26/03/2026
🤩🔥🔥🔥 Abari i Ngozi turajeee.
Duhurire kuri Universite de Ngozi kuri ayo masaha. Uze uzaniyeko umugenzi nturyoherwe wenyene.
Kaze!
Abarundi. Ikirundi. Mu kirundi. Imigēnzo n'ámatêká yarânze bā sógokúru na sógokúruza. Amayagwa mpūzangeri. Culture, what a big personal identification!
On this page, publish, share, comment and live the Kirundi Culture!
26/03/2026
🤩🔥🔥🔥 Abari i Ngozi turajeee.
Duhurire kuri Universite de Ngozi kuri ayo masaha. Uze uzaniyeko umugenzi nturyoherwe wenyene.
Kaze!
19/03/2026
☪ Amagenekerezo makurumakuru y'umuzo w'abayisilamu mu Burundi.
17/03/2026
Twagarutse na ya mazina mwatubaza.
Ba , , .kwizera n'abandi, iyo amazina y'amatazirano mwiswe muyitwa mu kirundi mwari kwitwa gute ?
Tubwire nimba mwayakunze mu kirundi muri "commentaires".
15/03/2026
🤩 Abanyagitega turajeeeeee 🥳🥳🥳🥳
Murabe neza. Ejo aho bukera kuri uyu wa mbere, tuzotangura tubasusurutse kuri Afrita. Ego cane ni vyo, Icambu cabashwaye mu kabare !
🤗 Azoba ari isaha cumi na zibiri ( 18h00), hanyuma bukeye, ku wa 17 Ntwarante duhurire kuri zone Nyamugari twirabire Icambu kuva isaha icenda (15h00).
🤩👏 Tumira incuti n'abagenzi !!!
Gitega Province Province Gitega J.P.G
13/03/2026
🎭 Igikino abatari bake mwakunze "Icambu" kigiye gutembera igihugu cose
🥳 Mu mashure yisumbuye, mu makaminuza, mu bibanza rusangi tutubagiye no mu bubare, igikino kizokinwa icese abarorerezi batwenge, bige, bibaze bongere bahindure uko babona ibintu.
✍️Ico gikino kigaruka ku turyo ( opportunités) tw'urwaruka n'inzitizi zitubangamira, hamwe n'ikibazo c'uko koko ubuzima buri mu mahanga. Canditswe na Rivardo Niyónīzígiye gitunganywa na Laly Benita Sangano gikinwa n'umugwi .
📍Uno musi, cakiniwe kuri Lycée Etoile des Montagnes d'Ijenda, aho abanyeshure bakirororereye bahimbawe cane ndetse n'ikiyago cakurikiye kikaba cari inkoramutima cane.
📆 Ahandi citezwe ni i Mwaro, Gitega, Muramvya, Ngozi, Bubanza hamwe n'i Bujumbura.
06/03/2026
💃🕺Twararinjoye🥳
Kuko kurinjora bituma umutima utuza
Abavukana bakavuza impundu abandi bayakira
Ababanyi bagahurira ku nama banama rimwe
Ikiyago kikarama.😍
🤝 Twararinjoye
Turasangira kuko dusanganywe
Turasoma turasubira
Ibibondo biti twatanzwe
Bimwe biti sokwe
Ibindi biti ni ruze
Abato n'abakuru baraganzanywa
Ata wuhahamiye gutsinda uwundi
Nyabuna intego kanuni ari ukwiginana
🔥 Twararinjoye
Dutaha twinovora
Ibibondo, ingimbi, imiyabaga n'abahumure
Bahuriye ku nkoko imwe
Basangira badasakuranywa
Batera ryarenga.
🥰Twararinjoye,
Aya mashusho abashikane kw'ishiga
Twashinze mu Kigobe kizira ibigoye
Ibigori vyiraye muri Rinjora. 🌽
🤩Duherutse kurinjora
Ku ncuro ya 25 💓🥳
🤗Muze tubajane neza na neza aho Rinjora izobera.
Ntihagire uwuzozimira na mba.
ba mbere Umunyinya asbl ODJ/Akiwacu Andika Magazine Akanyaburunga YALI Alumni Burundi Chapter U.S. Embassy Bujumbura, Burundi Burundi On The Map UNESCO Nagaciro Magazine Yaga YALI Alumni Expo and Trade Show -YALI Expo Mpundu Yera Arts City Hill Hotel Martha Hotel Gisabo Tours
🤩Munyaruke tujane tubereke ahazobera ca giteramo mukunda
✍️Ni kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2026.
🥳Muze duhimbaze kandi duhimbarwe.
25/12/2025
Ni ryari hahimbajwe Noweli ya mbere mu Burundi ? 🎄🇧🇮
Ubwa mbere na mbere twokwibukanya ko idini ry’abakirisu ritari k**a mu Burundi, ryazanywe n’abamisiyonari, abapadiri bera. 🕊️
Ntivyaboroheye kwinjira mu Burundi, kuko nk’uko abatohoza kahise babivuga, abamisiyonari ba mbere bakiriwe mu Burundi mu 1789, bakiriwe n’umutware Bikari yatwara agace ka Rumonge. Yari uwitwa Deniaud n’uwitwa Dromaux bahavuye bicwa mu 1881.
Barasubiye kugerageza kwinjira mu Burundi, mu 1884, 1891, 1896, no 1898 ariko birabata ku w’amazi, barabona ko akarere k’i mbo batazogakomanya ngo bashike.
Niko gukevya baja kuzunguruka baca mu buraruko bushira ubuseruko. N’aho ntiborohewe cane kuko umutware yitwa Muzazi yarabatururuje incuro nyinshi.
Ariko naho biri uko, ku wa 18 Ntwarante 1897, bashinze umusaraba wa mbere i Misugi, maze bahimbarizaho Noweli y’uwo maka nyene.
🎄Ni yo yari ibaye Noweli ya mbere ihimbajwe hari n’ikimenyetso c’idini rishasha ku butaka bw’Uburundi.
Ico kibanza kiri ku musozi Misugi wa komine Cendajuru mu ntara ya Cankuzo, cahavuye gitanzirwa n’abo bamisiyonari “Betelehemu y’Uburundi”.
Uwashinze intahe yagize ati : “Uwo musaraba wabaye urwinjiriro rw’Uburundi rwinjiriyemwo Kristo. Uhamagarira abantu gusenga twibuka akahise tunasabira kazoza keza.”
Mu nyuma bahavuye bimuka baja ku mutumba wa Muyaga bahashinga imisiyoni ya mbere, hari ku wa 23 Rusama 1898. Aho naho bahahimbarije Pasika ubwa mbere mu Burundi, baca banahatazira, “Yeruzaremu y’Uburundi”. 🕊️
Hari iyindi nkuru mwoba muzi yerekeye Noweli ya mbere mu Burundi ? 👀
14/12/2025
🤗👏🏿I gice c'7 cabashikiriye.
Menyesha abandi.
30/11/2025
📖Twibukanye...
Aka gasomwa twakize mu mwaka wa kangahe ?
Tubwire aho hasi.