igihugu c’u Rwanda.

Muri iyi reresi, ni mu kurikirane zimwe mu mpanuro ngenderwako kenshi ashikiriza indongozi zegereye cane abenegihugu, ku bijanye n’umutekano, gukorera mu bumwe no kwegerereza abenegihugu intwaro ibereye.

👇 Raba aka ka vidéo kose uheze wiyumvire izo mpanuro!

Indongozi zisabwa gukangurira abenegihugu kugira uruhara mw’iterambere rya komine  Kuri uyu wa 8 Gitugutu 2026, Musitant...
09/10/2026

Indongozi zisabwa gukangurira abenegihugu kugira uruhara mw’iterambere rya komine

Kuri uyu wa 8 Gitugutu 2026, Musitanteri wa komine Muhanga, NIZIGIYIMANA Annonciate, yarakoranye inama y’umutekano n’indongozi zo mu mazone ya Mibazi, Muhanga na Mubogora, mu ntumbero yo kurabira hamwe ingene amahoro, umutekano n’iterambere vya komine vyotsimbatazwa.

Yahamagariye indongozi zo mu mazone no mu mitumba kumenyereza abenegihugu kugira uruhara rugaragara mu bikorwa vy’iterambere, harimwo guterera uburyo bwo kwubaka inyubakwa nshasha ya komine izoba igeretse gatatu.

Yashimikiye kandi ku gukorera hamwe mu gutsimbataza amahoro n’umutekano, kubungabunga imibano myiza, gukurikirana igiterwa c’ivoka, kwitaho isuku n’isukura no kurwanya ubunebwe. Yibukije kandi akamaro ko kugira inyifato ibereye, kwirinda akaborerwe n’inzoga zitemewe n’amategeko, hamwe no kwubahiriza ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi.

Abenegihugu bitavye iyo nama barakengurutse impanuro n’intumbero vyashikirijwe, biyemeza kubishira mu ngiro.

Iyo nama yitabwe kandi n’umunyamabanga wa Cndd-Fdd muri komine Muhanga, abaserukira inzego z’umutekano n’ubutungane hamwe n’umushikirizamanza wa Repubulika i Muhanga.

Iterambere rirama ritangurira ku ruhara rwa bose. Gukorera hamwe, kubungabunga amahoro no guterera mu bikorwa rusangi ni inzira yo kwubaka komine ya Muhanga iteyimbere.

Butanyerera: Ubuhinga bwa none burafasha guteza imbere inyigisho mu mashureMu kiringo c’imyaka ibiri, abana barenga 3.08...
09/10/2026

Butanyerera: Ubuhinga bwa none burafasha guteza imbere inyigisho mu mashure

Mu kiringo c’imyaka ibiri, abana barenga 3.084 n’abarezi 286 bo mu mashure 15 barungukiye ku mugambi INDERO KAZOZA, ushigikira ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu gutanga inyigisho.

Ishirahamwe Bibliothèques Sans Frontières (BSF) ryarakoranije, kuva ku wa 7 gushika ku wa 8 Gitugutu 2026, abayobozi b’amashure agize imirwi y’amashure (Réseaux scolaires) ashigikirwa n’uwo mugambi, mu nama yabereye ku mugwa mukuru wa komine Kirundo. Iyo nama yari igamije gusuzuma ivyash*tsweko mu myaka ibiri iheze, cane cane mu bijanye no gukoresha ibikoresho vy’ubuhinga bwa none mu kwigisha.

Nk’uko vyashikirijwe na Sindayihaya Désiré, ajejwe gushira mu ngiro uwo mugambi, INDERO KAZOZA yash*tse ku bana barenga 3.084 no ku barezi 286 bo mu mashure 15 ari mu ntara za Bujumbura, Cibitoke na Butanyerera. Ayo mashure yararonkejwe ibikoresho vy’ubuhinga bwa none Ideas Cube hamwe n’ibitabu 450 bifasha mu bikorwa vyo kwigisha no kwiga.

Tuyisenge Divine, ajejwe gukurikirana imigambi muri BSF, yasiguye ko ivyo bikoresho bifasha abarezi gutegura no gutanga ivyigwa mu buryo bworoshe, bakoresheje amasanamu n’ibindi bikoresho vy’inyigisho. Birafasha kandi abanyeshure kumenyera gukoresha ubuhinga bwa none, bikabategurira kuzoja mu mashure makuru na kaminuza bafise ubumenyi bukenewe.

Ku ruhande rw’abayobozi b’amashure, bavuga ko ikoreshwa ry’ivyo bikoresho ryatumye inyigisho zitegurwa kandi zigatangwa neza kuruta. Basigura ko inyigisho zitangwa hakoreshejwe amasanamu zifasha abanyeshure gutahura neza ivyo b**a, gutyo bikongera ubumenyi bwabo.

Ndayishimiye Dieudonné, yari yaserukiye Ubushikiranganji bw’Indero, yarashimye intererano ya BSF mu guteza imbere indero biciye mu buhinga bwa none. Yamenyesheje ko bikenewe ko ubwo buhinga bushikira n’ayandi mashure yo mu gihugu, kuko amashure 15 amaze akorana n'uyo mugambi akiri make. Yasavye kandi ishirahamwe Enabel kubandanya rishigikira uwo mugambi kugira waguke, mu gihe abigisha barezi bgize ico bawungukiramwo basabwa gusangiza abandi ubumenyi n’ubuhinga baronse.

Kwagura ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mu mashure ni intambwe ihambaye mu gutuma abanyeshure baronka inyigisho zikomeye, zibafasha gutahura neza ivyigwa no kwitegurira kazoza. Gushira ubwo buhinga mu mashure menshi birashobora gutuma abana benshi baronka uburyo bwo kwiga bujanye n’iterambere ry’isi y’ubu.

08/10/2026
08/10/2026
Muhanga: Indongozi zisabwa gukorera hamwe no kurwanya ubunebweKuri uyu wa 7 Gitugutu 2026, Musitanteri wa Komine Muhanga...
07/10/2026

Muhanga: Indongozi zisabwa gukorera hamwe no kurwanya ubunebwe

Kuri uyu wa 7 Gitugutu 2026, Musitanteri wa Komine Muhanga, Nizigiyimana Annonciate, yagiranye inama y’umutekano n’indongozi zitandukanye zo mu mazone Gikomero, Bisha, Gaheta na Rango.

Muri iyo nama, yasavye indongozi gukorera hamwe mu kubungabunga amahoro n’umutekano, kurwanya ubunebwe no gushimbere ibikorwa bibateza imbere. Yashimikiye kandi kw'isuku n’isukura, kwubaha amategeko, gukurikirana igiterwa c’ivoka no kwirinda ibintazi.

Yabasavye kandi kwitegurira igikorwa co kwubaka igorofa rizoba rigeretse gatatu rizokorerwamwo n'abakozi ba Komine, bitegekanijwe gutangura mu kwezi kwa Munyonyo 2026.

🤝 Abitavye iyo nama bemeye ko bagiye gushikiriza izo mpanuro abenegihugu no kuzishira mu ngiro, mu ntumbero yo guteza imbere Komine Muhanga.

Address

Info@provincebutanyerera. Gov. Bi
Kirundo

Telephone

+25779031155

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Province Butanyerera posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Province Butanyerera:

Shortcuts

Share