Commune Rumonge

Commune Rumonge

Share

PAGE OFFICIELLE DE LA COMMUNE RUMONGE

Photos from Commune Rumonge's post 31/05/2026

๐—”๐—ฏ๐—ฎ๐—ต๐˜‚๐˜‡๐—ฎ ๐—ฏ๐—ผ ๐—ธ๐˜‚ ๐—บ๐˜‚๐˜๐˜‚๐—บ๐—ฏ๐—ฎ ๐—ป'๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ๐—ธ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—บ๐—ฏ๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ณ๐—ถ๐˜€๐—ฒ ๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐—ต๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ป๐˜๐—ฎ๐—ป๐—ด๐—ฒ๐—ฟ๐—ฒ ๐—บ๐˜‚ ๐—ด๐˜‚๐˜๐—ฎ๐˜๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ ๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐˜๐—ฎ๐˜๐—ถ ๐˜†'๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐˜๐—ผ๐—ป๐—ด๐—ผ ๐—ป๐—ฎ ๐—ฐ๐—ฎ๐—ป๐—ฒ ๐—ฐ๐—ฎ๐—ป๐—ฒ ๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐˜๐—ฎ๐˜๐—ถ ๐—ฎ๐—ฟ๐—ถ ๐—บ๐˜‚ ๐—ธ๐—ถ๐˜†๐—ฎ๐˜†๐—ฎ ๐—ฐ'๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐˜‡๐—ถ ๐——๐—ฎ๐—บ๐—ฎ

Abahuza bo ku mutumba wa (zone ) basabwa gukorana vuba bagafasha mukwerekana imbibe z'itongo risirwa n'uwitwa kugira ngo amatati y'amatongo ari mubasigwa b'uyo muhisi n'abahana nawe imbibe atorerwe umuti.

Ubwo butumwa bwatanzwe na Musitanteri wa Komine Rumonge kuri uyu wa 30/5/2026, inyuma yo kwishikira mu gacimbiri ko kuri uwo mutumba wa Kirama hamaze igihe havugwa ubusuma bw'ib**azi, uruhagara n'umutekano muke ahanini biturutse ku ndyane z'amatongo ari mubasirwa ba n'abo bahana imbibe.

Mu nama Musitanteri yakoresheje, yagarutse ku kwubahiriza amasezerano yash*tsweko n'ubutungane impande zose ziri mu matati ziserukiwe ndetse n'intwaro ihari aho bumvikanye ko ib**azi vyose biri mw'itongo riri mumatati bikoteshwa maze amafaranga akaja kuri konte y'ubutungane mu kurindira ko imburano zirangira maze abatsinze bagakomorezwa ayo mafaranga bivanye n'igitigiri c'ib**azi biri aho umwe wese yatsindiye.

Iyo ngingo yaragiye mu ngiro ariko iyubahirizwa ryayo riguma rigorana bivanye n'uko uwakose ivyo b**azi yagumye yidoga ko bavyiba ndetse hakaba hari n'abantu bagiye bahagarikwa bagirizwa ubwo busuma. Mu gihe bamwe mu benegihugu bo mu gacimbiri Maramvya bidoga ko amatongo yabo yoba yashizwe muyasiga Bisoso bari basanzwe bahana urubibe, Musitanteri yarabijeje ko abahuza nibamara gukorana, bakanafashanya n'abakurambere bo muri ako gacimbiri, imbibe zizosobanurwa maze abatarira busema bakomorerwe amatongo yabo. Abatera akamo nyabuna gufata iyambere mukwubahiriza ingingo yash*tsweko mukurorera umuco uzotangwa n'abahuza.

Izindi ngingo zapfunditswe mu ntumbero yo kuzana ituze mu kiyaya c'uruzi hasanzwe hari ayo matongo y'ib**azi arimwo amatati ni izi zikurikira:

1. Gufata no gushengeza mu butungane uwagirizwa ko yateye ibuye n'imanati agakomeretsa umuraririzi w'ib**azi;
2. Umukuru w'umutumba Kirama avugane n'abahuza banyarutse imanza z'uburimbi hagati yabasigwa ba Bisoso n'abahana imbibe n'uwo muhisi hama babone kuja mumanza z'ubugabure,
3. Umukuru w'umutumba Kirama asabwa namaburiburi kuza mu gacimbiri Maramvya rimwe mu minsi 2, Umukuru wa zone Mudende nawe akahaza n'amaburiburi rimwe mu ndwi kugira ngo bakurikiranire hafi ivyerekeye ayo matati. Aha indongozi zari zaherekeje Musitanteri zibukije ko "Umutware aba iyo ibibazo biri",
5. Kw'Iyengero kwa habebo igitabo bandikamwo abahazana ib**azi kugira ngo bakinge kwakira ib**azi vy'ivyibano. Iri yengero ryaridogewe cane ko ariryo ryoba ryakira ib**azi biba vyibwe muri ayo matongo ari mumatati,
6. Umukuru wa zone Mudende ashireho iminsi izwi kugira abafise indimo murayo matongo baje kuzikorerera. Aha abatware babwirizwa guhagarikira ivyo bikorwa kugira ngo ntihazobe kudodoberezanya ngo naka yoba yaciye ikigazi,
7. Abenegihugu bahamagarirwa gufatana mu nda no kubumbatira amahoro n'umutekano kuko ari karahara mu ruganda ntibacura.

Twobamenyesha ko ico kibazo c'itongo risiga gihanze imitumba 4 yo mu mazone 4 atandukaye; karitiye (Zone ), umutumba (Zone ), umutumba (Zone ) hamwe n'umutumba (Zone ). Iryo tongo riri mu kiyaya c'uruzi , aho iyo mitumba n'amazone yose 4 ahanira imbibe - Iryo tongo rirajabuka uruzi maze rigakora kuri iyo mitumba yose uko ari 4 yo mu mazone 4 atandukanye.

Photos from Commune Rumonge's post 30/05/2026

๐—•๐˜‚๐—ฟ๐—ถ ๐˜„๐—ฎ๐—ด๐—ฎ๐˜๐—ฎ๐—ป๐˜‚ ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐—ป๐—ด๐—ถ๐˜‡๐—ฎ ๐˜‚๐—ธ๐˜„๐—ฒ๐˜‡๐—ถ ๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ฒ๐˜€๐—ต๐˜‚๐—ฟ๐—ฒ ๐—ฏ๐—ผ๐˜€๐—ฒ ๐—ฏ๐—ผ ๐—บ๐˜‚ ๐—ด๐—ถ๐˜€๐—ฎ๐—ด๐—ฎ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ฐ๐—ฎ ๐—ฅ๐˜‚๐—บ๐—ผ๐—ป๐—ด๐—ฒ ๐—ฏ๐˜‚๐˜‡๐—ผ๐—ต๐—ผ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ต๐˜‚๐—ฟ๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ธ๐˜‚๐—ธ๐—ถ๐—ฏ๐˜‚๐—ด๐—ฎ ๐—บ๐—ฎ๐˜‡๐—ฒ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ต๐—ฎ๐—ฏ๐˜„๐—ฒ ๐—ถ๐—ป๐˜†๐—ถ๐—ด๐—ถ๐˜€๐—ต๐—ผ ๐˜‡๐—ผ ๐—ด๐˜‚๐—ธ๐˜‚๐—ป๐—ฑ๐—ฎ ๐—ถ๐—ด๐—ถ๐—ต๐˜‚๐—ด๐˜‚

Abanyeshure bose bo muri Komine Rumonge bahamagarirwa kwirinda abagenzi babi babajana mu buhumbu, gukunda ishure n'ibikorwa hamwe no kwubaha abavyeyi. Ni ubutumwa bwatanzwe kuri uyu wa 29/5/2026 na , umuhanuzi mu biro vy'indero mu ntara ya . Yabishikirije inyuma y'ibikorwa vy'isuku n'isukura vyatumganijwe n'igisata c'indero muri Komine Rumonge aho abanyeshure bose bo mu gisagara ca Rumonge bazungurutse ico gisagara begeranya amacupa atabora ya .

Nk'uko vyashikirijwe na arongoye igisata c'indero, ivyo bikorwa vyateguwe mu ntumbero yo kwigisha abanyeshure kwubahiriza amabwirizwa y'isuku n'isukura aho babaye, kubigisha indero runtu hamwe no kubakundisha igihugu.

Mwomenya ko umuhanuzi wa Musitanteri muvyo ajejwe harimwo ibibazo vya politike, , yakengurutse ico gikorwa maze aca amenyesha ko kigiye kubandanya buri munsi wa gatanu urangiza ukwezi ndetse ngo hazohora haba ihiganwa aho hazobazwa ibibazo ku nyigisho ziba zatanzwe maze abanyeshure bishuye neza bahabwe ubushimwe.

28/05/2026

" ๐™‚๐™ช๐™ฉ๐™š๐™ง๐™– ๐™ž๐™—๐™ž๐™ฉ๐™ž ๐™ฃ๐™ค ๐™ ๐™ช๐™—๐™ž๐™ ๐™ž๐™ฃ๐™œ๐™ž๐™ง๐™– ๐™ฃ๐™ž ๐™ช๐™œ๐™ช๐™ ๐™ž๐™ฃ๐™œ๐™ž๐™ง๐™– ๐™ž๐™—๐™ž๐™ฃ๐™ฎ๐™–๐™—๐™ช๐™ฏ๐™ž๐™ข๐™–; ๐™ข๐™ช ๐™—๐™ž๐™ฃ๐™ฎ๐™–๐™—๐™ช๐™ฏ๐™ž๐™ข๐™– ๐™ช๐™ข๐™ช๐™ฃ๐™ฉ๐™ช ๐™–๐™ฏ๐™– ๐™ช๐™—๐™ฌ๐™– ๐™ข๐™—๐™š๐™ง๐™š! "

Dutere ibiti twongere tunabikingire kubw'amagara meza yacu !

Photos from Commune Rumonge's post 21/05/2026

๐—”๐—ฏ๐—ฎ ๐— ๐—ผ๐˜๐—ฎ๐—ฟ๐—ฑ๐˜€ ๐—ป'๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ ๐—ง๐—ฎ๐˜…๐—ถ-๐˜ƒ๐—ฒ๐—น๐—ผ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ต๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐—ด๐—ฎ๐—ฟ๐—ถ๐—ฟ๐˜„๐—ฎ ๐—ธ๐˜‚๐—ฟ๐—ถ๐—ต๐—ฎ ๐—ถ๐—ธ๐—ผ๐—ฟ๐—ถ ๐—ฟ๐˜†'๐˜‚๐—บ๐˜„๐—ฎ๐—ธ๐—ฎ

Gushika kw'igenegerezo rya 25/5/2026 nico kiringo ntarengwa cumvikanyweko mu nama yo kuri uyu wa 21/5/2026 kugira ngo abunguruza abantu n'ibintu ku mapikipiki no ku makinga bazobe bahejeje bose kuriha ikori ry'umwaka.

Muri iyo nama, . Deo_MUKAMARAKIZA arongoye igisata kijejwe uburyo bwo kwiyunguruza muri Komine Rumonge yamenyesheje ko abamaze kuriha ari bake cane. Abavuga ko bamaze kuriha abahamagarira kugendana ibitansi kugira isuzuma rize ryorohe.

Tubamenyeshe ko ku mvo z'umutekano no kworosha uruja n'uruza mu mabarabara akikuje isoko ya Rumonge, abagendesha amakinga babujijwe guhagarara imbere y'amabarabara ava canke yinjira muri iyo soko.

Photos from Commune Rumonge's post 20/05/2026

๐—”๐—ฏ๐—ฒ๐—ป๐—ฒ๐—ด๐—ถ๐—ต๐˜‚๐—ด๐˜‚ ๐—ฏ๐—ผ ๐—บ๐˜‚ ๐—ฅ๐˜‚๐—บ๐—ผ๐—ป๐—ด๐—ฒ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ต๐—ฎ๐—บ๐—ฎ๐—ด๐—ฎ๐—ฟ๐—ถ๐—ฟ๐˜„๐—ฎ ๐—ธ๐˜„๐—ถ๐—ธ๐—ถ๐—ป๐—ด๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ถ๐—ธ๐—ถ๐˜‡๐—ฎ ๐—ฐ๐—ฎ ๐—˜๐—ฏ๐—ผ๐—น๐—ฎ ๐—ธ๐—ถ๐—ฟ๐—ถ๐—ธ๐—ผ ๐—ธ๐—ถ๐˜ƒ๐˜‚๐—ด๐˜„๐—ฎ ๐—บ๐˜‚ ๐—ฏ๐—ถ๐—ต๐˜‚๐—ด๐˜‚ ๐—ฏ๐—ถ๐—ฏ๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ถ

Mu ntumbero yo gukinga ngo ikiza ca kivugwa mu bihugu bibanyi vya na ntigishike mu Rumonge, kuri uyu wa 20/5/2026 Musitanteri-afadikanije n'umuyobozi w'akarere k'ubuvuzi ka Rumonge- yatunganije inama ku ndongozi zo mu mazone n'imitumba ikora ku kiyaga .

Muganga yamenyesheje ko Ebola yagaragaye muri na kuva kuwa 15/5/2026. Ibimenyetso vy'ico kiza giterwa na bikaba ubushuhe, kumeneka umutwe, ububabare, gucibwamwo hamwe no kuva amaraso ahantu hose hari intoboro ku mubiri. Uwanduye Ebola agaragaza ibimenyetso hagati y'iminsi 2 na 21.Ibice 95% vy'abantu banduye Ebola baritaba Imana kuko atamuti uyivura uhari.

Muti Ebola yandura gute? Nk'uko vyasiguwe na Muganga Alexis NKURUNZIZA ajejwe akarere k'ubuvuzi ka Rumonge, iyo ndwara yandura biciye:

๐ŸšจMu ndugumba;
๐ŸšจMu mate;
๐ŸšจMu mosozi;
๐ŸšจMu mukoyo;
๐ŸšจMu mazirantoke;
๐ŸšจMu bidahwe

Zimwe mu ngamba zo kuyikingira akaba ari:

โœ… Kwitwararika indamukanyo y'amahoro;
โœ…Gukaraba n'amazi meza n'isabune;
โœ…Kwirinda gukora ku kiziga c'uwahitanywe na Ebola;
โœ…Kwirinda gukoranako n'uwurwaye Ebola canke gukora kukintu yakozeko

, Musitanteri wa Komine Rumonge akaba yatumye indongozi ku mitumba yose igize amazone ya , , , na gutunganya amakoraniro kugira bahimirize abenegihugu kuzitira tutaronerwa mu kwikingira ico kiza. Abava canke baja muri basabwa guca mu nzira zemewe n'amategeko kugira basuzumwe. Abarovyi bahamagarirwa kwirinda kugerera muri .

Tubibutse ko kuwa 16/5/2026, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwasohoye itangazo rihamagarira abenegihugu bose kwikingira ico kiza ca Ebola kigisibije muri na .

20/05/2026
Photos from Commune Rumonge's post 19/05/2026

๐—š๐˜‚๐˜๐˜‚๐—ป๐—ด๐—ฎ๐—ป๐—ถ๐—ฟ๐—ถ๐˜‡๐—ฎ ๐—ธ๐˜‚ ๐—บ๐˜„๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ฎ ๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ๐—ฑ๐—ฎ๐—ป๐—ฑ๐—ฎ๐˜‡๐—ฎ ๐—ฏ๐—ฎ๐—ธ๐—ผ๐—ฟ๐—ฒ๐˜€๐—ต๐—ฎ ๐—ถ๐—ธ๐—ถ๐˜ƒ๐˜‚๐—ธ๐—ผ ๐—ฐ๐—ฎ ๐—ฅ๐˜‚๐—บ๐—ผ๐—ป๐—ด๐—ฒ ๐—ป๐—ถ ๐—ธ๐—ถ๐—บ๐˜„๐—ฒ ๐—บ๐˜‚๐˜ƒ๐˜†๐—ผ๐˜๐˜‚๐—บ๐—ฎ ๐—ถ๐—ฐ๐—ผ ๐—ธ๐—ถ๐˜ƒ๐˜‚๐—ธ๐—ผ ๐—ด๐—ถ๐—ต๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐—บ๐—ฏ๐—ถ๐—ฟ๐˜„๐—ฎ

Ubuyobozi bw'ikivuko ca Rumonge buhamagarirwa gutunganya neza akazi kugira ngo iboti zipakururwe ku mwanya hamwe no kumanika ahatandukanye amategeko yisungwa mu kurihisha ibidandazwa bica kuri ico kivuko ku buryo umudandaza wese avyisomera. Ni akamo batewe na Buramatari w'intara ya , , mu nama yatunganije kuri uyu wa 18/5/2026 ku berwa bose n'umutekano n'iterambere ry'ikivuko ca .

Kubwa Buramatari, hakwiye kwongerezwa amasaha yo gukora, hakaba urutonde rwiza ku buryo atabadandaza bisanga bategerezwa kuharara kandi vyashoboka ko basubira.

Kuri ico kibazo co kwongereza umwanya wo gukora, , Umuyobozi mukuru w'urwego rw'igihugu rujejwe uruja n'uruza mu mazi no guteza imbere ibivuko yamenyesheje ko ari iciyumviro kijanye n'imbonakazoza y'igihugu kandi ko biteguye kubishira mu ngiro. Mu gihe ikigo gifise uruhara ntangere mu gutuma ikivuko ca Rumonge gikora gushika isaha zibiri z'ijoro ( 20h00 ), uwari yaserukiye ico kigo muri iyo nama yamenyesheje ko bobo badakora umwanya ahubwo bakora akazi.

Umuyobozi mukuru w'urwego rw'igihugu rujejwe uruja n'uruza mu mazi no guteza imbere ibivuko yaboneyeho kwibutsa ibi bikurikira:

โŒ Nta bwato buja kuroba budafise ivyangombwa biburanga;

โŒ Nta bwato na bumwe burekuriwe kwinjira mu kiyaga inyuma y'isaha cumi n'imwe (17h00);

โŒ Nta muntu numwe aje n'ubwato arekuriwe gusohoka ikivuko adapimwe n'abajejwe amagara y'abantu .

18/05/2026

๐—ฉ๐˜‚๐—ฏ๐—ฎ ๐˜‚๐—ฏ๐˜„๐—ฎ๐˜๐—ผ ๐—ฏ๐˜„๐˜‚๐—ป๐—ด๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐˜‡๐—ฎ ๐—ฎ๐—ฏ๐—ฎ๐—ป๐˜๐˜‚ ๐—บ๐˜‚ ๐—ธ๐—ถ๐˜†๐—ฎ๐—ด๐—ฎ ๐—ง๐—ฎ๐—ป๐—ด๐—ฎ๐—ป๐˜†๐—ถ๐—ธ๐—ฎ ๐—ฏ๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ๐˜๐—ฎ๐—ป๐—ด๐˜‚๐—ฟ๐—ฎ ๐—ด๐˜‚๐—ธ๐—ผ๐—ฟ๐—ฎ

Ubwato bwa mbere butwara abantu 50 buzoba bwamaze gushika mu mu kwezi kuza. Ni ihumure ryatanzwe kuri uyu wa 18/6/2026 na ; Umuyobozi mukuru w'urwego rw'igihugu rujejwe uruja n'uruza mu mazi no guteza imbere ibivuko.

Yabishikirije mu nama yatunganijwe na Buramatari w'intara ya , , ku berwa bose n'ikibazo c'iterambere ry'ikivuko ca Rumonge. Iyo nama ikaba yabereye mu nyubakowa ya Komine , .

Kubwa Honorable Godelieve NININAHAZWE, ubwo bwato buzokorera Bujumbura -Rumonge-Nyanza mu ntumbero yo guteza imbere igisata co gutwara abantu biciye mu mazi. Icihutirwa ngo bariko barakora akaba ari ugutegura ibibanza buzohora bugereramwo aho yatanze akarorero nko mu gisagara ca Rumonge bamaze kwiyumvira muri karitiye kuko ngo hari mu bice kidakaramwo imiyaga.

Ibindi bibazo vyaciwe hirya no hino muri iyo nama y'iterambere ry'ikivuko ca Rumonge ni mumakuru akurikira, gumana natwe!

๐Ÿ–ผ๏ธ Wikipedia

Photos from Commune Rumonge's post 14/05/2026

๐—œ๐—ธ๐—ถ๐—ฟ๐—ฎ๐—ฟ๐—ผ ๐—ฐ๐—ฎ ๐— ๐˜‚๐˜€๐—ถ๐—ต๐—ฎ๐˜‡๐—ถ ๐—ธ๐—ถ๐—ด๐—ถ๐˜†๐—ฒ ๐—ธ๐˜„๐˜‚๐—ฏ๐—ฎ๐—ธ๐˜„๐—ฎ

Umugezi uri muri Rukinga (Agacimbiri ), zone . Nk'uko abenegihugu babishikirije Musitanteri wa Komine Rumonge yararamutse agendera agacimbiri ka kuri uyu wa 14/5/2026, mu gihe uwo mugezi wuzuye ibikorwa vy'iterambere birahungabana kuko atakiraro na kimwe kihari bojabukirako bava ku nkombe imwe y'umugezi Musihazi baja kuyindi. Vyongeye, abanyeshure benshi bo mu gacimbiri Mitonto b**a kuri isanzwe iri hakurya ya Musihazi; iyo rero uwo mugezi wuzuye ntibikunda ko baja kw'ishure mu gihe batari bwatonde nayo iyo bari kw'ishure bibasaba kurarayo mu kwirinda amasanganya.

Kuri ivyo bibazo, , Musitanteri wa Komine Rumonge yabijeje ko ikibazo co kwubaka ikiraro ca Musihazi arico nyamukuru camushikanye muri ako gacimbiri ka Mitonto. Kubwa MINANI Augustin, yari yagiye aherekejwe n'Uwujejwe igisata c'inyubako muri Komine, kuva mu kwezi kw'indwi (7/2026) ico kiraro kiratangura kwubakwa. Komine ngo yihaye amezi 2, gushika mu kwezi kw'icenda (9/2026) ico kiraro kikazoba carangiye kugira ngo mu mwaka w'ishure uza abanyeshure baze bige atagusiba.

Kugira ico kiringo kize cubahirizwe, Musitanteri ahamagarira abenegihugu bo ku Rukinga, na cane cane mu Mitonto, gutunganya ibikorwarusangi gatatu mu ndwi kugira ngo begeranye umusenyi, igaraviye n'amabuye .

Abenegihugu bo mu Mitonto bakengurukiye Musitanteri wa Komine Rumonge maze banamusaba kubashikanira amazi meza muri ako gacimbiri. Kuri ico gisabo, MINANI Augustin yabemereye ko Komine azobaha amatiyo yo gukwega ayo mazi.

Imbere yo kuja kuraba ahagiye kwubakwa ikiraro ca Musihazi, Musitanteri MINANI Augustin yabanje kwifadikanya n'Abakirisito bo mw'ishengero mu guhimbaza umunsimukuru w'iyurizwa mw'ijuru rya . Mu nyigisho ziwe, MINANI Augustin yishimikije ijambo ry'Imana ryo mu butumwa bwiza bwanditswe na igice ca 28:16 na igice ca 16:7 maze asaba abakirisito gufata umunsi wo kwama basengera abaguye hamwe n'abatarakira agakiza.

Photos from Commune Rumonge's post 05/05/2026

๐—œ๐˜€๐—ผ๐—ธ๐—ผ ๐˜†๐—ผ ๐—บ๐˜‚๐—ฟ๐—ถ ๐˜‡๐—ผ๐—ป๐—ฒ ๐—•๐˜‚๐—ฟ๐˜‚๐—ต๐˜‚๐—ธ๐—ถ๐—ฟ๐—ผ ๐—ถ๐—ด๐—ถ๐˜†๐—ฒ ๐—ด๐˜‚๐—ต๐—ผ๐—ฟ๐—ฎ ๐—ถ๐—ฟ๐—ฒ๐—บ๐—ฎ ๐Ÿฎ ๐—บ๐˜‚ ๐—ป๐—ฑ๐˜„๐—ถ

Mu nama Musitanteri wa Komine Rumonge yagiranye n'abakozi bose kuri uyu wa 4/5/2025, harashikirijwe igisabo c'abenegihugu n'abadandaza bakorera mw'isoko y'i aho babona ko umunsi umwe badugura mu ndwi utakibakwiye maze bagasabwa guhabwa iminsi 2.

Musitanteri yarashimye ico cipfuzo kuko ari ikimenyetso c'uko iyo soko iriko iratera imbere maze haca hafatwa ingingo ko bohora badugura kabiri mu ndwi; ku munsi wa no kuw' (Mercredi et Dimanche).

MINANI Augustin atera akamo abenegihugu badugura muri iyo soko ya Buruhukiro kugwiza umwimbu kugira ngo baronke vyinshi bashora narirya iminsi badugura yiyongeye.

Mwomenya ko muri iyo nama hanagarutse ikibazo ca zone itagira isoko n'imwe. Musitanteri arahumuriza abenegihugu ko mu ntango z'ukwezi kwa gatandatu ariho hazokwugururwa isoko y'inka muri iyo zone.

Want your business to be the top-listed Government Service in Rumonge?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Website

Address


Rumonge