09/10/2026
๐๐ฏ๐ฎ๐ณ๐ถ๐๐ฒ ๐ฎ๐บ๐ฎ๐๐ ๐๐ฎ๐ธ๐ถ๐ฟ๐ฎ ๐ถ๐ป๐ด๐ฒ๐ป๐๐ถ ๐ฏ๐ฎ๐ณ๐ถ๐๐ฒ ๐๐ฟ๐๐ต๐ฎ๐ฟ๐ฎ ๐ป๐๐ฎ๐ป๐ด๐ฒ๐ฟ๐ฒ ๐บ๐ ๐ธ๐๐ด๐๐ฎ๐ป๐๐ฎ ๐ถ๐ป๐ฑ๐ฎ ๐'๐ถ๐๐ต๐๐๐ต๐
Abantu bose bakorera mu gisata co kwakira ingenzi bahamagarirwa gufasha kugwanya inda z'ishushu mu bana bakiri ku ntebe y'ishure mu kudaha ivyumba abagabo bataye ibanga basambanya abana b'abanyeshure. Ihoteli izofatirwamwo umwana w'umunyeshure izoca yugarwa.
Iyo ni imwe mu ngingo zafashwe mu nama y'umutekano yo kuri uyu wa kane, igenekerezo rya /10/2026. Iyo nama ikaba yakoreshejwe na , Musitanteri wa Komine Rumonge. Izindi ngingo zapfunditswe n'izi zikurikira:
1. Gushiraho ama komite ku mitumba araba abana bagenda ijoro n'abanyeshure baheba amashure,
2. Hoteri izofatirwamwo umunyeshure izoca yugarwa,
3. Ububare bwose butegerezwa kuba bufise "licence d'exploitation",
3. Kurwanya urudandazwa rwa magendo ( ) ku mitumba yose igize komine Rumonge,
4. Mu mezi 3 uwutazoba afise akazu ka Sugumwe azohanwa,
5. Gushiraho abazamu ku mashure yose,
6. Kugwanya ibiturire mu ndongozi,
7. Abarongoye amasoko bakoreshe amanama kugira bakingire ayo masoko,
8. Gutuza amarigara,
9. Gutunganya no gukora ibikorwarusangi,
10. Gutera no gukurikirana amavoka,
11. Abarongoye amashengero n'imigambwe yemewe n'amategeko bahamagariwe kuremesha amahro no gukundisha igihugu abo barongoye,
12. Kwubaka n'amabuye ( ) amabarabara y'imigenderanire mu gisagara no mu bigwati.
Iyo nama yarangiye Musitanteri atumirira abayitavye n'abenegihugu bose muri rusangi kuzitabira umunsimukuru wo kwibuka Incungu y'ukwikukira kw'u , Umuganwa ; uhimbazwa kw'igenekerezo rya 13/10 buri mwaka.