Province Butanyerera

Province Butanyerera

Share

La page officielle de la Province #Butanyerera

Photos from Province Butanyerera's post 09/05/2026

Musitanteri wa Komine Kiremba yahaye impanuro indongozi n’abadandaza bo muri zone Birambi na Nyamurenza ku bijanye n’umutekano, isuku hamwe no guteza imbere amasoko.

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 09 Rusama 2026, Musitanteri wa Komine Kiremba yagendeye zone Birambi aho yahurije hamwe indongozi zitandukanye hamwe n’abadandaza bakorera muri zone Birambi na Nyamurenza, mu nama yari ifise intumbero yo gukomeza intwaro ibereye, umutekano hamwe n’iterambere ry’ubudandaji muri ako karere.

Mu vyaganiriweko, harimwo gusasagaza no kwigisha ku bijanye n’intwaro ibereye, gukomeza amategeko ajanye n’isuku n’isukura mu masoko no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, hamwe no kurabira hamwe uburyo isoko ya Birambi yoduza amatagisi kugira ishobore gutanga umusaruro ushimishije ku rwego rwa komine.

Musitanteri wa Komine Kiremba Pascal Habiyakare yaronse kandi akaryo ko gusinya impapuro zitandukanye zandikirwa ku ma zone zisaba umukono wiwe, anagabisha uwo wese yohirahira akagira uruhara mu gukora ubusuma canke ubunyonyezi bw’ikawa n’ibindi bidandazwa, cane cane ko ayo mazone ahana urubibe n’igihugu c’Urwanda.

Mu ntumbero yo guteza imbere ubudandaji no gukomeza ibikorwa vy’isoko ya Birambi, hafashwe ingingo yo guhindura imisi y’iryo soko, aho risanzwe riremwa ku wa gatatu no ku wa gatandatu rigiye gusubira kuremwa ku wa kabiri no ku wa gatanu.

Abari muri iyo nama basiguye ko iyo ngingo yafashwe inyuma yo kubona ko ku wa gatatu isoko ya Birambi yahurirana n’isoko ikomeye ryo mu Vyerwa, bigatuma abadandaza n’abaguzi batitabira ku rugero rwifujwe. Ku wa gatandatu naho, ibikorwa vy’igihugu, amasengesho, imanza zo mu miryango hamwe n’izindi vyatumye isoko ridatanga umwimbu ushimishije.

Musitanteri wa Komine Kiremba yasavye indongozi hamwe n’abadandaza gukomeza gukorera hamwe mu ntumbero yo guteza imbere amasoko, gukingira ubutunzi bw’igihugu no gukomeza ibikorwa vy’iterambere birama bifitiye akamaro abenegihugu.
Province Butanyerera
Présidence - République du Burundi



Photos from Intumwa's post 09/05/2026
Photos from Province Butanyerera's post 09/05/2026

: Le Chef de l’État a tenu une réunion avec les responsables des différents secteurs œuvrant dans la province de Butanyerera

Dans le cadre des rencontres que le Président de la République du Burundi organise avec les responsables des différents secteurs à travers le pays, Son Excellence Evariste Ndayishimiye a tenu, ce vendredi 8 mai 2026, une réunion avec les cadres et responsables des services publics exerçant dans la Province Butanyerera.

Dans son allocution, le Chef de l’État a indiqué que ces réunions ont pour objectif de favoriser les échanges d’expériences et d’identifier ensemble les stratégies susceptibles d’accélérer le développement des provinces. Il a souligné que l’atteinte de la vision du Burundi émergent et développé passe nécessairement par un changement de mentalité et de méthodes de travail.

Le Président de la République s’est réjoui de l’amélioration progressive de la gouvernance administrative, saluant l’engagement des dirigeants qui se rapprochent davantage des citoyens afin d’écouter leurs préoccupations et d’y apporter des réponses appropriées. Il a fait savoir que cette dynamique contribue sensiblement à la réduction des doléances adressées à la Présidence de la République.

Son Excellence Evariste Ndayishimiye est également revenu sur certains obstacles freinant le développement du pays, évoquant notamment certaines organisations qui, malgré plusieurs années d’activités sur le territoire national, ne présentent pas d’impacts visibles et durables sur les conditions de vie des populations bénéficiaires.

Dans son mot d'accueil, le Gouverneur de la province de Butanyerera, le Général de Brigade de Police Victor SEGASAGO, a indiqué que la province qu’il dirige demeure paisible et que la population reste mobilisée autour des activités de développement conformément à la vision du Burundi émergent et développé.

Il a salué les efforts du Gouvernement visant à rapprocher davantage l’administration des citoyens, tout en précisant que l’administration provinciale poursuit les descentes de proximité afin d’assurer des services publics efficaces et accessibles à tous.

Le Gouverneur Victor SEGASAGO a, par ailleurs, appelé les responsables administratifs à servir la population sans discrimination, particulièrement dans le règlement des conflits, dans le strict respect de la justice et de l’équité. Il a également évoqué les défis liés au manque d’infrastructures administratives et d’équipements de travail dans certains services communaux.

La réunion s’est poursuivie à huis clos.

Photos from Province Butanyerera's post 09/05/2026

Imbonerakure ziga muri za Kaminuza zivuka muri zone Rugazi zatunganije igikorwa co gufasha abenegihugu batishoboye mu kubaronsa amakarata yo kwivurizako (CAM).

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Rusama 2026, imbonerakure ziga muri za Kaminuza zivuka muri zone Rugazi, komine Kayanza, zigiye hamwe n’indongozi z’umugambwe Cndd-Fdd muri iyo zone, zatunganije igikorwa co gutanga amakarata yo kwivurizako (CAM) ku benegihugu bafise amikoro make, mu ntumbero yo kubafasha kuronka ubuvuzi biboroheye.

Ico gikorwa cari kirongowe na Céléstin NDUWAYO, aserukira umuhari w’Imbonerakure muri komine Kayanza, ari kumwe na BAYUBAHE Pierre, Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD muri zone Rugazi.

Mu majambo yiwe yo kwakira abari bitavye ico gikorwa, BAYUBAHE Pierre yashimiye cane urwo rwaruka rwiga muri za Kaminuza ku bwitange no ku mutima wo gukunda igihugu rwerekanye, mu gufasha abenegihugu bafise amikoro make bo mu karere bavukamwo. Yabasavye kuguma bibuka iyo bakomoka no gukomeza ibikorwa vy’iterambere bifitiye akamaro igihugu n’abanegihugu.

Yongeye kandi gushima uruhara rw’ubuserukizi bw’imbonerakure muri zone Rugazi, burongowe na NIYOYITUNGIRA Benjamin, ku kuntu bwakiriye neza ico ciyumviro co gufasha abenegihugu, anaboneraho kubasaba gukomeza kwiyumvira imigambi iteza imbere imibano n’iterambere ry’igihugu.

Nayo Céléstin NDUWAYO, aserukira umuhari w’Imbonerakure muri komine Kayanza, yarakeje izo mbonerakure ku bwitange no ku rukundo rw’igihugu zagaragaje, naho zifise uburyo buke. Yaboneyeho kuzisaba kwama zifatanya n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere, cane cane ibikorwa bitsimbataza imibano myiza n’amagara y’abantu.

Yanibukije kandi abaronse ayo makarata ko bayabungabunga neza kuko ari imfashanyo ikomeye izobafasha kwivuza bitabagoye.

Tubamenyeshe ko ico gikorwa catanguriye muri zone Kayanza, kikaba kizobandanya no mu yandi ma zone mu ntumbero yo gushigikira imibano myiza y’abenegihugu.

Ico gikorwa kandi kije gushigikira no gushimangira intumbero nyamukuru yatanzwe na Buramatari w’Intara ya Butanyerera Gén Bde Pol Victor Segasago, yo kubona umwenegihugu wese wo mu ntara abaho afise uburyo bwo kwivuza biciye mu mashirahamwe yo gufashanya mu kwivuza, kugira ntihagire uwusigara inyuma mu bijanye n’amagara y’abantu n’iterambere ry’imibano.
Province Butanyerera
Présidence - République du Burundi
Cndd-Fdd Butanyerera





Photos from Province Butanyerera's post 09/05/2026

Abanyeshure bo mu bwoko bw'Abatwa baronkejwe ibikoresho vy'ishure
--------------------------------------
Umugambi Merankabandi, usanzwe witaho cane cane imiryango y'amikoro make, waronkeje kuri uyu munsi wa gatanu, igebekerezo rya 8 Rusama 2026, ibikoresho vy'ishure abanyeshure b'Abatwa 476, bo mu mazone ya Mubogora, Muhanga na Mibazi ya komine .

Umunyeshure umwe wese akaba yaronkejwe ikaye 15, amakaramu atanu, akabweta karimwo bikoresho vy'ivyigwa vy'ibiharuro( boite mathématicale) hamwe n'umwambaro w'ishure(uniforme).

Abaserukiye umugambi Merankabandi bakaba bashikirije ko ivyo bikoresho bitanzwe mu ntumbero yo gufasha imiryango y'abo banyeshure, kwitegurira neza umwaka w'ishure uza w'2026-2027.

MINANI Abdallah, umuhanuzi wa Musitanteri ajejwe ibibazo vya poritike, yatanze impanuro kuri iyo miryango zijanye no kubungabunga ivyo bikoresho, mu kudahirahira ngo babigurishe, kuko ari ingabire ikomeye ije kworohereza abo banyeshure bakunze guheba amashure bitwaza ko atabikoresho baronka. Ivyo akaba yabihanuye abavyeyi b'abo banyeshure kuko bari baje babaherekeje.

Abo baronkejwe ivyo bikoresho bakaba bashima uruhara rwa Leta y'Uburundi, kuko ikorana n'amashirahamwe afasha mw'iterambere. Abo bavyeyi bakemera ko bagiye kuba hafi abana babo kugira bijukire ishure gutyo batere imbere nk'abandi bana bose b'Uburundi narirya ivyahora bibagoye babironkejwe.

Igikorwa nk'ico kikazobandanya no ku bandi banyeshure bo muri ubwo bwoko bo muyandi mazone asigaye.
Province Butanyerera
Présidence - République du Burundi





Photos from Province Butanyerera's post 08/05/2026

: Umukuru w’Igihugu yagiranye inama n’indongozi z’ibisata bitandukanye zikorera mu Ntara ya Butanyerera

Mu rukurikirane rw’inama Umukuru w’Igihugu c’Uburundi n’indongozi z’ibisata bitandukanye zikorera mu ntara z’igihugu, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Rusama 2026, Perezida wa Republika y’Uburundi, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, yagirishije inama indongozi z’ibisata bitandukanye zikorera mu Ntara ya Butanyerera.

Mu majambo yiwe, Umukuru w’Igihugu yamenyesheje ko intumbero nyamukuru y’izo nama ari uguhanahana ivyiyumviro no kwigishanya uburyo bwotuma intara zirushirizaho gutera imbere, mu gihe vyamaze kugaragara ko kugira Abarundi bashike ku ntumbero bihaye, bisaba guhindura ingendo n’uburyo bwo gukora.

Yashimye intambwe imaze guterwa n’indongozi mu guhindura imikorere, aho yavuze ko ubu abenegihugu bagenda bagabanya ibibazo bamushikiriza kubera ko indongozi zisigaye zegera abanyagihugu, zikumviriza ibibazo vyabo kandi zigashira inguvu mu kubitorera inyishu ziboneka.

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yagarutse kandi ku ngorane zimwe zimwe zibangamiye iterambere ry’igihugu, harimwo amashirahamwe amwe amwe amara igihe kinini akorera ku butaka bw’Uburundi canke mu bice vy’akazi yaronkejwe, ariko ibikorwa vyayo ntibigaragaze umwimbu ufatika ku buzima bw’abenegihugu.

Mw’ijambo ry’ikaze, Buramatari w’Intara ya Butanyerera, Général de Brigade de Police Victor SEGASAGO, yamenyesheje ko intara irongoye itekanye kandi ko abenegihugu bose bari ku bikorwa vy’iterambere bisunze Imbonakazoza y’Uburundi bwifashe kandi buteye imbere.

Yashimye kandi uburyo Leta y’Uburundi ibandanya kwegera abenegihugu mu kubashikiriza ubutegetsi n’akazi ka Leta, yongera amenyesha ko ubuyobozi bw’intara bubandanya kwegera no kwishikira ku kivi kugira ngo abenegihugu baronke serivisi zibereye kandi zinyaruka.

Buramatari w’intara yahamagariye indongozi zose gukorera abenegihugu ata kurobanura, cane cane mu gutatura amatati hisunzwe ukuri n’ubutungane. Yanashikirije ko bamwe mu bajejwe ibisata bitandukanye mu makomine bagifise ikibazo c’aho bakorera hamwe n’ikena ry’ibikoresho bikenewe mu kazi ka minsi yose.
Mwomenya ko iyo nama yaciye ibandanya mu mwiherero.

Province Butanyerera
Présidence - République du Burundi

Photos from Province Butanyerera's post 08/05/2026

𝗞𝗼𝗺𝗶𝗻𝗲 𝗠𝗮𝘁𝗼𝗻𝗴𝗼 𝘆𝗮𝘁𝗮𝗻𝗴𝘂𝘆𝗲 𝗶𝗻𝘆𝗶𝗴𝗶𝘀𝗵𝗼 𝘇𝗼 𝗴𝘂𝗸𝗮𝗿𝗶𝗵𝗶𝗿𝗶𝘇𝗮 𝘂𝗯𝘂𝗺𝗲𝗻𝘆𝗶 𝗮𝗯𝗮𝗿𝗼𝗻𝗴𝗼𝘇𝗶 𝗯’𝗮𝗺𝗮 𝗦𝗼𝗰𝗶é𝘁é 𝗖𝗼𝗼𝗽é𝗿𝗮𝘁𝗶𝘃𝗲 𝗦𝗮𝗻𝗴𝘄𝗲

Mu ntumbero yo gukomeza no kunagura ama Société Coopérative Sangwe akorera ku mitumba yose igize Komine Matongo, kuri uno wa kane igenekerezo rya 07 Rusama 2026, hatanguye inyigisho zigenewe abagize Komite nshingwantwaro hamwe na nkenguzabikorwa z’ayo makoperative.

Izo nyigisho zatunganijwe n’uburongozi bwa Komine Matongo bufadikanije n’abahinga bo mu kigo ANACOOP, zikaba zabereye muri Zone Ruganza ku barundi bo muri zone Ruganza, Kabuye na Burarana, mu gihe abo muri zone Gatara, Ngoro na Mbirizi bakoraniye muri zone Gatara.

Nk’uko vyashikirijwe na NSABIYUMVA J. Paul, umuhinga muri ANACOOP ajejwe gukurikirana no gutunganya neza amakoperative, abitavye izo nyigisho bariko barakarihirizwa ubumenyi ku bijanye n’intwaro n’itunganywa ry’ubutunzi bw’ama Société Coopérative, kumenya neza inshingano z’umwe wese hamwe n’uruhara rwiwe mu guteza imbere ayo makoperative.

Yongeyeko ko intumbero nyamukuru y’izo nyigisho ari ugufasha abarongoye amakoperative gukora mu buryo butomoye kandi bubereye, kugira ayo makoperative abe inkingi y’iterambere ku mitumba no mu gihugu cose.

Izo nyigisho zizobandanya kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 08 Rusama 2026, aho ama zone ya Butaganzwa, Ninga na Nyabibuye azokoranira muri zone Nyabibuye, mu gihe ama zone ya Banga na Busangana azokorera muri zone Busangana.

Uburongozi bwa Komine Matongo bwasavye abariko bararonka izo nyigisho kuzokoresha neza ubumenyi bariko barahabwa, babushire mu ngiro kugira ama Société Coopérative Sangwe yo ku mitumba arushirizeho gutunganywa neza, bityo abe umushinge w’iterambere rirama rya Komine Matongo n’iry’igihugu cose muri rusangi.

#𝗕𝘂𝘁𝗮𝗻𝘆𝗲𝗿𝗲𝗿𝗮
#𝗠𝗮𝘁𝗼𝗻𝗴𝗼
#𝗜𝘁𝗲𝗿𝗮𝗺𝗯𝗲𝗿𝗲

Photos from Présidence - République du Burundi's post 08/05/2026
Photos from Province Butanyerera's post 07/05/2026

#𝗕𝘂𝘁𝗮𝗻𝘆𝗲𝗿𝗲𝗿𝗮 : Le Gouvernement du Burundi et CARE International Burundi renforcent la dynamique de promotion des centres pour jeunes

Dans les enceintes de l’Hôtel Musumba, en commune Kayanza, ce jeudi 07 mai 2026, le Ministère ayant la Jeunesse dans ses attributions, en collaboration avec l’organisation CARE International , a organisé une réunion regroupant les autorités administratives de la Province Butanyerera, les Administrateurs communaux ainsi que les Chefs de départements chargés notamment de l’entrepreneuriat des jeunes.

Cette activité s’inscrit dans le cadre du projet , appuyé par l’ Ambassade des Pays-Bas au Burundi.

L’objectif principal de cette rencontre était d’échanger sur la mise en place des comités de gestion des centres pour jeunes ainsi que sur les stratégies visant à renforcer davantage les actions de promotion de la jeunesse dans la province Butanyerera.

Dans son mot d’accueil, le Conseiller du Gouverneur de la province #𝗕𝘂𝘁𝗮𝗻𝘆𝗲𝗿𝗲𝗿𝗮 chargé des affaires juridiques et politiques, Monsieur Cyriaque NIKOYAGIZE, a indiqué que la province apprécie particulièrement les initiatives orientées vers la promotion de la jeunesse, notamment le projet Turikumwe1 qui contribue au renforcement des capacités des centres pour jeunes ainsi qu’à l’amélioration des conditions de vie des jeunes.

Il a souligné que l’administration provinciale continuera à soutenir toutes les initiatives visant l’autonomisation des jeunes, la lutte contre les comportements à risque, la promotion de la santé sexuelle et reproductive ainsi que l’implication active de la jeunesse dans le développement du pays. Il a également rappelé que la synergie entre le Gouvernement, les partenaires et la population constitue un pilier essentiel pour atteindre les objectifs nationaux de développement de la jeunesse.

Prenant la parole au nom de Care International Burundi, le Docteur Félicien Ndimubansi a salué l’implication remarquable des autorités administratives dans la mise en œuvre du projet Turikumwe1 depuis son lancement.

Il a également félicité la province Butanyerera pour son engagement dans l’élaboration du manuel de gestion des centres pour jeunes, un document qui sert désormais de référence au niveau national pour l’organisation et le fonctionnement de ces centres.

Le Dr Félicien Ndimubansi a par ailleurs précisé que le projet Turikumwe1 appuie 26 centres pour jeunes répartis dans toutes les communes de la province Butanyerera, dont 8 seront transformés en centres de référence à l’échelle provinciale.

Il a expliqué que, dans le souci de rendre ces centres pleinement opérationnels et capables de contribuer efficacement à l’autonomisation des jeunes, le projet a déjà mis en place des réseaux de coopératives qui fonctionneront autour des centres de référence afin de soutenir les jeunes dans les activités génératrices de revenus et la lutte contre la pauvreté, considérée parmi les facteurs favorisant plusieurs défis liés à la santé sexuelle et reproductive.

Il a ajouté que le projet prévoit également l’appui de ces centres en équipements modernes et autres matériels nécessaires afin de permettre aux jeunes d’y trouver un véritable cadre d’apprentissage, d’épanouissement et d’innovation.

Le Secrétaire Permanent au Ministère ayant la Jeunesse dans ses attributions, Monsieur Jacob Riziki, a indiqué que cette réunion visait principalement les échanges autour de la mise en place des comités de gestion des centres pour jeunes ainsi que l’élaboration d’une feuille de route destinée à renforcer leur fonctionnement et leur contribution au développement de la jeunesse.

Il a reconnu que les centres pour jeunes font face à plusieurs défis, notamment le manque d’équipements modernes liés aux nouvelles technologies ainsi que l’insuffisance des matériels nécessaires à leur bon fonctionnement. Il a ainsi remercié l’ensemble des partenaires qui accompagnent le Gouvernement dans les efforts de promotion de la jeunesse burundaise.

Les participants à cette réunion ont également formulé plusieurs recommandations, notamment la nécessité de faire des centres pour jeunes de véritables espaces d’apprentissage, d’innovation et d’entrepreneuriat au service des jeunes. Ils ont plaidé pour un renforcement des moyens matériels et financiers afin de garantir le bon fonctionnement de ces centres et permettre aux jeunes d’acquérir des compétences favorisant l’auto-emploi et leur participation active au développement national.

Ils ont en outre recommandé que les autorités administratives s’approprient pleinement les activités des centres pour jeunes et que les futurs comités de gestion travaillent en étroite collaboration avec l’administration et les partenaires afin que ces centres deviennent de véritables moteurs de développement et d’épanouissement pour la jeunesse.

Présidence - République du Burundi

Photos from Province Butanyerera's post 07/05/2026

𝗟’𝗼𝗿𝗴𝗮𝗻𝗶𝘀𝗮𝘁𝗶𝗼𝗻 𝗙𝗼𝗼𝗱 𝗳𝗼𝗿 𝘁𝗵𝗲 𝗛𝘂𝗻𝗴𝗿𝘆 𝗮 𝗼𝗿𝗴𝗮𝗻𝗶𝘀é 𝘂𝗻 𝗮𝘁𝗲𝗹𝗶𝗲𝗿 𝗱𝗲 𝗿𝗲𝗻𝗳𝗼𝗿𝗰𝗲𝗺𝗲𝗻𝘁 𝗱𝗲𝘀 𝗰𝗮𝗽𝗮𝗰𝗶𝘁é𝘀 𝗱𝗲𝘀 𝘃𝗼𝗹𝗼𝗻𝘁𝗮𝗶𝗿𝗲𝘀 𝗰𝗵𝗮𝗿𝗴é𝘀 𝗱𝘂 𝘀𝘂𝗶𝘃𝗶 𝗱𝗲𝘀 𝗲𝗻𝗳𝗮𝗻𝘁𝘀

L’organisation chrétienne Food for the Hungry (FH) a organisé, du 06 au 07 mai 2026, un atelier de deux jours destiné aux volontaires chargés du suivi des enfants appuyés à travers le Programme intégré axé sur la sécurité alimentaire(Création d'actif: Agri-Elevage, AGR, etc), l’éducation(Apprentissage productif: Apprenons à lire, etc)ainsi que la santé et la nutrition((Bien-être physique et mental), dans les communes de Matongo et Kiremba, en province Butanyerera.

Dans son intervention, le Coordinateur de l’organisation FH à Nyamurenza, Monsieur Bonaventure Ngendakumana Bonaventure, a indiqué que cet atelier vise à renforcer les capacités des volontaires afin qu’ils accomplissent efficacement leur mission de mise en relation entre les enfants bénéficiaires et leurs parrains à travers les échanges de correspondances, dans le but d’améliorer davantage l’impact du programme sur les enfants et leurs familles.

Il a précisé que ce programme est mis en œuvre sur 19 collines de la commune Matongo ainsi que sur 23 collines de l’ancienne Commune de Nyamurenza, actuellement intégrée dans la commune Kiremba. À ce jour, le programme accompagne 3 499 enfants bénéficiaires.

Monsieur Bonaventure Ngendakumana a également souligné que les appuis issus de ce programme contribuent significativement à l’amélioration des conditions de vie des populations bénéficiaires, notamment dans les secteurs de l’agriculture et de l’augmentation de la production, de la santé, de l’éducation ainsi que de la nutrition.

Il a ajouté que les participants à cette formation vont poursuivre leur mission d’accompagnement des enfants et de leurs familles en facilitant les échanges avec les partenaires donateurs à travers les correspondances, une démarche qui contribue au soutien des projets de développement communautaire dans les zones d’intervention du programme.

Cet atelier a constitué une opportunité de renforcement des compétences des volontaires afin de leur permettre d’assurer avec davantage d’efficacité leurs responsabilités dans l’amélioration du bien-être des enfants et de leurs familles, tout en contribuant à la promotion d’un développement durable au sein des communautés bénéficiaires.

Photos from Province Butanyerera's post 07/05/2026

#𝗕𝘂𝘁𝗮𝗻𝘆𝗲𝗿𝗲𝗿𝗮 : Mu nyubakwa za Hotel Musumba mu gisagara ca Kayanza, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Rusama 2026, Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo Urwaruka bugiye hamwe n’ishirahamwe Care International Burundi, bwatunganije inama yahuje abajejwe intwaro mu ntara ya Butanyerera, ba Musitanteri hamwe n’abarongoye ibisata mu vyo bijwejwe harimwo ukwihangira imirimo, mu ntumbero yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ishirwaho ry’amakomite nyobozi y’ibigo vy’urwaruka hamwe no gukomeza ibikorwa vy’iterambere ry’urwaruka mu ntara ya Butanyerera.

Ico gikorwa caranguwe mu mugambi ufashwe mu mugongo n'Ubuserukizi bw'Ingoma y'Ubwami bw'Ubuhorande mu Burundi( Ambassade des Pays-Bas au Burundi)

Mw’ijambo ryo kwakira abash*tsi, Umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Butanyerera ajejwe amategeko na politike, Cyriaque NIKOYAGIZE, yashikirije ko intara ya Butanyerera ishima cane imigambi iteza imbere urwaruka, na canecane umugambi Turikumwe1 uriko urafasha mu gukomeza ubushobozi bw’ibigo vy’urwaruka no guteza imbere imibereho myiza y’urwaruka.

Yavuze ko uburongozi bw’intara buzobandanya gushigikira imigambi yose igamije gufasha urwaruka kwiteza imbere, kwirinda ingeso mbi, gutezimbere irondoka rijanye n'amagara meza no kugira uruhara mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu. Yongeyeko kandi ko ubufatanye hagati ya Reta, abafatanyabikorwa hamwe n’abenegihugu ari inkingi ntasubirizwa mu gushika ku migambi igihugu cihaye yo guteza imbere urwaruka.

Kw’izina ry’ishirahamwe Care International Burundi, Muganga Félicien Ndimubansi yashikirije ko ashimishwa cane n’ukuntu abajejwe intwaro bafashe umugambi wa Turikumwe1 nk’uwabo, bakanawushigikira ku buryo buboneka kuva utanguye gushirwa mu ngiro.

Yaboneyeho kandi gushima uburyo intara ya Butanyerera yakiranye igishika umugambi Turikumwe 1, hamwe n’intererano y’umwumwe wese yagiye aratanga mu gutegura igitabu cerekana ukuntu ibigo vy’urwaruka bizoba vyifashe, ubu kikaba mbere caramaze gushirwa mu bitabu vyisungwa mu gutunganya neza ibigo vy’Urwaruka ku rwego rw’igihugu.

Muganga Félicien Ndimubansi yavuze kandi ko umugambi Turikumwe1 uzofasha ibigo vy’urwaruka 26 biri mu makomine yose agize intara ya Butanyerera, muri vyo hakazotorwamwo ibigo 8 bizohindurwa ibigo vy’akarorero ku rwego rw’intara yose. Yamenyesheje ko kugira ivyo bigo bikore neza kandi bibe ibishobora guteza imbere urwaruka koko, ko uwo mugambi wamaze gushiraho amahuriro y'amakoperative azokorera hafi y’ivyo bigo vy’akarorero kugira bifashe urwaruka kwiteza imbere no kwirinda ubukene, na cane cane ko aribwo buri mu bituma ibibazo bitari bike bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza bibandanya kwibonekeza.

Yongeyeko ko uwo mugambi uzofasha kandi ivyo bigo mu kubironsa ibikoresho bijanye n’ubuhinga bwa none n’ibindi bikoresho nkenerwa bizotuma urwaruka rurushirizaho kuvyitabira no kubibonamwo inyungu n’iterambere rusangi.

Umunyamabanga Ntayegayezwa mu bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo urwaruka, Jacob Riziki, yashikirije ko intumbero nyamukuru y’iyo nama ari uguhanahana ivyiyumviro ku bijanye n’ishirwaho ry’amakomite nyobozi y’ibigo vy’urwaruka n’urupapuro rw’inzira (feuille de route) kugira birushirizeho gukora neza no gushigikira iterambere ry’urwaruka.

Yavuze kandi ko ibigo vy’urwaruka vyagiye birahura n’ingorane zitandukanye, harimwo ukubura ibikoresho bigezweho bijanye n’ubuhinga bwa none hamwe n’ibindi bikoresho nkenerwa, aca ashimira abafatanyabikorwa bose bariko barashigikira Reta mu guteza imbere urwaruka rw’Uburundi.

Abitavye iyo nama na bo nyene batanze intererano zitandukanye, basaba ko ibigo vy’urwaruka vyoba koko ibigo bigenewe gukorerwamwo ibikorwa bizanira inyungu Urwaruka kandi bikanaronswa uburyo n’ibikoresho bikwiye kugira bikore neza, urwaruka ruronswe inyigisho n’ubumenyi bizobafasha kwihangira imirimo no kugira uruhara rugaragara mu bikorwa vy’iterambere.
Basavye kandi ko ibikorwa vy’Urwaruka co kimwe n’ibigo vy’Urwaruka abajejwe intwaro bobigira rwabo kandi amakomite nyobozi azoshirwaho akazoba ayakorana neza n’abajejwe intwaro hamwe n’abafatanyabikorwa kugira ivyo bigo bize bishobore gukorerwamwo koko ibizanira ineza Urwaruka.

Iyo nama yabaye akaryo keza ko gukomeza gutsimbataza ubufatanye hagati ya Reta n’abafatanyabikorwa mu gushigikira imigambi iteza imbere urwaruka no kurwubakira kazoza keza.
Province Butanyerera
Présidence - République du Burundi

Want your business to be the top-listed Government Service in Kirundo?

Click here to claim your Sponsored Listing.

Location

Telephone

Website

Address


Info@provincebutanyerera. Gov. Bi
Kirundo