06/11/2026
Ikigo Office Burundais des Recettes caratunganije kuwa 5 na 6 Munyonyo mu ma komine ya Nyanza na Rumonge y’intara ya Burunga, inama nyigisho zo gusigurira adadandaza na canecane abakora urudandazwa ndengambibe, ubuhinga bwo kwiharurira amakori n’amatagisi arihirwa muri duwani, urubuga rwo kurabirako amakuru yose ajanye n’urudandazwa hamwe no kumenya ingene bashobora kwinjira mu mugwi w’abadandaza b’akarorero bita Opérateurs Économiques Agréés.
Nk’uko Consolée Uwajeneza, akorera mu gisata c’imigambi ya Duwani muri OBR yabisiguye mu gutanguza izo nama, « Izi nyigisho zije kugira zifashe abadandaza, boroherwe, bakorere mu muco hama gutanga amakori n’amatagisi biborohere kandi bikurikize amategeko. »
Mu nyigisho zatanzwe, abadabdaza basabwa kwama baraba ku rubuga PIC kugira bamenye neza ivyo basabwa mu gusohora canke kwinjiza ibidandazwa mu gihugu.
Bikuru bikuru dusanga kuri PIC harimwo ibijanye n'impusha n'impapuro zisabwa, Aho uzironderera, umwanya n'amafranga bigutwara hamwe no kuraba hakiri kare igiharuro ngereranyo c'amakori canke amatagisi uzosabwa muri duani.
Abadandaza rero bashaka kworoherwa, ngo boca basaba kwinjira mu muri w'abatangakori bemejwe bita Opérateurs Économiques agréés. Mu kuja muri uwo murwi, urabisaba hama hafakorwa isuzumwa ryimbitse, basanze watanze amakori n'amatagisi neza mu myaka itatu uca wemerwa. Gutyo ukaronka uburusho butandukanye.
Iri sekeza ryo kwigishanya rizobandanya no mu zindi ntara z'igihugu.