Cndd-Fdd Butanyerera

Cndd-Fdd Butanyerera

Share

Cndd-Fdd Butanyerera kayanza

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 10/05/2026

CNDD-FDDKIREMBA

Amahiganwa y'umupira w'amaguru mu mbonerakure.

Ku kibuga c'umupira w'amaguru co muri zone , kuri uwu wa 10 Rusama 2026, arongoye umugambwe muri Komine asaba abagumyabanga kwitegurira gutora ijana kw'ijana Major Evariste NDAYISHIMIYE mw'itora ry'umukuru w'igihugu rizoba muri 2027 ariko kandi bari ku kivi c'iterambere rishingiye ku gutera,gufumbira,gusasira no kuvomera igiterwa c'ivoka

Ivyo bikorwa vy'inkino vyatunganijwe mu ntumbero yo kugendera iragi rya sogokuru NKURUNZIZA kuko ari we yatanguje izo nkino mu bagumyabanga.

Muri kino gihe hariko harahura amazone mu gice 16 gishira ica nyuma

Ku kibuga c'inkino ca zone , aho w'umugabwe muri komine yari yishikiye, zone yatsinze ibitsindo 3 ku 0 bwa zone ; ku rundi ruhande naho gkuri stade muri zone aho Musitanteri wa komine n'uwurongoye imbonerakure muri komine bari bishikiye, zone yatsinze ibitsindo 4 kuri 1 ca zone .

10/05/2026

Cndd-Fdd I ivoka zose zatewe zitegerezwa gufumbirwa, gusasirwa no kuvomererwa mu ci.

Umunyamabanga w'Umugambwe mu ntara ya Butanyerera mu gutanguza isekeza ryo gufumbira no gusasira ivoka muri zone .

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 10/05/2026

‎ : Imbonerakure ziga muma Kaminuza atandukanye ari mu ntara ya zivuka mu ntara ntara ya zaronkejwe inyigisho z'akarangamutima k'umugambwe CNDD-FDD kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 10 Rusama 2026 mu nyubakwa y'urwaruka yo mu gisagara ca Gitega.

‎Uburongozi bw'abagumyabanga bavuka mu ntara ya baba bakongera bakarangurira imirimo ya misi yose mu ntara ya Gitega bwatunganije inyigisho z'akarangamutima k'umugambwe CNDD-FDD ku rwaruka rw'imbonerakure ziga muma Kaminuza atandukanye yo mu ntara ya Gitega bavuka mu ntara ya Butanyerera kugira babigishe inyigisho zo kubakomeza mu gukunda no gukorera umugambwe -FDD kuko biboneka ko kenshi baba bagizwe n'urwaruka rudatahura neza kahise k'igihugu ngo bamenye nuko bazokibungabunga.

‎Umutumire yatanze izo nyigisho _Adrienne asanzwe arongoye umuhari w'abakenyererarugamba muri Zone Nyamugari yo muri Komine Gitega yaciye asaba urwo rwaruka kwama bahurumbira kwiga inyigisho zituma bamenya vyinshi kuko arivyo bazokwubakirako kazoza keza kabasigura abo ari bo kuko uwutize atamenya maze nawe akaba yohitanwa n'imiyaga ije yose.

‎ asanzwe arongoye abagumyabanga bavuka mu ntara ya baba bakongera bakarangurira imirimo ya misi yose mu ntara ya Gitega yashimiye umutumire yatanze inyigisho kuko yitanze ngo akarihirize ubwenge urwo rwaruka rw'imbonerakure aca agirako narwo arusaba gufata nka nkama inyigisho baronkejwe kuko ari ngirakamro cane mu kwubaka igihugu.

‎Ikindi yabasavye ni kwama bakurikiranira hafi imigambi y'iterambere iriko irangurirwa mu ntara ya Butanyerera ariyo y'amavukiro bahereye ku guteza imbere igiterwa c'ivoka cemejwe ko ari kimwe mu biterwa njabukamazi bigiye kuzanira amafranga y'agaciro igihugu c'Uburundi.

‎Akanabasaba kandi no gukomeza urukundo hagati y'abavuka ntara nziza ya Butanyerera mu buzima barimwo muri ayo ma Kaminuza.

‎Nayo izo mbonerakure zahawe inyigisho zokaba zikenguruka cane ubumenyi baronkejwe bamwe bakavuga ko vyinshi mu vyo bumvise vyabaye bishasha atavyo bari bazi bakaba biyemeje kuzokwitaba cane ikindi gihe zateguwe.

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 09/05/2026

CNDD-FDD # KIREMBA, ku wa 09 Rusama 2026

Kubandanya ibikorwa vy'iterambere ,kwitegurira neza ibikorwa vyo mu ci no gukomeza kubambatira amahoro n'umutekano ni vyo imbonerakure zo muri zone zihamagarirwa.

Vyashikirijwe na arongoye umuhari w'imbonerakure muri Komine .Hari inyuma yo kwifatanya n'imbonerakure zo muri zone mu gikorwa co gusasira amavoka, kubagara umurima munini w'isoya wabo,uri kuburinganire bwa hegitare imwe n'igice( 1,5ha).

Yarangije abasaba kuguma ku kivi, kuguma bitwararika umutekano na cane cane ko igihugu cimirije ibihe vy'itora, birinde ibihuha vyobasamaza.

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 09/05/2026

*Huguruwe icese isekeza ryo *gufumbira no gusasira ibiti vy'amavoka vya tewe muri komine **

Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 9/5/2026 umunyamabanga w'umugambwe -FDD muri komine aherekejwe n'umukuru w'umuhari w'imbonerakure muri komine bazindutse bagurura isekeza ryo gufumbira, gusasira hamwe n'ugukurikirana ibiti vy'ivoka vyatewe.

Umunyamabanga w'umugambwe muri komine yugururiye ivyo bikorwa k'umutumba zone ahari igitara gifise uburinganire birenga gato ha 15 hakaba hatewe ibiti vy'amavoka 4557.

Inyuma yaho umunyamabanga w'umugambwe -FDD muri komine Muhanga yabandanirije ivyo bikorwa muri zone k'umutumba aho yifadikanije n'abagumyabanga biyo zone mugikorwa co gufumbira, gusasira no kuzitirira ivoka zitewe kwibarabara rihuza komine yo muntara ya na komine yo muntara ya .

Inyuma yokugendera ama zone ya na , umunyamabanga w'umugambwe muri komine yabandanirije k'umitumba ya na ya zone aho hose akaba yariko aratanguza iryo sekeza.

Aho yaciye hose, umunyamabanga w'umugambwe muri komine yasavye isinzi ry'abagumyabanga bari bitavye iryo yogurura kugiriranira ubumwe n'urukundo ko ahatagira urukundo iterambere ridashoboka, yabasavye gukurikirana igiterwa njabukamazi c'ivoka ngo*Huguwe isekeza ryo *gufumbira no gusasira ibiti vy'amavoka vya tewe muri komine **

Kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 9/5/2026 umunyamabanga w'umugambwe -FDD muri komine aherekejwe n'umukuru w'umuhari w'imbonerakure muri komine bazindutse bagurura isekeza ryo gufumbira, gusasira hamwe n'ugukurikirana ibiti vy'ivoka vyatewe.

Umunyamabanga w'umugambwe muri komine yugururiye ivyo bikorwa k'umutumba zone ahari igitara gifise uburinganire birenga gato ha 15 hakaba hatewe ibiti vy'amavoka 4557.

Inyuma yaho umunyamabanga w'umugambwe -FDD muri komine Muhanga yabandanirije ivyo bikorwa muri zone k'umutumba aho yifadikanije n'abagumyabanga biyo zone mugikorwa co gufumbira, gusasira no kuzitirira ivoka zitewe kwibarabara rihuza komine yo muntara ya na komine yo muntara ya .

Inyuma yokugendera ama zone ya na , umunyamabanga w'umugambwe muri komine yabandanirije k'umitumba ya na ya zone aho hose akaba yariko aratanguza iryo sekeza.

Aho yaciye hose, umunyamabanga w'umugambwe muri komine yasavye isinzi ry'abagumyabanga bari bitavye iryo yugurura kugiriranira ubumwe n'urukundo ko ahatagira urukundo iterambere ridashoboka, yabasavye gukurikirana igiterwa njabukamazi c'ivoka ngo kuko _uwushaka_ _inka_ _aryama_ _nkazo, kandi ngo *inka* *ikamwa* *ico* *yariye* ntiyibagiye no kubereka ubuhinga bwo kuvomera hakoreshejwe ikibuni(goutte à goutte). Aca asaba abagumyabanga gutegura ibiswi vy'inkona kuzovomera ivoka zatewe mugihe c'ici akaba yabasavye kuba barabaronderera ibikoresho bazokoresha mukuvomera

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 08/05/2026

Bagiwe imbere na Céléstin NDUWAYO aserukira umuhari w'imbonerakure muri commune kayanza, hamwe n'umunyamabanga w'umugambwe muri zone rugazi, kuruyu wa 8/05/2026 imbonerakure ziga muma kaminuza zivuka muri zone RUGAZI,zaratunganije igikorwa co gutanga ama karata yo kwivurizako (CAM)Kubenegihugu bafise amikiro make ,
Mwijambo ryikaze,umunyamabanga w'umugambwe muri zone RUGAZI,BAYUBAHE Pière, akaba yashimiye cane,abo banyeshure b**a mumakaminiza kubwitange bagize Abasabako boguma bibuka aho bavuka nayo NIYOYITUNGIRA Benjamin asanzwe ABASERUKIRA muri zone,akaba yashimye ukungene ubuserukizi mumugambwe,bakiriyi iyo ngabire yo gufasha ,abemererako bagiye kuja hamwe bige imigambi y'iterambere itezimbere igihugu ,
Nayo céléstin NDUWAYO aserukira imbonerakure muri commune kayanza, akaba yakeje izo mbonerakure, kubwitange bagize mu buryo buke bafise,,anabasabako,bokwama baduga gukorana ibikorwa vyiterambera n'abenegihugu muri zone RUGAZI ,aca anabako abahawe ama karata bose ko boyabungabunga,bakayafata neza.mwomenyako icogikorwa kiriko kiraba Cahereye muri zone kayanza,

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 08/05/2026

CNDD-FDD , Ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd muriyo komine bugiwe imbere n'umunyamabanga w'iyo Komine Tite barabandanya kugndera ubucimbiri bugize iyo komine.

Kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama 2026 Umunyamabanga w'umubambwe CNDD-FDD muri komine arikumwe n'imukuru w'umuhari w'abakenyererarugamba bagendeye ubucimbiri 13 bwo mu mitumba ya na muri zone . Ni muri za ngendo Ubuserukizi bw'umugambwe Cndd-Fdd bwatangura zo gusuzuma ko igiterwa c'ivoka kiriko kirakurikiranwa neza kandi bakanirabira ingene abagumyabanga bayateye ku giti Cabo, Umunyamabanga w’Umugambwe muri Komine arashimira inzego zo mu bucimbire ukungene bateye amavoka ku rugero rwiza afatiye ku bitigiri iyo bagenda baramushikiriza, akabasaba kuyakurikirana mu kuyubakira,kuyafumbira, kuyasasira no kwitwararika kuyavomera muri kino gihe twimirije igihe c'ici. Umunyamabanga arahimiriza kandi abagumyabanga kwitwaririka isuku,kwitwararika guhimiriza abana kuguma mw'ishure, kwimba nyabarega zo kwihingurira umwavu, no guca imikobeko mu gukingira isi ndimwa. Tubibutse ko Ubuserukizi muri komine Kirundo bumaze kugendera ubucimbiri 230/684


Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 08/05/2026

, kuri iri genekerezo rya 8/5/2026 umunyamabanga w'umugambwe -FDD muri zone yazindutse yifadikanya n'abagumyabanga ba zone mugikorwa co gukorera, gufumbira no gusasira ivoka.

Ico gitara kiri k'umutumba kingana na ha 16 kikaba giteyemwo ibiti vy'ivoka 11400.
Nahayo_Célestin umunyamahanga w'umugambwe CNDD-FDD muri zone yasavye abari bitavye ivyo bikorwa gukurikirana igiterwa njabukamazi c'ivoka mu kuzirinda ivyonyi .

Umunyamabanga w'umugambwe muri zone akamenyesha ko uwuzofatwa ariko yonesha ivoka zatewe atazihanganirwa kuko azoba ashaka gusubiza ubutunzi bw'igihugu inyuma ati ntankeka uwo azoshengezwa munyamiramabi.

Yarangije asaba abagumyabanga kuba akarorero mu kubandanya batera ibiti vy'ivoka kugira bashigikize ibikorwa imbona kazoza, ntiyibagiye kubahamagarira kwitegurira kuzovomera ibiti vy'ivoka vyatewe mugihe c'ici.

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 08/05/2026

Cndd-Fdd
Umwenegihugu wese asabwa kwitwararika amavoka yose yimishijwe kugira ntihagire na rimwe rizohutara

Ivyo vyashikirijwe na arongoye muri komine kuri uwu wa 08 Rusama 2026, igihe yariko atanguza ku mugaragaro igikorwa co kwimisha amavoka.

Ico gikorwa yagitangurije muri zone . Ivyo bikorwa bikaba bishigikiwe na Leta y'Uburundi kuko yamaze gushira uburyo bw'amafranga ariko arafasha mu kugura ibikoresho bijanye no kwimisha.

Ivyo bibaye inyuma ya aho hugururiwe isekeza ryo gufumbira,gusasira no kwimisha amavoka ku rwego rw'intara ya bitangujwe n'umunyamabanga w'umugambwe mu ntara, . Muri komine naho baciye bihutira kuja ku kivi aho mu mazone yose ico gikorwa bagitanguranye inguvu n'ishaka.

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 07/05/2026

#𝐁𝐮𝐭𝐚𝐧𝐲𝐞𝐫𝐞𝐫𝐚 𝐈𝐬𝐞𝐤𝐞𝐳𝐚 𝐫𝐲𝐨 𝐠𝐮𝐟𝐮𝐦𝐛𝐢𝐫𝐚 𝐧𝐨 𝐠𝐮𝐬𝐚𝐬𝐢𝐫𝐚 𝐚𝐦𝐚𝐯𝐨𝐤𝐚 𝐚𝐫𝐞𝐧𝐠𝐚 𝐦𝐢𝐥𝐢𝐲𝐨𝐧𝐢 24 𝐲𝐚𝐭𝐞𝐰𝐞 𝐫𝐲𝐚𝐭𝐚𝐧𝐠𝐮𝐣𝐰𝐞 𝐦𝐮 𝐧𝐭𝐚𝐫𝐚 𝐲𝐚 #𝐁𝐮𝐭𝐚𝐧𝐲𝐞𝐫𝐞𝐫𝐚

07/5/2026 Ubuserukizi bw'umugambwe CnddFdd mu ntara ya bwatanguje mu ntara isekeza ryo gufumbira no gusasira amavoka yose yatewe, igikorwa catangujwe n'Umunyamabanga w'Umugambwe mu ntara aho yifadikanije n'Abenegihugu bo muri komine zone mu gufumbira no gusasira igitara c'Amavoka 3600 ku mutumba .

Muri komine ahatangurijwe iryo sekeza , umunyamabanga w'umugambwe muri komine arashimira abagumyabanga bo bitabiriye umugambi wo gutera ivoka aho muri komine yose hamaze guterwa ayarenga miliyoni 5, ayo nayo akaba yatewe mu bitara binini binini mumazone, ku mabarabara no mu ngo mu matongo y'Imiryango.

Nayo Ferdinand Habimana, Umunyamabanga w'Umugambwe mu ntara ya yamenyesheje ko atanguje isekeza ryo gufumbira no gusasira amavoka yatewe arenga miliyoni zirenga 24 kugira mu ntara yose batangure ico gikorwa kizorangirana n'ukwezi kwa gatandatu (Ruheshi) 2026 aho hazoca hakirikira kuvomera amavoka yose yatewe.

Avuye muri zone , umunyamabanga w'Umugambwe yabandanirije muri zone ku mutumba aha naho akaba yatanguje igikorwa co kwomekera (greffage) mu gitara ca hegitare 9 giteyemwo amavoka arenga 6 000. Aho naho yamenyesheje ko umutumba wose ugiye kuronse 𝐺𝑟𝑒𝑓𝑓𝑜𝑛 4000 kugira amavoka yose yimishwe ubwoko - Ruhere ivoka ikunzwe kandi ironderwa ku soko mpuzamakungu.

Urugendo yarubandanirije ku mutumba zone muri komine igitara kirimwo amavoka ya yeze, ayo nayo akaba yabonetse mu gihe habanje gutemwa ibiti bishaje bitagitanga umwimbu, vy'imishijwe haheze umwaka.

Uwo arongoye umugambwe cnddFdd mu ntara avuga ko gutera ivoka ari kimwe, gukurikirana ari ikindi. Kugira ivoka ritange umwimbu kandi ntirirware rirasasirwa, rirafumbirwa kandi rikanavomerwa arico gituma asaba ko mu bikorwa vyo mu buruhuko bw'abanyeshure (Camp d'été), mu bikorwa vyihuta harimwo kuvomera amavoka, guca imikobeko no kubumba amatafari.

FerdinandHabimana asaba kandi abajejwe uburimyi n'ubworozi mu ntara hamwe n'abahinga b'Ishirahamwe kuguma bafasha mu gukurikirana ivoka zose zatewe ,kugira ihangiro intara ya yihaye ko mu mwaka wa 2030 izobe yimbura Toni umuriyoni w'Ivoka.

Photos from Cndd-Fdd Butanyerera's post 07/05/2026

, k'uwu wa gatatu igenekerezo rya 6/5/2026, ubuserukizi bw'umugambwe CNDD-FDD muri komine Matongo bwari bwatunganije umubonano uhambaye kundongozi mumazone yose agize komine # Matongo gushika no mumitumba haba muntwaro no mumugambwe CNDD-FDD.

Ico kiyago cari gishingiye kukubandanya bitaho igiterwa c'ivoka bazifumbira bongera bazisasira aho mbere bagirako babasaba kuzozivomera mugihe cici.

Ikindi basabwa n'ukubandanya bitegurira amatora twimirije y'umukuru w'Igihugu mumwaka uza wa 2027 aho mumazone yose basabwa 100/100 kugira Matongo tubandanye twiha ijambo.

Aho mukurangiza indongozi muma zone ndetse no mumitumba zisabwa kubungabunga amahoro n'umutekano kuko ata bikorwa vy'iterambere bishoboka ata Mutekano

Want your business to be the top-listed Government Service in Ngozi?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Category

Telephone

Address


32
Ngozi